Ja ku birimwo

Utumenyero tubi

Biroroshe ko umuntu usanga yatanguye kugira utumenyero tubi kandi kuduheba ntivyoroshe! Iki kiganiro kirerekana utumenyero tumwetumwe tubi n’ingene umuntu yodusubiriza utumenyero twiza.

Uguseruranira akari ku mutima

Ingene nokwirinda urusaku

Igihe cose uzobona mu kiyago mwarimwo hatanguye kuzamwo urusaku, uraca ugira ico ukoze

Gukoresha ibijambo bibi hari ico bitwaye?

Amajambo mabi hoba hari ico atwaye n’ingene yiraye?

Kwizizirwa

Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?

Amasanamu y’ibiterasoni afitaniye isano gute no kunywa itabi?

Woba wariziziwe n’amashusho y’ubushegabo?

Bibiliya irashobora kugufasha gutahura ububi bw’amashusho y’ubushegabo.

Niwirinde itabi

Naho hari abantu benshi banywa itabi canke shishe, hari abandi babihevye, hakaba n’abariko baragerageza kubiheba. Uti kubera iki? Itabi ryoba riteza ingorane?

Nonanira gute ibigeragezo?

Raba ibintu bitatu bihambaye wokora kugira unanire ivyipfuzo bibi.

Wonanira gute inyosha mbi?

Kunanira inyosha mbi ni icerekana ko uri umusore nyawe canke umwigeme nyawe. Raba ibintu bitandatu vyogufasha gukomeza icipfuzo co kunanira inyosha mbi maze ukirinda ingorane.

Gukoresha neza umwanya

Vyoba ari vyiza gukora ibintu vyinshi icarimwe?

Woba vy’ukuri ushobora kwitunira ku bikorwa vyinshi icarimwe?

Wokora iki ngo ureke kuba nzobandabikora?

Raba impanuro z’ingene umuntu yoreka kuba nzobandabikora!

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye no kuba nzobandabikora

Umviriza ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye n’intambamyi ziri mu kuba nzobandabikora be n’ivyiza biva ku gukoresha umwanya wawe ubigiranye ubukerebutsi.