Matayo 28:1-20

  • Izuka rya Yezu (1-10)

  • Abasoda bahabwa igiturire kugira babeshe (11-15)

  • Abatuma guhindura abantu abigishwa (16-20)

28  Ku musi wa mbere w’indwi, inyuma y’isabato, Mariya Magadalena n’umwe Mariya wundi baza kuraba imva mu bucagucagu+.  Hari habaye nyamugigima ikomeye, kuko umumarayika wa Yehova* yari yamanutse avuye mw’ijuru, atembagaza ca kibuye maze acicarako+.  Yarakaka nk’umuravyo, impuzu ziwe na zo zikera nk’urubura*+.  Emwe abarinzi baramutinye cane, barajugumira ku buryo bamera nk’abapfuye.  Ariko uwo mumarayika abwira abo bagore ati: «Ntimutinye. Ndazi ko muriko murondera Yezu, umwe yamanikwa ku giti+.  Nta wuri ng’aha, kuko yazuwe nk’uko nyene yari yarabivuze+. Ingo murabe aho yari aryamye.  Nyaragasa rero mubwire abigishwa biwe ko yazuwe mu bapfuye, kandi ko yabaye aragenda i Galilaya+. Ni ho muzomubonera. Ivyo ni vyo nashaka kubabwira+  Ubwo nyene bava kuri iyo mva* bafise ubwoba, ariko bafise n’umunezero mwinshi, biruka kubibwira abigishwa biwe+.  Maze Yezu ahura na bo, ababwira ati: «Amahoro!» Baca baramwegera, baramwunamira*, bamufata ku birenge baragumya. 10  Yezu aca ababwira ati: «Ntimugire ubwoba! Genda mubibwire benewacu, kugira baje i Galilaya. Ni ho bazombonera.» 11  Abo bagore bakiri mu nzira, bamwe mu barinzi+ baca baja mu gisagara, babwira abaherezi bakuru ivyari vyabaye vyose. 12  Abo baherezi bamaze kubonana n’abashingantahe kandi bakaja inama, baca baha abo basoda amahera menshi*. 13  Maze bababwira bati: «Muze kuvuga ko abigishwa biwe baje mw’ijoro musinziriye maze baramwiba+. 14  Buramatari niyavyumva, tuzomusigurira uko vyagenze* kandi nta co muzoba.» 15  Baca batora ayo mahera, bagira nk’uko bababwiye. Iyo nkuru iraheza ikwiragira mu Bayuda bose gushika n’ubu. 16  Ba bigishwa 11 baca baja i Galilaya+, ku musozi Yezu yari yababwiye ko bahurirako+. 17  Bamubonye, baca baramwunamira* ariko bamwe barakekeranya. 18  Yezu arabegera, ababwira ati: «Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi+. 19  Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa+, mubabatize+ mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda. 20  Mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse+. Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo* ry’ivy’iyi si*+

Utujambo tw'epfo

Canke «nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «iyo mva y’icibutso.»
Canke «bikubita imbere yiwe.»
Canke «ibiceri vy’ifeza vyinshi.»
Mu kigiriki havuga ngo «tuzobimwumvisha.»
Canke «bikubita imbere yiwe.»
Canke «ku nsozero.»
Canke «ry’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).