Abafilipi 2:1-30

  • Abakirisu baricisha bugufi (1-4)

  • Kristu yaricishije bugufi, arashirwa hejuru (5-11)

  • Nimukore uko mushoboye ngo mushitse ubukiriro bwanyu (12-18)

    • Abakirisu barakayangana nk’amatara (15)

  • Pawulo arungika Timoteyo na Epafurodito (19-30)

2  Nimuremeshe rero abandi mu bijanye na Kristu, mubahoze mu rukundo, mushigikirane*, kandi mugirire abandi impuhwe n’ikibabarwe.  Ivyo nimwabikora, muzotuma nuzura umunezero nimwiyumvira kumwe, mukagira urukundo rumwe, mukunga ubumwe muri vyose*, mukagira n’ivyiyumviro bimwe+.  Ntihagire na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane+ canke ukwishira imbere+, ahubwo mwicishe bugufi* mubone ko abandi babaruta+.  Ntimugume muraba ivyanyu gusa+, ariko murabe n’ivy’abandi+.  Mugumane uyu mutima Kristu Yezu na we nyene yari afise+.  Naho yari ameze nk’Imana+, ntiyigeze aniyumvira ivyo kurondera kungana na yo+.  Ahubwo riho yarahevye vyose amera nk’umushumba+, acika umuntu*+.  N’ikiruta ivyo, igihe yaza ari umuntu*, yaricishije bugufi, aragamburuka gushika ku rupfu+, emwe urupfu rwo ku giti co kubabarizwako*+.  Ico nyene ni co catumye Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane+, igashima kumuha izina riruta ayandi yose+. 10  Yabigize kugira ngo mw’izina rya Yezu bose bapfukame*, baba abari mw’ijuru canke abari kw’isi canke abari mu kuzimu+, 11  no kugira ngo ururimi rwose rwemange ku mugaragaro yuko Yezu Kristu ari Umukama+, bitume Imana ari yo Data ininahazwa. 12  Bakundwa, mwamye mugamburuka, atari igihe ndahari gusa, mugabo n’ubu ntahari murarushiriza kubigira mubikunze. Nimukore rero uko mushoboye kwose kugira mushitse ubukiriro bwanyu, mubikore mutinya kandi mujugumira. 13  Kuko Imana ari yo ibakomeza nk’uko biyihimbara, ikabaha icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora. 14  Mugume mukora vyose mutidodomba+ kandi mudaharira+, 15  kugira mube abatagirako umugayo* n’intungane, abana b’Imana+ batagira akanenge mu bantu bo mu runganwe ruhetamye kandi rugoramye+, muri bo mukaba mukayangana nk’amatara mw’isi+, 16  mukagumya rwose rya jambo ry’ubuzima+. Nzoheza rero ndonke imvo yo kunezerwa ku musi wa Kristu, nzi yuko ntirukiye ubusa canke ngo nduhire ubusa. 17  Mugabo rero, naho nyene ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+ ku kimazi+ no ku gikorwa ceranda* ukwizera kwabashikanyeko, ndahimbawe kandi ndanezeranwa namwe mwese. 18  Na mwebwe nyene, nimuhimbarwe kandi munezeranwe nanje. 19  Ndizigiye kubarungikira Timoteyo+ vuba Umukama Yezu abikunze, kugira ngo ninumva amakuru aberekeye bindemeshe. 20  Kuko ata wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu vy’ukuri. 21  Abandi bose bironderera inyungu zabo bwite, aho kurondera iza Yezu Kristu. 22  Mugabo murazi ko yerekanye akarorero keza. Nka kurya kw’umwana+ ari kumwe na se, yarakoranye nanje nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza. 23  Ni we rero nizigiye kurungika ninamara kubona ingene ivyanje biriko biragenda. 24  Ariko nanje ndazi neza yuko nzoza vuba Umukama niyabishaka+. 25  Ariko ubu mbona yuko bikenewe ko ndabarungikira umuvukanyi wanje Epafurodito. Ni umukozi mugenzanje n’umusoda mugenzanje, akaba n’intumwa mwarungitse ngo amfashe mu vyo nkenera+. 26  Ndamurungitse kubera yipfuza cane kubabona mwese, no kubera atuntujwe n’uko mwumvise ko yarwaye. 27  Emwe yararwaye ahakwa gupfa, mugabo Imana yaramugiriye imbabazi. Ariko si we yazigiriye wenyene, ahubwo na jewe yarazingiriye, kugira ngo sintunture kabiri. 28  Ndamurungitse rero bimwe vyihuta kugira ngo mwongere kunezerwa nimwamubona, nanje amaganya mfise agabanuke. 29  Mumwakirane rero umunezero mwinshi nk’uko musanzwe mwakira abakorera Umukama, kandi abantu nk’abo mugume mubafatana iteka+ 30  kuko yahatswe gupfa kubera igikorwa ca Kristu*. Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga kugira ngo ahababere kuko mutari muhari ngo mumfashe mu vyo nkenera+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «musangire impwemu.»
Canke «mugahuza umutima.»
Canke «mwiyoroshe mu muzirikanyi.»
Mu kigiriki havuga ngo «acika uwusa n’abantu.»
Mu kigiriki havuga ngo «yaboneka asa n’umuntu.»
Mu kigiriki havuga ngo «ivi ryose ripfunywe.»
Canke «ikirabagu.»
Canke «ku gikorwa gikorerwa abantu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «c’Umukama.»