Imigani 21:1-31

  • Yehova ni we ayobora umutima w’umwami (1)

  • Ubugororotsi buraruta ibimazi (3)

  • Umunyamwete araroranirwa (5)

  • Uwutumviriza abantu batobato na we nyene ntazokwumvirizwa (13)

  • Nta bukerebutsi buri mu kurwanya Yehova (30)

21  Umutima w’umwami umeze nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+. Awutumbereza aho ashatse hose+.   Umuntu abona ko inzira ziwe zose zigororotse+,ariko Yehova ni we asuzuma imitima*+.   Gukora ibitunganye n’ibigororotseni vyo bihimbara Yehova kuruta ibimazi+.   Amaso yishira hejuru n’umutima wibonani vyo tara ry’ababisha, ariko vyose ni igicumuro+.   Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa*+,ariko abihutagiza bose bibashikana ku bukene+.   Itunga umuntu aronse biciye mu bubeshirimeze nk’igipfungu kiriko kirayonga be n’umutego wica*+.   Ababisha bazohitanwa n’ububisha bwabo+,kuko banka gukurikiza ubutungane.   Inzira y’uwagirwa n’icaha iragoramye,ariko ibikorwa vy’umuntu w’intungane biragororotse+.   Wopfuma wibera mu mfuruka y’igisenge c’inzu,hako ubana mu nzu imwe n’umugore w’amahane*+. 10  Umuntu w’umubisha aguma ahahamira ikibi+,kandi nta kagongwe agirira mugenziwe+. 11  Iyo bahanye umucokoranyi, abatazi utuntu n’utundi baca barushiriza guca ubwenge,kandi iyo umuntu w’inkerebutsi aronse ugutahura*, ubumenyi bwiwe buca bwongerekana*+. 12  Ya Mana igororotse iguma yitegereza inzu y’umubisha.Ituma ababisha bagwa mu vyago+. 13  Uwiziba amatwi ngo ntiyumve ugutabaza kw’umuntu mutoyi,na we nyene azotabaza ntiyishurwe+. 14  Ingabire itanzwe mu mpisho ihwamika ishavu+,kandi igiturire gitanzwe mu kinyegero gihwamika uburake. 15  Umugororotsi arahimbarwa no gukurikiza ubutungane+,ariko inkozi z’ikibi ntizivyerekwa. 16  Uwuheba kugendera mu nzira y’ubukerebutsi*azoruhukira mu kuzimu hamwe n’abapfuye+. 17  Uwukunda kwiryohera azogwa mu bukene+,kandi uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka itunga. 18  Umubisha abera incungu umugororotsi,kandi umuhemu azohanwa mu kibanza c’umugororotsi+. 19  Wopfuma wibera mu bugaragwa,hako ubana n’umugore w’amahane* kandi akaza ishavu+. 20  Itunga ry’agaciro n’amavuta bibarizwa mu nzu y’umunyabwenge*+,ariko umuntu w’ikijuju asesagura* ivyo afise+. 21  Uwukurikirana ubugororotsi n’urukundo*azoronka ubuzima, ubugororotsi n’ubuninahazwa+. 22  Umunyabwenge* arashobora kwurira uruhome* rw’igisagara c’abarwanyi b’intwari,agahindura ubusa inkomezi bari bizigiye+. 23  Uwugumya akanwa kiwe n’ururimi rwiweaba yirinze ingorane+. 24  Umuntu yita imbere atazirikanye ingaruka vyogirabamwita umwirasi yita imbere kandi yishima+. 25  Ikinebwe kizokwicwa n’ivyo kinohokera,kuko ata co gihereza amaboko+. 26  Kiguma kinohokera ibintu bukarinda bwira,ariko umugororotsi aratanga, nta co yimana+. 27  Ikimazi c’umubisha kirashisha+. Hari akantu iyo agitanganye intumbero mbi*! 28  Icabona kibesha kizopfa+,ariko umuntu avuga ivyo yumvirije neza arajijura*. 29  Umuntu w’umubisha arihagararako+,ariko inzira y’umugororotsi ni yo itekanye*+. 30  Nta bukerebutsi, nta gutahura canke impanuro biri mu kurwanya Yehova+. 31  Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara+,ariko Yehova ni we atanga ubukiriro+.

Utujambo tw'epfo

Canke «imvo.»
Canke «ntibura kuvamwo akarusho.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’igipfungu kiriko kirayonga ku barondera urupfu.»
Canke «aguma atorana amahinyu.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «aca amenya ico akwiye gukora.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «umugore aguma atorana amahinyu.»
Canke «y’inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «arotsa.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «arashobora gutsinda.»
Canke «agitanganye inyifato mbi.»
Mu giheburayo havuga ngo «azovuga ibihe vyose.»
Canke «umugororotsi ni we atuma inzira yiwe itekana.»