Abakorinto ba mbere 15:1-58

  • Izuka rya Kristu (1-11)

  • Izuka ni ryo shimikiro ry’ukwizera (12-19)

  • Izuka rya Kristu ni icemeza c’uko hari izuka (20-34)

  • Umubiri w’inyama, umubiri w’impwemu (35-49)

  • Ukudapfa n’ukutabora (50-57)

  • Mukore vyinshi mu gikorwa c’Umukama (58)

15  Ubu rero bavukanyi, ndabibukije inkuru nziza nabamenyesheje+, imwe kandi mwemeye, mukayishigikira.  Vyongeye, biciye kuri iyo nkuru nziza nabamenyesheje, muriko murakizwa, mukire kuguma muyumiyeko. Atari ukwo mwoba mwizereye ubusa.  Kuko mu bintu vya mbere nabahaye harimwo ivyo nanje nahawe, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga+,  ko yahambwe+, kandi ko yazuwe+ ku musi ugira gatatu+ nk’uko Ivyanditswe bivuga+,  be n’uko yiyeretse Kefa*+, hanyuma bamwe cumi na babiri+.  Inyuma y’ivyo, yiyerekeye icarimwe abavukanyi barenga 500+, benshi muri bo bakaba bakiri kumwe natwe, naho bamwe bamaze gusinzira mu rupfu.  Mu nyuma yiyeretse Yakobo+, maze yiyereka intumwa zose+.  Mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse+ meze nk’umwana yavutse atageze.  Kuko ndi uwo hasi cane mu zindi ntumwa, kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana+. 10  Mugabo bivuye ku buntu buhebuje* Imana yangiriye, ndi ico ndi. Kandi ubwo buntu yangiriye ntibwabaye impfagusa, kuko nabize akuya kubarusha bose. Yamara si jewe ahubwo ni ubuntu buhebuje Imana yangiriye buri kumwe nanje. 11  Rero yaba jewe canke bo, ubwo ni bwo butumwa twamamaza kandi ni bwo namwe mwizeye. 12  Nimba rero turiko turamamaza ko Kristu yazuwe mu bapfuye+, bishoboka bite ngo bamwe muri mwebwe bavuge ko ata zuka ry’abapfuye ririho? 13  Nimba vy’ukuri ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero ntiyazuwe. 14  Mugabo nimba Kristu atazuwe, mu vy’ukuri ivyo twamamaza ni ivy’ubusa, n’ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa. 15  Vyongeye, nimba vy’ukuri abapfuye batazurwa, duca tuba ivyabona vy’Imana+ bivuga ikinyoma, kuko twashinze intahe y’ikinyoma tuvuga ko Imana yazuye Kristu+ kandi itamuzuye. 16  Kuko nimba abapfuye batazurwa, na Kristu ntiyazuwe. 17  Vyongeye, nimba Kristu atazuwe, ukwizera kwanyu nta co kumaze. Muracari mu bicumuro vyanyu+. 18  N’ikindi kandi, abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Kristu bagiye akagirire+. 19  Asangwa twizigiye Kristu ngo tuzotahire ubu buzima bwonyene, turateye akagongwe kuruta abandi bose. 20  Ariko noneho Kristu yarazuwe mu bapfuye, aba uwa mbere* mu basinziriye mu rupfu+. 21  Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu+, n’izuka ry’abapfuye rizanana ku muntu+. 22  Kurya nyene abantu bose bapfa kubera Adamu+, ni ko abantu bose bazogirwa bazima kubera Kristu+. 23  Mugabo umwe wese ni ku mwanya wiwe: Kristu ni we atangura*+, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukugaruka* kwiwe+. 24  Amaherezo azoca ashikiriza Ubwami Imana yiwe ari yo Se, amaze guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose+. 25  Kuko ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe+. 26  Kandi urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho+. 27  Kuko Imana «yashize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.» Mugabo igihe ivuga ko ibintu vyose vyatanzwe ngo biganzwe+, biraboneka yuko hatarimwo uwamuhaye vyose ngo abiganze+. 28  Mugabo igihe ibintu vyose Umwana azoba yabihawe ngo abiganze, na we ubwiwe azokwemera kuganzwa n’uwamuhaye kuganza ibintu vyose+, ngo Imana ibe vyose ku bantu bose+. 29  Ahandiho, ababatizwa kugira babe abapfuye, bizobagendera gute+? Nimba abapfuye batazokwigera bazurwa, kubera iki none babatizwa kugira babe abapfuye? 30  Kubera iki kandi twama mu kaga igihe cose*+? 31  Buri musi mpangana n’urupfu. Ni ko biri bavukanyi nka kurya nyene ndabishimira muri Kristu Yezu Umukama wacu. 32  Nimba narwanye n’ibikoko i Efeso+ cokimwe n’abandi bantu*, bimariye iki? Nimba abapfuye batazurwa, «turye, tunywe kuko ejo tuzopfa+ 33  Ntimuzimizwe. Kwifatanya n’abantu babi vyonona ingeso nziza*+. 34  Nimugarure akenge mukore ibigororotse kandi mwirinde kuza muracumura, kuko bamwe muri mwebwe batazi Imana. Ivyo ndabivuze kugira ngo mumaramare. 35  Yamara hari uwovuga ati: «None abapfuye bazozurwa gute? Mbega bazoza bafise umubiri bwoko ki+ 36  Wa mburabwenge we! Ntuzi yuko ico uteye kiba kizima kibanje gupfa? 37  Kandi iyo uteye ntutera igiterwa* kimaze gukura, ahubwo utera urutete rwonyene, rwaba ari urw’ingano canke urw’ubundi bwoko. 38  Mugabo imbuto uteye, Imana irayiha umutumba* nk’uko ishaka, imwimwe yose ikayiha umutumba wayo. 39  Imibiri yose si imwe. Hari imibiri y’abantu, iy’ibitungwa, iy’inyoni n’iy’ifi. 40  Hari n’imibiri yo mw’ijuru+ n’iyo kw’isi+. Mugabo ubwiza bw’imibiri yo mw’ijuru buratandukanye n’ubw’imibiri yo kw’isi. 41  Ubwiza bw’izuba n’ubw’ukwezi n’ubw’inyenyeri buratandukanye+. Kandi inyenyeri imwe yose ifise ubwiza butandukanye n’ubw’iyindi. 42  N’izuka ry’abapfuye ni ukwo. Haterwa* umubiri ubora, hakazurwa uwutabora+. 43  Uterwa mu gateterwe, ukazurwa ufise iteka*+. Uterwa ugoyagoya, ukazurwa ufise ububasha+. 44  Haterwa umubiri w’inyama, hakazurwa umubiri w’impwemu. Nimba hariho umubiri w’inyama, hariho n’uw’impwemu. 45  Vyanditswe ngo: «Adamu wa mbere yabaye umuntu muzima+.» Adamu wa nyuma yabaye impwemu itanga ubuzima+. 46  Mugabo ntihatanguye umubiri w’impwemu. Hatanguye umubiri w’inyama hanyuma hakurikira uw’impwemu. 47  Umuntu wa mbere ava kw’isi, akaba yahinguwe mu mukungugu+. Umuntu wa kabiri ava mw’ijuru+. 48  Kurya uwahinguwe mu mukungugu ameze, ni ko n’abandi bahinguwe mu mukungugu bameze. Kurya uwo mw’ijuru ameze, ni ko n’abandi bo mw’ijuru bameze+. 49  Kandi nk’uko twambaye ishusho y’umwe yahinguwe mu mukungugu+, ni ko tuzokwambara n’ishusho y’uwo mw’ijuru+. 50  Ariko ico ndababwiye bavukanyi, ni uko ab’inyama n’amaraso badashobora gutorana Ubwami bw’Imana, eka n’umubiri ubora ntushobora gutorana ukutabora. 51  Umve rero ndababwire ibanga ryeranda: ntituzosinzira mu rupfu twese, mugabo twese tuzohindurwa+ 52  mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita urugohe, urumbete rwa nyuma nirwavuga. Kuko urumbete ruzovuga+, abapfuye bakazurwa badashobora kubora, natwe tugahindurwa. 53  Kuko uwu mubiri ubora utegerezwa kwambara ukutabora+, uwu mubiri upfa ugategerezwa kwambara ukudapfa+. 54  Mugabo uwu mubiri ubora niwambara ukutabora, uwu mubiri upfa ukambara ukudapfa, hazoca haranguka rya jambo ryanditswe rivuga ngo: «Urupfu ruramizwe ubutakigaruka+ 55  «Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe+ 56  Uruboyi ruzana urupfu ni igicumuro+, mugabo ububasha bw’igicumuro ni amategeko*+. 57  Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+! 58  Nuko rero bavukanyi nkunda cane, nimushikame+, ntimunyiganyige. Mwame mufise vyinshi mukora+ mu gikorwa c’Umukama, muzi yuko akuya mubira atari ak’ubusa+ mu Mukama.

Utujambo tw'epfo

Yitwa kandi Petero.
Canke «aba umushuzo.»
Canke «ni we mushuzo.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Mu kigiriki havuga ngo «buri saha.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mfise intumbero nk’iz’abandi bantu.»
Canke «ibintu vyiza twari dusanzwe dukora.»
Mu kigiriki havuga ngo «umubiri.»
Canke «umubiri.»
Canke «hahambwa.»
Canke «ubuninahazwa.»
Canke «amategeko ni yo aha ububasha igicumuro.»