Abaroma 15:1-33

  • Nimuhane ikaze nk’uko na Kristu yabigize (1-13)

  • Pawulo, umukozi wa Kristu mu mahanga (14-21)

  • Ingendo Pawulo yipfuza kugira (22-33)

15  Mugabo twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye+, ntidukore ibidushimisha ubwacu+.  Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe ku neza y’uwo mugenziwe, kugira amwubake+.  Na Kristu ntiyishimishije ubwiwe+, nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Ibitutsi vy’abagutuka bigwa kuri jewe+  Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe+, ngo tugire icizigiro+ biciye ku kwihangana kwacu+ no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe.  Ya Mana rero itanga ukwihangana n’uruhoza, mwese ibahe wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise,  kugira ngo Imana, Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, muyininahaze muhuje inama+, n’ijwi rimwe*.  Nimuhane ikaze*+ rero, nk’uko na Kristu yabahaye ikaze+, kugira Imana ininahazwe.  Ico nobabwira co, ni uko Kristu yacitse umusuku w’abagenyerewe+ kugira yerekane ko Imana ari inyakuri, aheze yemeze ivyo Imana yasezeraniye ba sekuruza babo+  no kugira amahanga aninahaze Imana kubera imbabazi zayo+. Nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Ni co gituma wewe nzokwemanga ku mugaragaro mu mahanga, kandi nzoririmbira amashemezo izina ryawe+ 10  Havuga kandi ngo: «Nezerwa mwa mahanga hamwe n’abantu biwe+ 11  Irongera kandi iti: «Shemeza Yehova*, mwa mahanga mwese! Imigwi yose y’abantu nimushemeze+ 12  Na Yesaya avuga ati: «Hazoba umuzi wa Yese+ uzohaguruka ngo uganze amahanga+. Ni we amahanga azokwizigira+ 13  Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro kubera muyizigira, kugira mwuzure* icizigiro biciye ku bubasha bw’impwemu nyeranda+. 14  Nanje ubwanje narajijutse ku biberekeye bavukanyi, yuko na mwebwe mwiteguriye gukora ivyiza*, ko mwuzuye ubumenyi bwose be n’uko mushobora guhanurana*. 15  Ariko ndabandikiye ibintu bimwebimwe ntarya umunwa, kugira nongere kubibutsa, kubera ubuntu buhebuje* Imana yangiriye 16  kugira mbe umukozi* wa Kristu Yezu mu mahanga+. Nkora igikorwa ceranda c’inkuru nziza y’Imana+, kugira ayo mahanga abe ishikanwa ryemerwa, ryejejwe n’impwemu nyeranda. 17  Ndafise rero imvo yo kwigina muri Kristu Yezu kubera nkora igikorwa c’Imana. 18  Kuko ntokwubahuka kuvuga ikintu na kimwe kiretse ivyo Kristu yakoze biciye kuri jewe, kugira amahanga agamburuke biciye ku vyo mvuga no ku vyo nkora, 19  biciye no ku bubasha bw’ibimenyetso n’ibitangaza+ n’ububasha bw’impwemu nyeranda. Narashoboye rero kwamamaza inkuru nziza yerekeye Kristu bimwe bishitse*, kuva i Yeruzalemu kuzunguruka gushika muri Iliriya+. 20  Gutyo rero, nihaye intumbero yo kutamenyesha inkuru nziza aho izina rya Kristu ryari rimaze kumenyekanishwa, kugira sinsange ndiko nubakira ku mushinge w’uwundi muntu. 21  Nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Abatabwiwe ibimwerekeye bazobibona, n’abatumvise ibimwerekeye bazobitahura+ 22  Ni na co gituma kenshi vyanse ko nza iwanyu. 23  Ariko ubu nta cibare ngifise kitarakorwa muri izi ntara, kandi maze imyaka myinshi* nipfuza cane kuza iwanyu. 24  Ninaja rero muri Esupanye, nizigiye kuzobabona tukamarana umwanya maze mukamperekezayo gatoyi. 25  Ariko ndi mu kuja i Yeruzalemu gukorera aberanda+. 26  Kuko ab’i Masedwane n’i Akaya bahimbawe no gusangira ivyabo n’abandi mu gutanga imfashanyo y’aberanda b’i Yeruzalemu bari mu bukene+. 27  Ego ni ko barahimbawe no kubigira, ariko vy’ukuri bari babafitiye ideni. Ko abo bantu bo mu mahanga baronse ku bintu vy’impwemu vy’ab’i Yeruzalemu, na bo nyene babwirizwa kubahako ivy’umubiri+. 28  Ninarangiza ivy’iyo ntererano* rero nkamara kuyishikiriza neza, nzoca nja muri Esupanye nciye iwanyu. 29  Vyongeye, ndazi ko ninaza iwanyu nzoza mfise ingero yuzuye y’umuhezagiro uvuye kuri Kristu. 30  Ndabasavye rero bavukanyi, biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu no ku rukundo ruva ku mpwemu, ngo mufadikanye nanje gusenga cane Imana ku bwanje+. 31  Munsengere kugira inkize+ abantu b’i Yudaya batemera, no kugira ngo aberanda b’i Yeruzalemu bazoshime igikorwa ngiye kubakorera+, 32  kugira ngo Imana ibigomvye nzoze iwanyu mfise umunezero, numve nduhuriwe cokimwe namwe. 33  Ya Mana itanga amahoro ibane namwe mwese+. Amen.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «n’akanwa kamwe.»
Canke «nimwemerane.»
Canke «musesekare.»
Canke «yuko muri abantu bameze neza cane.»
Canke «kwigishanya.»
Canke «umukozi akorera abantu.»
Canke «binogangije.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mikeyi.»
Mu kigiriki havuga ngo «ico camwa.»