Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga? Kunywa coba ari igicumuro?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga? Kunywa coba ari igicumuro?

Inyishu Bibiliya itanga

 Kunywa inzoga ku rugero si igicumuro. Bibiliya ivuga ko umuvinyu twawuhawe n’Imana kandi ko ushobora gutuma ubuzima burushiriza kuryoha. (Zaburi 104:14, 15; Umusiguzi 3:​13; 9:7) Iranavuga ko umuvinyu ushobora gukoreshwa mu bijanye no kuvura.​—1 Timoteyo 5:​23.

 Yezu yaranywa umuvinyu igihe yari kw’isi. (Matayo 26:29; Luka 7:​34) Kimwe mu bitangaro bizwi cane Yezu yakoze, ni igihe yahindura amazi umuvinyu ku rubanza rumwe rw’ubugeni kugira ngo abantu baryoherwe.​—Yohani 2:​1-​10.

Ingeramizi zo kunywa inzoga nyinshi

 Naho Bibiliya ivuga ibintu vyiza ku bijanye n’inzoga, iriyamiriza kunywa inzoga nyinshi be n’akaborerwe. Igihe rero umukirisu ahisemwo kunywa inzoga, akwiye kwigerera. (1 Timoteyo 3:8; Tito 2:​2, 3) Bibiliya iratanga imvo zitari nke zerekana igituma umuntu yokwirinda kunywa inzoga nyinshi.

  •   Biragabanya ubushobozi bwo kwiyumvira no kumenya ikibereye. (Imigani 23:29-​35) Umuntu yaborewe ntashobora gushitsa iki kintu Bibiliya idusaba kigira giti: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—Abaroma 12:1.

  •   Biratuma umuntu ata co yibanga kandi bigatuma akora nk’uwutagira umutima.​—Hoseya 4:​11; Abanyefeso 5:​18.

  •   Birashobora guteza ubukene n’ingorane zikomeye z’amagara.​—Imigani 23:21, 31, 32.

  •   Imana iranka ukunywa inzoga nyinshi no kuborerwa.​—Imigani 23:20; Abagalatiya 5:​19-​21.

Ni ryari umuntu aba yarengeje urugero?

 Igihe umuntu yanyoye inzoga zituma ashira mu kaga ubuzima bwiwe canke ubw’abandi, aba yarengeje urugero. Twisunze Bibiliya, gutakaza ubwenge si vyo biranga akaborerwe, ahubwo kerekanwa n’ibimenyetso nko gukora ibintu bidatumbereye, kudandabagirana, amahane hamwe no kuvuga udatobora. (Yobu 12:25; Zaburi 107:27; Imigani 23:29, 30, 33) Mbere n’abirinda kuborerwa boshobora ‘kuremerwa . . . n’ukunywa birenze urugero’ hama bagashikirwa n’ingaruka zibabaje.​—Luka 21:34, 35.

Guheba inzoga burundu

 Bibiliya iravuga n’igihe umukirisu akwiye kuziheba burundu:

  •   Nimba vyotsitaza abandi.​—Abaroma 14:21.

  •   Nimba bitemewe n’amategeko y’igihugu.​—Abaroma 13:1.

  •   Nimba uwo muntu adashoboye kwigerera. Abamaze kwizizirwa n’inzoga canke bakaba barenza urugero mu kunywa bakwiye gufata ingingo ruhasha.​—Matayo 5:​29, 30.