Timoteyo wa kabiri 3:1-17

  • Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe (1-7)

  • Gukurikiranira hafi akarorero ka Pawulo (8-13)

  • «Ugume mu vyo wize» (14-17)

    • Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana (16)

3  Mugabo umenye yuko mu misi ya nyuma+ hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.  Kuko abantu bazoba bikunda, bakunda amahera, bishima, bibona, bavuga nabi Imana n’abantu*, bagambararira abavyeyi, ari intashima, ibihemu,  badakunda ababo, badashaka kwumvikana na gato, bambika ibara abandi, batigumya, ari inkazi, badakunda iciza,  bagirira nabi abagenzi babo*, ari intumva, bivyimvya, bakunda ivyo kwinezereza aho gukunda Imana,  basa n’abantu bubaha Imana mugabo ntibabeho nk’abayubaha*+. Abo rero ubace kure.  Muri abo ni ho hava ba bantu bacengetera ku rwenge mu ngo, bakigarurira abagore bagoyagoya baremerewe n’ibicumuro kandi batwarwa n’ivyipfuzo bitandukanye.  Abo bagore bama biga yamara ntibigera bamenya neza ukuri.  Abo bantu barwanya ukuri nka kumwe Yane na Yambure barwanya Musa. Ni abantu bononekaye rwose mu bwenge, abantu batemerwa n’Imana mu bijanye n’ukwizera.  Yamara rero, ntibazorenga aho kuko ubusazi* bwabo buzokwibonekeza cane kuri bose, nk’uko vyagenze kuri abo bagabo babiri+. 10  Mugabo wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingene mbayeho+, intumbero yanje mu buzima, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje, 11  uruhamo n’imibabaro vyanshikiye i Antiyokiya+, muri Ikoniyo+ n’i Lusitira+. Narihanganiye urwo ruhamo kandi Umukama yararunkijije rwose uko rungana+. 12  Mu vy’ukuri, abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana kandi bunze ubumwe na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa+. 13  Mugabo abantu b’ababisha be n’abiyorobetsi* bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa+. 14  Ariko weho, ugume mu vyo wize, wumvishijwe maze ukavyemera+, kuko uzi neza ababikwigishije. 15  Urazi kandi ko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda+, bimwe bishobora gutuma uba inkerebutsi biciye ku kwizera Kristu Yezu maze ukaronka ubukiriro+. 16  Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana+ kandi ni ngirakamaro mu kwigisha+, mu gukosora* umuntu, mu kugorora* ibintu no mu gutoza indero hisunzwe ibigororotse+, 17  kugira umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose kugira akore igikorwa ciza cose.

Utujambo tw'epfo

Canke «barogota.»
Canke «abaguranyi.»
Mu kigiriki havuga ngo «bakihakana ububasha (bw’ukwo kwubaha Imana).»
Canke «ubupfu.»
Canke «abangushi», «ababeshi.»
Canke «gukangira.»
Canke «gutunganya.»