Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 3

Ni nde yanditse Bibiliya?

«Musa . . . yandika ivyo Yehova yari yamubwiye vyose.»

Kuvayo 24:4

«Daniyeli yararose indoto yongera arerekwa ibintu ari ku gitanda ciwe. Yaciye yandika iyo ndoto, yigana iyo nkuru yose.»

Daniyeli 7:1

“Igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, ntimwaryemeye nk’ijambo ry’abantu, ahubwo mwaryemeye nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.”

1 Abatesalonika 2:13

«Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro mu kwigisha.»

2 Timoteyo 3:16

«[Nta] buhanuzi bwigeze buvugwa bivuye ku vyo umuntu agomba, ahubwo abantu bavuga ivyava ku Mana barongowe n’impwemu nyeranda.»

2 Petero 1:21