Ja ku birimwo

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise indwara idakira?

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise indwara idakira?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego. Imana iritwararika abasavyi bayo barwaye. Ku bijanye n’umusavyi w’Imana w’umwizigirwa, Bibiliya ivuga iti: “Yehova ubwiwe azomushigikira ku busaswa arwariyeko.” (Zaburi 41:3) Nimba ufise indwara idakira, ng’ibi ibintu bitatu vyogufasha kuyihanganira:

  1.   Senga Imana uyisabe inguvu zo kwihangana. Urashobora kuronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose,” ano akaba ashobora kugabanya amaganya ufise akongera akagufasha kwihangana.​—Abafilipi 4:6, 7.

  2.   Nubone ibintu mu buryo bwiza. Bibiliya ivuga iti: “Igihe unezerewe bituma ugumana amagara meza. Kwama wijiriwe bijana buhorobuhoro ku rupfu.” (Imigani 17:22, Good News Translation) Niwihatire kuba umuntu atwenza, kuko bishobora gutuma ugira umunezero no mu bihe utoba worohewe bikagirira akamaro n’amagara yawe.

  3.   Nukomeze icizigiro cawe ku bijanye na kazoza. Icizigiro gikomeye kirashobora gutuma ugira umunezero naho woba urwaye indwara idakira. (Abaroma 12:12) Bibiliya iravuga ivyo mu gihe kiri imbere aho ata “wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Ico gihe Imana izokiza indwara zidakira zananiranye muri iki gihe. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ingene ivy’ugusaza bizohinduka mu kuvuga iti: “Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto; nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto.”​—Yobu 33:25.

 Menya neza: Naho twebwe Ivyabona vya Yehova twemera ko Imana ishobora kudufasha, turivuza igihe turwaye indwara idakira. (Mariko 2:17) Ariko rero, nta we turemesha ngo yivuze mu buryo bunaka; tubona ko umuntu wese ari we akwiye kwifatira ingingo ku bijanye n’amagara yiwe.