Ja ku birimwo

Kubabarira abandi bisobanura iki?

Kubabarira abandi bisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Kubabarira abandi ni uguharira abakugiriye nabi. Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kubabarira” risobanura ijambo ku rindi ngo “guheba,” nka kurya umuntu aheba ideni bamufitiye. Yezu yarakoresheje ico kigereranyo igihe yigisha abigishwa biwe gusenga bati: “Utubabarire ibicumuro vyacu, kuko natwe ubwacu tubabarira umuntu wese adufitiye umwenda.” (Luka 11:4) No muri wa mugani w’umushumba atagira imbabazi, Yezu yagereranije kugira imbabazi no guheba ideni.​—Matayo 18:23-​35.

 Tuba tubabariye abandi iyo tutababikiye inzika canke ngo dusabe ko baturiha ivyo bononye canke ngo baduhe indishi y’akababaro. Bibiliya yigisha ko urukundo ruzira ubwikunzi ari wo mushinge wo kugira imbabazi nyakuri kubera ko rutaza “ruraharura ikibi rukorewe.”​—1 Abakorinto 13:​4, 5.

Ico kubabarira abandi bidasobanura

  •   Kurenza uruho rw’amazi ku caha. Bibiliya iriyamiriza abasasira indava ikibi canke bakavuga ko ata co gitwaye.​—Yesaya 5:​20.

  •   Kwiyobagiza ikibi cakozwe. Imana yarahariye Umwami Dawidi ibicumuro bikomeye yakoze, ariko ntiyamukingiye ingaruka zavyo. Mbere Imana yaranatumye ivyaha vya Dawidi vyandikwa kugira n’abo muri iki gihe babimenye.​—2 Samweli 12:​9-​13.

  •   Kwemera akarenganyo. Dufate ko hari umuntu waguranye amahera hama akayonona ku buryo adashobora kuyakwishura nk’uko yari yabigusezeraniye. Araje aho uri maze aratakamvye agusaba imbabazi. Woshobora kumubabarira, ntumubikire inzika kandi ntugume ugaruka kuri ico kibazo, canke mbere ukanamuhebera iryo deni. Ariko rero, woshobora gufata ingingo yo kutazosubira kumugurana amahera.​—Zaburi 37:21; Imigani 14:15; 22:3; Abagalatiya 6:7.

  •   Guharira ata mvo zumvikana zihari. Imana ntiharira abantu bacumura nkana kandi bakaba batagomba kwemera amakosa yabo, kwikosora no gusaba imbabazi abo bacumuyeko. (Imigani 28:13; Ivyakozwe 26:20; Abaheburayo 10:26) Abo bantu batigaya baca baba abansi b’Imana kandi ntidusaba kubabarira abantu ubwayo itahariye.​—Zaburi 139:21, 22.

     None wokora iki igihe uwagucumuyeko adashaka kugusaba ikigongwe canke akaba atemera ikosa yakoze? Bibiliya itanga impanuro igira iti: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe.” (Zaburi 37:8) Naho utokwirengagiza ikosa wakorewe, woshobora kwirinda gutwarwa n’ishavu, ukizigira ko uwo muntu azobibazwa n’Imana. (Abaheburayo 10:30, 31) Vyongeye, kumenya ko umusi uri izina Imana izokuraho imibabaro yose idushikira, vyoshobora kukuremesha.​—Yesaya 65:17; Ivyahishuwe 21:4.

  •   Kwibwira ko wahariye udukosa dutoduto. Rimwe na rimwe, aho kubabarira uwitwa ko yaducumuyeko, hari aho twosanga dukwiye kwemera ko ata mvo zifadika twari dufise zo kubabazwa n’ivyabaye. Bibiliya ivuga iti: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.”​—Umusiguzi 7:9.

Ivyogufasha guharira abandi

  1.   Niwibuke ico kubabarira abandi bisigura. Si ukurenza uruho rw’amazi ku kibi cakozwe canke kuciyobagiza, ahubwo ni ukurekurira abaducumuyeko.

  2.   Niwibuke ivyiza biva ku kubabarira abandi. Kudatwarwa n’ishavu no kutabika inzika biratuma umuntu aguma atekanye, bigatuma agira amagara meza kandi bikongereza agahimbare. (Imigani 14:30; Matayo 5:9) N’ikiruta vyose, guharira abandi biratuma Imana iduharira ibicumuro vyacu.​—Matayo 6:​14, 15.

  3.   Niwishire mu kibanza c’abandi. Nta muntu n’umwe atunganye. (Yakobo 3:2) Nk’uko rero dushima ko abandi baduharira, ni ko natwe dukwiye guharira abandi amakosa batugirira.​—Matayo 7:​12.

  4.   Nturenze urugero. Nimba ikosa twakorewe ridakomeye cane, twoshobora gushira mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana.”​—Abakolosayi 3:​13.

  5.   Ntutebagane kugira ico ukoze. Nubabarire abandi udatebaganye, aho kureka ngo ishavu rigume ryongerekana.​—Abanyefeso 4:​26, 27.