Ja ku birimwo

Ubuhinga bwa none

Nimba ufise telefone canke akandi kuma ko mu buhinga bwa none, urashobora gusanga uyikoresha umwanya munini cane bidakenewe. Ni gute wokoresha neza ubuhinga bwa none?

Utwuma two mu buhinga bwa none

Ni ibiki nokwirinda igihe nkina udukino twa videwo?

Turashobora kuba turimwo ivyiza n’ibibi utahora wiyumvira.

Gukina ama jeux: Woba uriko uratsinda nk’uko uvyibaza?

Gukina ama jeux birashobora kuryoha ariko birashobora no guteza ingorane. Ni gute wokwirinda izo ngorane maze ugatahukana intsinzi vy’ukuri?

Woba utwarwa cane n’ubuhinga bwa none?

Urashobora gukoresha ubuhinga bwa none butiriwe burakugira umuja. Womenya gute ko woba usigaye uri umuja w’akuma kawe? Wokora iki usanze ari ko biri?

Ukwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?

Kwandika amamesaje birashobora kugira ingaruka ku bugenzi ufitaniye n’abandi be n’izina ryawe. Raba igituma ari ukwo biri.

Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje

Mbega vyoba bitaranga urupfasoni uciriyemwo umuntu kugira urabe mesaje? Canke vyoba bitaranga urupfasoni wihojeje mesaje kugira wibandanirize ikiyago?

Telefone ngendanwa

Abakiri bato benshi babona ko telefone ngendanwa ari uburyo bwo kumarana umwanya n’abandi. Ni ivyiza be n’ibibi ibihe vyo gutunga telefone ngendanwa

Imbuga hwaniro

Nukoreshe neza ubuhinga bwa none

Nuryoherwe no guhanahana amakuru n’abagenzi bawe kuri Internet, ariko ntiwijajare.

Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

Hari abantu bamwebamwe bashira ubuzima bwabo mu kaga kugira baronke abantu benshi babakurikirana kandi bakunda ivyo bashira ku mbuga hwaniro. Kurondera kumenyekana bikumarira iki?

Nokora iki abavyeyi banje batanyemereye gukoresha imbuga hwaniro?

Bisa n’uko abantu bose bakoresha imbuga hwaniro, ukwo kwoba ari ukuri? Wokora iki nimba abavyeyi bawe batakwemerera gukoresha imbuga hwaniro?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no guhanahana amafoto biciye ku buhinga bwa none?

Gushira amafoto dukunda ku mbuga hwaniro amafoto ni uburyo bworoshe butuma tuguma duhanahana amakuru n’incuti hamwe n’abagenzi, ariko kandi birimwo akaga.

Amafoto ushira kuri internet ahishura iki ku bikwerekeye?

Raba ingene woba maso imbere y’uko ushira ifoto kuri internet.

Novyifatamwo gute hagize abantoteza kuri internet?

Ivyo ukwiye kumenya n’ivyo wokora kugira wikingire.

Ingene wokwiyama uwugutoteza kuri internet

Uwu mwimenyerezo uragufasha kumenya ico wokora n’ico utokora mu kwiyama uwugutoteza kuri internet.

Ingeramizi zihishije

Vyoba ari vyiza gukora ibintu vyinshi icarimwe?

Woba vy’ukuri ushobora kwitunira ku bikorwa vyinshi icarimwe?

Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

Raba ibiringo bitatu aho ubuhinga bwa none bushobora gutuma utitunira ku kintu be n’ico wokora kugira ngo urushirize kwitunira ku vyo ukora.

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

Woba uriko uragirwako umukazo wo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone? Ni ingaruka izihe ziva ku kubigira? Kwoba ari ukumenyerana mu vy’urukundo ata co gutwaye?