Umusiguzi 7:1-29

  • Izina ryiza hamwe n’umusi wo gupfa (1-4)

  • Gukosorwa n’umunyabwenge (5-7)

  • Iherezo ry’ikintu riruta intango yaco (8-10)

  • Ubukerebutsi buri n’akarusho (11, 12)

  • Imisi myiza n’imisi mibi (13-15)

  • Niwirinde kurenza urugero (16-22)

  • Ivyo uwukoranya abantu yihweje yitonze (23-29)

7  Izina ryiza* riraruta amavuta meza+, kandi umusi wo gupfa uraruta umusi wo kuvuka.  Wopfuma uja mu nzu irimwo ikigandaro hako uja mu nzu irimwo umusi mukuru+, kuko iryo ari ryo herezo ry’abantu bose. Kandi abakiriho bose bakwiye kuvyamiza ku mutima.  Intuntu iraruta agatwengo+, kuko umubabaro* utyorora umutima+.  Umutima w’abanyabwenge* uri mu nzu irimwo ikigandaro, ariko umutima w’ibijuju uri mu nzu irimwo umunezero+.  Wopfuma wumviriza umunyabwenge ariko aragukosora+ hako wumviriza indirimbo y’ibijuju.  Kuko agatwengo k’ikijuju kameze nk’urwamo rw’amahwa ariko araka munsi y’inkono+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.  Ariko agahahazo karashobora gutuma umunyabwenge acika umusazi, kandi igiturire kironona umutima+.  Iherezo ry’ikintu riruta intango yaco. Wopfuma wihangana hako ugira umutima wibona+.  Ntiwihutire gushavura*+, kuko ibijuju ari vyo bikaza ishavu*+. 10  Ntuvuge ngo: «Kubera iki imisi ya kera yari myiza kuruta iyi?», kuko ico kibazo kitarimwo ubwenge+. 11  Ubukerebutsi ni bwiza iyo buri kumwe n’intoranwa, kandi ni akarusho ku bakiri bazima*. 12  Kuko ubukerebutsi bukingira+ umuntu nk’uko amahera amukingira+, ariko akarusho k’ubumenyi ni aka: ubukerebutsi burazigama ubuzima bw’ababufise+. 13  Nuzirikane igikorwa c’Imana y’ukuri. None ni nde yoshobora kugorora ico yagoramitse+? 14  Ku musi mwiza nawe nube umuntu mwiza+, ku musi mubi* na ho wibuke ko Imana ari yo yashizeho iyo misi yose+, kugira abantu ntibashobore kumenya neza* ico kazoza kababikiye+. 15  Mu buzima bwanje ata co bumaze+ nta co ntabonye: narabonye umugororotsi apfira mu bugororotsi bwiwe+, ndabona n’umubisha aramba naho akora ibibi+. 16  Ntube umugororotsi birenze+ canke ngo wigire umunyabwenge birenze+. Kubera iki wokwikwegera guhona+? 17  Ntube umubisha birenze canke ngo ube ikijuju+. Kubera iki wopfa igihe cawe kitaragera+? 18  Ni vyiza rero kwumvira iyo mburi ya mbere ariko utirengagije n’iyo yindi+, kuko uwutinya Imana azumvira zose. 19  Ubukerebutsi butuma umunyabwenge arusha ububasha abagabo cumi b’abanyenkomezi bo mu gisagara+. 20  Kuko ata muntu w’umugororotsi ariho kw’isi yama akora ivyiza ntiyigere acumura+. 21  Vyongeye, ntushire umutima ku majambo yose abantu bavuga+. Ahandiho wohava wumva umusuku wawe ariko arakuvuma*. 22  Kuko uzi neza mu mutima wawe yuko na wewe wavumye abandi incuro nyinshi+. 23  Ivyo vyose narabisuzumye nkoresheje ubwenge*, maze mvuga nti: «Nzoba umunyabwenge.» Mugabo vyarananiye. 24  Ivyabayeho biraturengeye kandi birimbitse cane. Ni nde yobitahura+? 25  Narafashe ingingo yo kumenya, gusuzuma no kurondera ubukerebutsi hamwe n’igituma ibintu biri uko biri. Nararondeye kandi gutahura ikibi kiri mu bikorwa vy’ubujuju be n’ubupfu buri mu bikorwa vy’ubusazi+. 26  Nahavuye ntahura iki kintu: umugore ameze nk’umutego w’umuhigi ni mubi kurusha urupfu. Umutima wiwe umeze nk’insenga z’umukwabu, amaboko yiwe na yo ameze nk’iminyororo babohesha imbohe. Uwuhimbara Imana y’ukuri aramuhunga+, ariko umucumuzi agwa mu vyara vyiwe+. 27  Uwukoranya abantu+ yavuze ati: «Ng’ibi rero ivyo nashitseko igihe nasuzuma ikintu kimwekimwe cose kugira ngire ico nshitseko, 28  naho ico nagumye ndondera ata co naronse. Nabonye umugabo umwe agororotse mu bantu igihumbi, ariko nta mugore n’umwe nabonye. 29  Iki conyene ni co nashitseko: Imana y’ukuri yaremye abantu bagororotse+, ariko bobo bikurikiraniye imigambi yabo+

Utujambo tw'epfo

Canke «kuvugwa neza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umubabaro mu maso.»
Canke «inkerebutsi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko ibijuju birangwa n’ishavu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiwihutire gushavura mu mutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku babona izuba.»
Canke «ntibashobore kwubura.»
Canke «umusi w’ivyago.»
Canke «ariko arakuvuga nabi.»
Canke «ubukerebutsi.»