Yesaya 35:1-10

  • Iparadizo igarukanwa (1-7)

    • Impumyi zizohumuka, amatwi y’abatumva yumve (5)

  • Inzira y’ubweranda y’abacunguwe (8-10)

35  Ubugaragwa n’igihugu kigadutse bizokwigina+,kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’amashurwe yitwa habaseleti+.   Kizoshurika+ vy’ukuri.Kizonezerwa cihe akamo k’umunezero. Kizohabwa icubahiro c’i Libani+,n’ubwiza buhebuje bw’i Karumeli+ n’i Sharoni+. Abantu bazobona icubahiro ca Yehova, ubwiza buhebuje bw’Imana yacu.   Nimukomeze amaboko aregarega,mushikamishe amavi ajugumira+.   Nimubwire abari n’amaganya mu mutima muti: «Nimukomere. Ntimutinye. Raba! Imana yanyu izoza kwihora.Imana izoza gutanga igihano+. Izoza ibakize+   Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka+,amatwi y’abatumva azibuke+.   Ico gihe uwucumbagira azosimba nk’impongo+,ururimi rwa nyamuragi rwihe akamo k’umunezero+. Amazi azokwiburuka mu bugaragwa,n’inzuzi zitembe mu kiyaya c’ubugaragwa.   Ubutaka bwumishijwe n’ubushuhe buzocika ikidengeri cuzuyeko amarenga,ubutaka bunyotewe bucike amasoko y’amazi+. Aho imbwebwe zaba, aho zaruhukira+,hazosigara hari ivyatsi bitotahaye, amarenga n’urufunzo.   Hazoba ibarabara rikuru*+,inzira yitwa inzira y’ubweranda. Uwuhumanye ntazoyicamwo+. Izocamwo gusa abemerewe kuyigenderamwo.Nta gipfu kizoyihonyozamwo ikirenge.   Nta ntambwe izohabarizwa,kandi nta bikoko bikaze bizoyizamwo. Ntibizohaboneka+.Abacunguwe ni bo bonyene bazoyigenderamwo+. 10  Abacunguwe na Yehova bazogaruka+ bashike i Siyoni n’akamo k’umunezero+. Bazoba bambaye ku mutwe urugori rw’umunezero udahera+. Bazokwigina banezerwe,kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ryagutse.»