Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwikora no kwambara udusharizo?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwikora no kwambara udusharizo?

Inyishu Bibiliya itanga

 Naho Bibiliya itavuga ido n’ido ibijanye no kwikora, kwambara udusharizo no kwishariza mu bundi buryo, ntivyiyamiriza. Ariko Bibiliya ntituremesha kwibanda ku kuntu tuboneka inyuma ahubwo ituremesha kwibanda ku “vyambarwa bitabora vy’umutima utekereje kandi witonda.”—1 Petero 3:3, 4.

Bibiliya ntibuza kwishariza ku mubiri

  •   Abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya barishariza. Rebeka, uwohavuye aba umugore wa Izahaki, yarambaye impeta y’inzahabu yo ku zuru, ibikomo vy’inzahabu n’utundi dusharizo tuzimvye yari yarungikiwe n’uwohavuye aba sebukwe. (Itanguriro 24:22, 30, 53) Na Esiteri yaremeye ko ‘bamusīga’ kugira yitegurire kuba umwamikazi w’inganji y’Ubuperesi. (Esiteri 2:7, 9, 12) Mu vyo bamusīze hashobora kuba harimwo “ivyo abigeme bāgerewe kwisīga ngo bayagayage mu maso.”—Bibiliya Yera.

  •   Bibiliya igereranya ibisharizo n’ibintu vyiza. Nk’akarorero, umuntu atanga impanuro nziza agereranywa n’“ihereni ry’inzahabu . . . ku gutwi kwumva.” (Imigani 25:12) Muri ubwo buryo nyene, ukuntu Imana yafata Abisirayeli yabigereranije n’umugabo ashariza umugeni wiwe akoresheje ibikomo, umugufu n’amahereni. Ivyo bisharizo vyatuma iryo hanga riba ‘ryiza cane.’—Ezekiyeli 16:11-13.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no kwikora no kwambara udusharizo

 Iciyumviro kitari co: Muri 1 Petero 3:3, Bibiliya iriyamiriza ‘ugutsiba imishatsi no kwambara udusharizo tw’inzahabu.’

 Ukuri: Imirongo ica ikurikira irerekana ko ico canditswe gishaka kuvuga ko ubwiza bw’imbere ari bwo buhambaye kuruta ubwiza bwo ku mubiri canke ivyo kwishariza. (1 Petero 3:3-6) Hariho n’ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya bishira ahabona ico ciyumviro.—1 Samweli 16:7; Imigani 11:22; 31:30; 1 Timoteyo 2:9, 10.

 Iciyumviro kitari co: Kuba wa mwamikazi w’umubisha Yezebeli yarisīga ‘irangi ku maso’ vyerekana ko kwikora ari bibi.—2 Abami 9:30.

 Ukuri: Yezebeli yarakora ivy’ubupfumu akaba n’umwicanyi. Yaciriwe urubanza kubera ibikorwa vyiwe bibi, si kubera ukuntu yasa.—2 Abami 9:7, 22, 36, 37.