Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

A1

Ivyo abashira Bibiliya mu zindi ndimi bisunga

Mu ntango Bibiliya yanditswe mu giheburayo, mu giharameya no mu kigiriki vya kera. Muri iki gihe iboneka mu ndimi zirenga 3.000 ari yose canke igice cayo. Abantu benshi basoma Bibiliya ntibatahura izo ndimi zo mu ntango. Ni co gituma bakenera Bibiliya yashizwe mu rundi rurimi. Ni ivyiyumviro ibihe abashira Bibiliya mu zindi ndimi bakwiye kwisunga? Abashize Bibiliya y’isi nshasha mu zindi ndimi bobo bavyisunze gute?

Hari abiyumvira ko gushira Bibiliya mu rundi rurimi ijambo ku rindi vyotuma umusomyi atahura neza ivyavuzwe mu ndimi zo mu ntango. Ariko si ko vyama biri. Raba imvo zimwezimwe:

  • Nta ndimi zibiri zifise neza na neza indimburo imwe, amajambo amwe canke inyubako y’amungane imwe. Umuhinga w’igiheburayo yitwa S. R. Driver yanditse yuko indimi «zidatandukanira gusa ku ndimburo no ku matsitso, ahubwo ko . . . zitandukanira no mu kuntu ivyiyumviro bikurikirana mu ryungane.» Abavuga ururimi kanaka usanga biyumvira mu buryo butandukanye n’abavuga urundi. Uwo muhinga yongerako ati: «Ni co gituma amungane atubakwa kumwe mu ndimi zose.»

  • Nta rurimi na rumwe rwo muri iki gihe rufise amajambo n’indimburo bisa neza na neza n’ivy’igiheburayo, igiharameya be n’ikigiriki vyakoreshejwe muri Bibiliya. Rero gushira Bibiliya mu rundi rurimi ijambo ku rindi bishobora gutuma igisomwa kitumvikana, bikanatanga insobanuro itari yo.

  • Insobanuro y’ijambo kanaka canke imvugo kanaka, hari igihe ihinduka bivanye n’ibiriko biravugwa.

Mu vyanditswe bimwe hari igihe uwushira igisomwa mu rundi rurimi (umuhinduzi) bikunda ko akurikiranya amajambo nk’uko ari mu rurimi rwo mu ntango, ariko bisaba kuba maso.

Ng’ubu uburorero bukeyi bwerekana ukuntu gushira igisomwa mu rundi rurimi ijambo ku rindi bishobora gutanga insobanuro itari yo:

  • Bibiliya irakoresha ijambo «gusinzira» ishaka kuvuga itiro risanzwe n’itiro ry’urupfu. (Matayo 28:13; Ivyakozwe 7:60, akajambo k’epfo.) Igihe iryo jambo rikoreshejwe mu mirongo ivuga ivyerekeye urupfu, abahinduzi ba Bibiliya barashobora guca bavuga ngo «gusinzira mu rupfu.» Ivyo bituma umusomyi atazazanirwa.—1 Abakorinto 7:39; 1 Abatesalonika 4:13; 2 Petero 3:4.

  • Mu Banyefeso 4:14, intumwa Pawulo yakoresheje imvugo yohindurwa ijambo ku rindi ngo «mu mukino w’urusimbi rw’abantu.» Iyo mvugo ya kera ifatiye ku kuntu abantu wasanga bahenda abandi igihe bariko barakina urusimbi (bakoresheje akantu bakinisha urudo bita saxe canke ). Mu ndimi nyinshi, guhindura iyo mvugo ukwo nyene imeze ntivyotahurika. Ariko ihinduwe ngo «amayeri y’abantu» ica itahurika neza.

  • Mu Baroma 12:11, harakoreshwa imvugo y’ikigiriki isobanura ijambo ku rindi ngo «ku mpwemu mubiragira.» Iyo nyubako ntiserura neza iciyumviro mu kirundi. Ni co gituma muri iyi Bibiliya iyo mvugo yahinduwe ngo «mururumbe impwemu.»

  • MATAYO 5:3

    Ijambo ku rindi: «aboro mu mitima.»

    Iciyumviro kirimwo: «abazi ko bakeneye ivy’Imana.»

    Igihe Yezu yariko arashikiriza ya nsiguro rurangiranwa yo ku musozi, yarakoresheje imvugo ikunze guhindurwa ngo: «Hahiriwe aboro mu mitima yabo.» (Matayo 5:3, Bibiliya Yera) Ariko rero mu ndimi nyinshi, igihe iyo mvugo ihinduwe ijambo ku rindi usanga idaserura iciyumviro gitomoye. Mu ndimi zimwezimwe, umuntu akoresheje iyo mvugo ijambo ku rindi, birashobora gutanga iciyumviro c’uko abo «boro mu mitima» ari abantu b’abakehabwenge canke batagira inkomezi n’ishaka. Ariko rero, Yezu yariko yigisha abantu yuko igituma umuntu ahimbarwa ari ugutahura ko akeneye kuyoborwa n’Imana, atari ukwironsa ivyo akeneye ku mubiri. (Luka 6:20) Ku bw’ivyo rero, guhindura iyo mvugo ngo «abazi ko bakeneye ivy’Imana» birarushiriza guserura neza insobanuro iyo mvugo yari ifise mu ntango.—Matayo 5:3.

  • Mu vyanditswe bitari bike, ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo «ishari» rirahuye n’insobanuro tumenyereye mu kirundi, ni ukuvuga gushavura kubera ko ubona ko umugenzi wa hafi yaguhemukiye canke kwipfuza ivyo abandi bafise. (Imigani 6:34; Yesaya 11:13) Ariko iryo jambo nyene ry’igiheburayo hari igihe risobanura ikintu ciza. Nk’akarorero rirashobora gukoreshwa mu kuvuga «umwete» wa Yehova canke ishaka afise ryo gukingira abasavyi biwe. Rirashobora kandi gukoreshwa mu kuvuga ko ari Imana «isaba gusengwa yonyene.» (Kuvayo 34:14; 2 Abami 19:31; Ezekiyeli 5:13; Zakariya 8:2) Iryo jambo kandi rirashobora gukoreshwa mu kuvuga «umwete» abasavyi b’Imana b’intahemuka berekana mu kuyikorera no mu kuyisenga canke kuba “batihanganira na gato abahemukira” Imana.—Zaburi 69:9; 119:139; Guharura 25:11.

  • Ijambo ry’igiheburayo yadh rikunda guhindurwa ngo «ukuboko.» Mugabo bivanye n’ibiriko biravugwa, rirashobora guhindurwa ngo “gutanga ibintu”, “gutwara abantu”, «ububasha» canke rigahindurwa ukundi.

    Imvugo y’igiheburayo ikunda gukoreshwa mu kuvuga «ukuboko kw’umuntu» ifise insobanuro nyinshi. Bivanye n’ibiriko biravugwa, iryo jambo rirashobora guhindurwa ngo “gutanga ibintu”, “gutwara abantu”, canke «ububasha.» (1 Abami 10:13; 2 Ngoma 17:15; Imigani 18:21) Muri iyi Bibiliya, iryo jambo rihindurwa mu buryo bwinshi butandukanye.

Twisunze izo mvo zose, gushira Bibiliya mu zindi ndimi si uguhindura gusa ijambo ryo mu rurimi rw’intango urisubiriza iryo bihuye aho ribonetse hose. Umuhinduzi ategerezwa kuraba neza agahitamwo amajambo yo mu rurimi rwiwe aserura neza ivyiyumviro vyo mu gisomwa co mu rurimi rw’intango. N’ikindi kandi, kugira ngo igisomwa corohe gusoma, birakenewe ko amungane yubakwa mu buryo buhuye n’amategeko y’indimburo y’ururimi ariko arashiramwo ico gisomwa.

Ariko rero, umuhinduzi arakwiye kwirinda kurenza urugero igihe ahitamwo amajambo akoresha. Igihe yihaye uburenganzira bwo guhindura Bibiliya akoresheje amajambo yigombeye yisunze uko atahura igisomwa, yoshobora kugoreka insobanuro yaco. Uti gute? Hari aho yokwinjizamwo iciyumviro ciwe kubera yatahuye igisomwa co mu ntango ukutari kwo, canke na ho agakuramwo amakuru ahambaye yari mu gisomwa co mu ntango. Naho rero Bibiliya zihinduwe gutyo zoba zoroshe gusoma, abazisoma barashobora kudatahura ubutumwa bw’ukuri bwari mu gisomwa co mu ntango kubera ko abazishize muri izo ndimi bihaye uburenganzira burenze.

Ivyo umuhinduzi yemera birashobora gutuma agoreka igisomwa ariko arashira mu rundi rurimi. Nk’akarorero, muri Matayo 7:13 havuga ngo: «Inzira yagutse ijana mu mahonero.» Abahinduzi bamwebamwe, kumbure kubera ivyo bemera, bavuze ngo «ijana mu muriro udahera», aho gukoresha ijambo riserura neza iciyumviro kiri mw’ijambo ry’ikigiriki ari co «amahonero.»

Umuhinduzi wa Bibiliya akwiye kwibuka kandi ko Bibiliya yanditswe mu mvugo zisanzwe, zo mu buzima bwa misi yose zakoreshwa n’abantu basanzwe, nk’abarimyi, abungere n’abarovyi. (Nehemiya 8:8, 12; Ivyakozwe 4:13) Rero Bibiliya ihinduwe neza, ituma abantu b’umutima nziraburyarya batahura neza ubutumwa buri muri yo, baba bava he canke bameze gute. Amajambo atomoye, asanzwe kandi yoroshe gutahura ni yo abereye gusumba imvugo zidakunze gukoreshwa n’abantu basanzwe.

Hari abahinduzi batari bake bihaye uburenganzira butagira ishingiro bwo gukura izina ry’Imana Yehova muri Bibiliya zahinduwe mu mvugo ya none, naho nyene iryo zina riboneka mu vyandikano vya kera vya Bibiliya. (Raba Inyongera ya A4.) Muri Bibiliya nyinshi, iryo zina barisubirije izina ry’icubahiro nka «Umukama» canke «Uhoraho.» Hari na Bibiliya zidatomora yuko Imana ifise izina. Nk’akarorero, hari Bibiliya zihindura rya sengesho rya Yezu riri muri Yohani 17:26 ziti: «Natumye bakumenya.» Muri Yohani 17:6 na ho ziti: «Naraguhishuye ku bantu wampaye.» Ariko Bibiliya ihindura iryo sengesho rya Yezu mu buryo buhuye n’igisomwa co mu ntango, igira iti: «Narabamenyesheje izina ryawe.» Ahandi na ho iti: «Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye.»

Nk’uko bivugwa mu kajambo k’intango ka Bibiliya y’isi nshasha ya mbere yasohowe mu congereza, «ntitwahinduye Ivyanditswe dukoresheje amajambo twigombeye. Twagumye twihatira guhindura igisomwa ijambo ku rindi aho bishoboka, igihe twaba tubona ko bikunda twisunze icongereza co muri iki gihe, tukabona kandi ko bidatuma iciyumviro kitumvikana kubera hakoreshejwe imvugo zidatomoye.» Rero, abagize Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha baragerageje gukoresha amajambo ahuye neza n’ayo mu gisomwa co mu ntango, ariko birinda ayadatomoye canke ayapfukiranya iciyumviro. Ivyo bituma Bibiliya yoroha gusoma, n’uwuyisoma akizigira neza ko ubutumwa bwahumetswe buri muri yo bwashikirijwe neza.—1 Abatesalonika 2:13.