Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Niwige gutsinda ishavu

Niwige gutsinda ishavu

INGORANE

“Narakankamiye mukuru wanje, nca ndasunika umuryango n’inguvu nyinshi ku buryo akuma kari kuri nya muryango gatobora uruhome. Igihe cose ndavye ako gatoboro, naca nibuka ico kintu c’ubupfu nakoze.”—Vyavuzwe na Diane. *

“Nabwiye dawe nashize ijwi hejuru, nti: ‘Uri umuvyeyi mubi!’, nca ndugara umuryango n’ishavu ryinshi. Ariko imbere y’uko umuryango wiyugara, nararabutswe dawe mu maso, ndabona ko yari ababaye. Naciye nicuza kubona namubwiye ayo majambo.”—Vyavuzwe na Lauren.

Vyoba bishika ugatwarwa n’ishavu nk’ukwo kwa Lauren na Diane? Nimba bigushikira, iki kiganiro cogufasha.

ICO UKWIYE KUMENYA

Gutwarwa n’ishavu bituma ubonwa nabi. Umwigeme w’imyaka 21 yitwa Briana avuga ati: “Narashavura cane, nkiyumvira ko abantu bakwiye kumfata uko ndi. Mugabo nahavuye mbona ko umuntu atigumya, abandi bamugaya bakamubona nk’igipfu, nca ndatahura ko bwa bundi nanje ariko abandi bambona!”

Bibiliya ivuga iti: “Uwunyaruka gushavura azokora ivy’ubupfu.”Imigani 14:17.

Nka kurya nyene abantu bahunga ikirunga, ni ko bahunga umuntu atwarwa n’ishavu

Ishavu rirashobora gutuma abantu baguhunga. Umusore w’imyaka 18 yitwa Daniel avuga ati: “Utwawe n’ishavu, uca utakaza iteka n’icubahiro wari ufise.” Elaine, na we nyene akaba afise imyaka 18, ni ko abibona. Avuga ati: “Gutwarwa n’ishavu ntibituma abantu bagukunda, ahubwo bituma bagutinya.”

Bibiliya ivuga iti: “Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu; kandi ntujane n’umuntu w’ubushangashirwe bwiguburiza.”Imigani 22:24.

Birashoboka ko uhinduka. Umwigeme w’imyaka 15 yitwa Sara avuga ati: “Ntushobora kwama wirinda ngo ntubabare. Ariko urashobora kwiyubara mu kuntu uca werekana akababaro. Si ngombwa ngo uce utontomwa.”

Bibiliya ivuga iti: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi, kandi uwucungera umutima wiwe aruta uwufata igisagara.”Imigani 16:32.

ICO WOKORA

Ishingire umugambi. Aho kwibwira ngo “Ni ko meze,” nugerageze guhindura ingendo mu kiringo kinaka, nk’akarorero mu mezi atandatu. Muri ico kiringo, nugume ukurikiranira hafi iterambere ugira. Igihe cose bishitse ugatwarwa n’ishavu, nuce wandika (1) icabitumye, (2) ingene wavyifashemwo, (3) ingene wari kuvyifatamwo neza be n’igituma vyari kuba vyiza ubigize. Nuce wiyemeza kuzovyifatamwo gutyo ubutaha, bishitse hakagira uwugushavuza. Ariko rero, ntiwibagire no kuraba amahinduka meza uriko uragira! Niwandike ingene wiyumva neza igihe cose bikunze ko wigumya.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 3:8.

Banza wigumye. Hagize uwugushavuza canke ikigushavuza, ntuce ubwo nyene uvuga ibikuje mu mutwe. Banza wigumye. Nuheme ushikana nimba vyogufasha. Umusore w’imyaka 15 yitwa Erik avuga ati: “Igihe mbanje guhema nshikana, birampa akanya ko kwiyumvira imbere yo kuvuga canke gukora ikintu nohava nicuza.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 21:23.

Nturabe gusa icakubabaje. Rimwe na rimwe, urashobora gushavura kubera waravye gusa icakubabaje. Gerageza kwiyumvira ukuntu uwakubabaje abona ibintu. Umwigeme yitwa Jessica avuga ati: “N’igihe umuntu aba ankoreye ikintu kitabereye na gato, kenshi usanga hari imvo yabitumye yomfasha kumutahura.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 19:11.

Have nimba bikenewe. Bibiliya ivuga iti: “Imbere y’uko haduka imitongano, have.” (Imigani 17:14) Nk’uko ico canditswe kivyerekana, hari igihe biba vyiza ubaye urahava, ibintu bitarakomera. Nuce uraba ico woba urakora, aho kuguma wiyumvira icakubabaje ngo bitume ishavu riguma riduga. Umwigeme yitwa Danielle avuga ati: “Nasanze kwinonora imitsi bimfasha guturura, bigatuma kandi ntatwarwa n’ishavu.”

Niwige kwirengagiza icagushavuje. Bibiliya ivuga iti: “Mute umutwe, ariko ntimucumure. Muvugire mu mutima wanyu, . . . mugume mucereje.” (Zaburi 4:4) Ico canditswe kirerekana ko kwumva wataye umutwe kubera icakubabaje, ubwavyo atari bibi. Ariko igihambaye ni ico uca ukora. Umusore yitwa Richard avuga ati: “Igihe ureka abandi bakagushavuza, bituma bagira ububasha bwo gutuma unezerwa canke ubabara. Vyiza wogerageza kwifata nk’umuntu akuze, ukirengagiza ivyakubabaje.” Niwabigenza gutyo, uzoba uriko uriga kuganza ishavu, aho kureka ngo rikuganze.

^ par. 4 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.