Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kwishushanya ku mubiri?

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kwishushanya ku mubiri?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ivuga ivyerekeye kwishushanya ku mubiri incuro imwe gusa, mu Balewi 19:28, ahavuga ngo: “Ntimuze mwice injorogo.” Imana yahaye iryo tegeko ihanga rya Isirayeli kugira ngo iritandukanye n’ababanyi baryo, bano bakaba barashushanya ku mibiri yabo amazina y’imana zabo canke ibimenyetso biziranga. (Gusubira mu vyagezwe 14:2) Naho Abakirisu batagengwa n’Amategeko yahawe Abisirayeli, birahambaye ko turimbura ata gufyina ingingo ngenderwako iri muri iryo tegeko.

Umukirisu yoba akwiye kwishushanya ku mubiri (ivyo bita tatouage)?

 Imirongo yo muri Bibiliya ikurikira yoshobora kugufasha kuzirikana kuri ico kintu:

  •   ‘Abagore nibisharize mu . . . rupfasoni.’ (1 Timoteyo 2:9) Iyo ngingo ngenderwako iraraba abagore n’abagabo. Turakwiye kwubahiriza inyiyumvo z’abandi kandi ntiturondere kwiyerekana.

  •   Hari abishushanya ku mubiri kugira ngo berekane ico bari canke berekane ko bigenga, abandi na bo bakabigira kugira ngo berekane ko bafise uburenganzira bwo gukoresha umubiri wabo ico bashaka cose. Ariko rero, Bibiliya iremesha abakirisu iti: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” (Abaroma 12:1) Nukoreshe “ububasha bwawe bwo kwiyumvira” kugira usuzume igituma ugomba gukora ico kintu. Nimba ugomba kujana n’ibigezweho canke kwerekana ko uri mu mugwi kanaka, uribuka ko mu nyuma woshobora guhindura ivyiyumviro mu gihe ico gishushanyo coco kitazozimangana. Gusuzuma igituma ugomba gukora ico kintu vyoshobora kugufasha gufata ingingo iranga ubukerebutsi.—Imigani 4:7.

  •   “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imigani21:5) Akenshi abafata ingingo yo kwishushanya ku mubiri barihutagiza, yamara irashobora kugira ingaruka zizomara igihe kirekire ku migenderanire bagirana n’abandi canke ku kazi. Vyongeye, kwishushanya ku mubiri usanga bizimvye kandi kuzimanganya ivyo bishushanyo birababaza. Ubushakashatsi hamwe n’ibikorwa birushiriza kwongerekana bijanye no kuzimanganya ivyo bishushanyo vyerekana ko benshi mu bakoze ico kintu amaherezo bicuza.