Ivyahishuriwe Yohani 21:1-27

  • Ijuru rishasha n’isi nshasha (1-8)

    • Urupfu ntiruzoba rukiriho (4)

    • Ibintu vyose vyagizwe bishasha (5)

  • Yeruzalemu nshasha (9-27)

21  Maze mbona ijuru rishasha n’isi nshasha+, kuko ijuru rya kera n’isi ya kera vyari vyavuyeho+, kandi n’ikiyaga+ nticari kikiriho.  Mbona kandi ca gisagara ceranda, ari co Yeruzalemu nshasha, kimanuka kiva ku Mana mw’ijuru+. Cari citeguye nk’umugeni yisharije arindiriye kwakira umugabo wiwe+.  Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: «Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba abantu bayo. Imana ubwayo izobana na bo+.  Izohanagura amosozi yose ku maso yabo+, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho+. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho+. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»  Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ aca avuga ati: «Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha+.» Yongerako ati: «Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.»  Araheza ambwira ati: «Birarangutse! Ndi Alufa na Omega*, intango n’iherezo+. Uwunyotewe wese nzomuha ku buntu amazi avuye kw’isoko* ry’amazi y’ubuzima+.  Uwutsinda azotorana ivyo bintu, kandi nzoba Imana yiwe, na we abe umwana wanje.  Ariko abanyabwoba, abatagira ukwizera+, abantu bahumanye kandi bakora ibisesemye, abicanyi+, abasambanyi*+, abakora ivy’ubupfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose+, bazotererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku*+. Ico kiyaga gisobanura urupfu rwa kabiri+  Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, aca araza maze ambwira ati: «Ingo ndakwereke wa mugeni, umugore wa wa Mwagazi w’intama+ 10  Araheza anjana ku musozi munini kandi muremure biciye ku bubasha bw’impwemu, maze anyereka ca gisagara ceranda Yeruzalemu, kiriko kimanuka kiva ku Mana mw’ijuru+, 11  gifise ubuninahazwa bw’Imana+. Caraca ibibatsi nk’ibuye ry’agaciro kanini cane, nk’ibuye ryitwa yasipi rikayangana nka kirisitalo+. 12  Cari gifise uruzitiro runini kandi rurerure ruriko amarembo 12. Iruhande y’ayo marembo hariho abamarayika 12, kandi yari yanditseko amazina y’imiryango 12 y’Abisirayeli. 13  Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko amarembo atatu, mu bumanuko amarembo atatu, no mu burengero amarembo atatu+. 14  Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rufise kandi amabuye y’umushinge 12, kandi ayo mabuye yari yanditseko amazina 12 ya za ntumwa 12+ za wa Mwagazi w’intama. 15  Uwariko avugana nanje yari afise irenga ry’inzahabu ryo gupimisha, kugira apime ico gisagara, amarembo yaco n’uruzitiro rwaco+. 16  Ico gisagara cari ikwadarato, uburebure bwaco bwangana n’ubwaguke bwaco. Araheza apima ico gisagara akoresheje rya renga, maze atora sitadiyo 12.000*. Uburebure bwaco, ubwaguke bwaco n’amahagarara yaco vyarangana. 17  Apima n’uruzitiro rwaco, maze atora intambwe 144*, hisunzwe ingero y’umuntu, ikaba n’ingero y’umumarayika. 18  Urwo ruzitiro rwari rwubatswe n’amabuye yitwa yasipi+, kandi ico gisagara cari kigizwe n’inzahabu ityoroye imeze nk’ikiyo kibonerana. 19  Imishinge y’uruzitiro rwaco yari isharijwe n’amabuye y’agaciro y’ubwoko bwose: umushinge wa mbere wari yasipi, uwa kabiri safiro, uwa gatatu kalekedoni, uwa kane emerode, 20  uwa gatanu sarudonigisi, uwa gatandatu sarudiyo, uw’indwi kirizolito, uw’umunani berulo, uw’icenda topazi, uw’icumi kirusopuraso, uw’icumi na rimwe yasenti, uw’icumi na kabiri na wo ametisito. 21  Vyongeye, amarembo 12 yaco yari agizwe n’imaragarita 12. Irembo rimwerimwe ryose ryari rigizwe n’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ry’ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu ityoroye, imeze nk’ikiyo kibonerana. 22  Sinabonye urusengero muri co, kuko Yehova* Imana Mushoboravyose+ ari we rusengero rwaco, hamwe na wa Mwagazi w’intama. 23  Ico gisagara nticari gikeneye izuba canke ukwezi ngo bikimurikire, kuko ubuninahazwa bw’Imana ari bwo bwakimurikira+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+. 24  Amahanga azogenda amurikiwe n’umuco waco+, kandi abami b’isi bazozana ubuninahazwa bwabo muri co. 25  Amarembo yaco ntazokwigera yugarwa ku murango, kuko ata joro rizobaho+. 26  Ubuninahazwa n’iteka vy’amahanga bizozanwa muri ico gisagara+. 27  Mugabo umuntu wese ahumanye kandi akora ibintu bishisha akongera akabesha, ntazogenda acinjiyemwo+. Abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo bonyene bazocinjiramwo+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ndi A na Z.» Alufa ni urudome rwa mbere mu rutonde rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.
Canke «kw’iriba.»
Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Ni nk’ibilometero 2.220. Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185. Raba Inyongera ya B14.
Ni nk’imetero 64. Raba Inyongera ya B14.