Ja ku birimwo

Umuryango

Woba ufitaniye amatati n’abavyeyi bawe? Woba utumvikana n’abo muvukana? Bibiliya irashobora kugufasha kumenya ingene wovyifatamwo iyo hari ingorane mwene iyo mu muryango canke izindi.

Ubucuti ufitaniye n'abavyeyi

Noshobora gute kwumvikana n’abavyeyi banje?

Raba intambwe zishobora gukuraho ukutumvikana kumwekumwe no kukugabanya.

Noyaga gute n’abavyeyi banje?

Wosanga bigufashije cane kuruta uko uvyiyumvira.

Noyagisha gute abavyeyi banje?

Woganira gute n’abavyeyi bawe igihe wumva utabishaka?

Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?

Niwige kuyaga n’abavyeyi bawe ubigiranye icubahiro kandi woshobora gutangara ubonye ivyiza bivuyemwo.

Amategeko yo mu rugo yoba akenewe vy’ukuri?

Woba ufise ingorane kubera amategeko yo muhira? Raba ivyogufasha kubona ibintu mu buryo bwiza.

Wakira gute amategeko abavyeyi bagushingira?

Nuzirikane witonze ku mategeko akugora kugamburuka.

Noganira gute n’abavyeyi banje?

Ibi vyiyumviro vyoshobora kugufasha kworoherwa kuyaga n’abavyeyi bawe.

Nokora iki ndenze itegeko ry’abavyeyi?

Nta co wohindura ku vyabaye, ariko hariho ivyo wokora kugira ngo ntutume ibintu birushiriza kwunyuka. Iki kiganiro kiraza kukwereka ingene wobigenza.

Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?

Kuba abizigirwa ntibiraba imiyabaga gusa.

Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?

Ubona ko hageze ko ufatwa nk’umuntu akuze, ariko abavyeyi bawe si ko babibona. None ni intambwe izihe wotera kugira bakwizigire?

Woba wumva ko abavyeyi bawe batakureka ngo wiryohere?

Noba nkwiye kuja kwiryohera abavyeyi banje batabizi, canke nkwiye kubabwiza ukuri?

Nobigenza gute umuvyeyi arwaye?

Si wewe wenyene bishikira. Raba ivyafashije abandi bakiri bato babiri kuvyihanganira.

Igihe umuvyeyi arwaye

Uwu mwimenyerezo wogufasha kwitwararika umuvyeyi wawe no kwitwararika amagara yawe.

Abavyeyi bawe boba bahukanye?

Wokwikuramwo gute umubabaro, ishavu n’inzika?

Ubuzima bwo muhira

Kuki nkwiye kwumvikana n’abo tuvukana?

Urabakunda, ariko rimwe na rimwe barakubabaza.

Ukuntu wokwumvikana n’abo muvukana

Nukoreshe uyu mwimenyerezo kugira umenye, usuzume wongere utorere umuti ingorane ufitaniye n’uwo muvukana.

Nokora iki ngo ntibanyinjirire mu buzima?

Woba ubona umengo abavyeyi bawe barakwinjirira mu buzima? Ubona hari ico wokora kugira ntugume ubona ko bakwinjirira mu buzima?

Nokora iki ngo ntibanyinjirire mu buzima?

Raba ingene ushobora gutuma abavyeyi bawe barushiriza kukwizigira.

Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

Ni ibiki worimbura imbere yo gufata iyo ngingo ihambaye?

Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira

Woba warigeze kuja kwibana, mugabo usanga ubuzima buragoye? Ehe raba impanuro zogufasha.