Imigani 12:1-28

  • Uwanka gukosorwa ntagira ubwenge (1)

  • «Amajambo avuzwe ata kwiyumvira ameze nk’ugucumita kw’inkota» (18)

  • Kuremesha amahoro bizana umunezero (20)

  • Umuntu avuga ibinyoma arashisha Yehova (22)

  • Amaganya araremera umutima (25)

12  Uwukunda indero* aba akunda ubumenyi+,ariko uwanka gukosorwa ntagira ubwenge*+.   Yehova arakunda umuntu mwiza,ariko uwupanga gukora ikibi azomukubita intahe mu gahanga+.   Ububisha ntibushobora gutuma umuntu atekana+,ariko umugororotsi ntazokwigera arandurwa.   Umugore abishoboye ni urugori ku mugabo wiwe+,ariko umugore akora ibiteye isoni ni nk’indwara ituma amagufa yiwe abungwa+.   Ivyiyumviro vy’abagororotsi biragororotse,ariko impanuro z’ababisha zirazimiza.   Amajambo y’ababisha ni umutego wica*+,ariko akanwa k’abagororotsi karabakiza+.   Iyo ababisha bakuweho ntibasubira kubaho,ariko inzu y’abagororotsi izoguma ihagaze+.   Umuntu yiyubara mu vyo avuga arashemezwa+,ariko uwufise umutima ugoramye arasuzugurwa+.   Umuntu yopfuma yubahwa buhoro ariko afise umusuku,hako yishira hejuru kandi atagira n’ico arya*+. 10  Umugororotsi aritaho ibitungwa vyiwe+,ariko umubisha n’iyo agize impuhwe haba harimwo ububisha. 11  Uwurima itongo ryiwe azohaga ibifungurwa+,ariko uwishinga ibintu bitagira akamaro ntagira ubwenge*. 12  Umubisha yipfuza ivyo abandi banyakibi bafashe,ariko umuzi w’abagororotsi urama ivyamwa. 13  Amajambo mabi y’umunyakibi ni yo amubera umutego+,ariko umugororotsi aririnda ivyago. 14  Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma ahaga ivyiza+,kandi ibikorwa vy’amaboko yiwe bituma aronka impera. 15  Ikijuju kibona yuko inzira yaco igororotse+,ariko umunyabwenge* aremera impanuro*+. 16  Ikijuju cerekana ishavu ryaco ubwo nyene*+,ariko umunyabwenge arirengagiza* igitutsi. 17  Icabona cizigirwa kivuga ukuri*,ariko icabona c’ikinyoma kivuga ububeshi. 18  Amajambo umuntu avuze atiyumviriye ameze nk’ugucumita kw’inkota,ariko ururimi rw’umunyabwenge* ruravura+. 19  Iminwa ivuga ukuri izokwamaho ibihe vyose+,ariko ururimi rubesha rumara akanya gato gusa+. 20  Umutima w’abategura ikibi wuzuyemwo ibinyoma,ariko abaremesha amahoro bifitiye umunezero+. 21  Nta kibi na kimwe kizoshikira umugororotsi+,ariko ababisha bazoshikirwa n’ivyago vyinshi+. 22  Umuntu avuga ibinyoma arashisha Yehova+,ariko umuntu w’umwizigirwa aramuhimbara. 23  Umunyabwenge arahisha ivyo azi,ariko umutima w’ikijuju usuka ubujuju bwaco+. 24  Ukuboko kw’abanyamwete kuzoganza+,ariko amaboko y’ibinebwe azokora ibikorwa vy’agahato+. 25  Amaganya mu mutima w’umuntu arawuremera*+,ariko ijambo ryiza rirawunezereza+. 26  Umugororotsi arasuzuma uburagiro bwiwe,ariko inzira y’ababisha irabazimiza. 27  Ibinebwe ntivyiruka inyuma y’ico bihiga+,ariko umwete ni ubutunzi bw’agaciro. 28  Inzira y’ubugororotsi ishikana ku buzima+,kandi muri yo nta rupfu ruhari.

Utujambo tw'epfo

Canke «aba ari ikijuju.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni umutego uvisha amaraso.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntagira umutima.»
Canke «aremera ko bamugira inama.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «uwo musi nyene.»
Mu giheburayo havuga ngo «arapfuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibigororotse.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «atuma adendebukirwa.»