Zaburi 72:1-20

  • Intwaro itekanye y’umwami yagenywe n’Imana

    • «Abagororotsi bazosagamba» (7)

    • «Abatwarwa biwe bazova ku kiyaga gushika ku kindi» (8)

    • Azobakiza ibintu vy’ububisha (14)

    • Kw’isi hazoba ibifungurwa vyinshi (16)

    • Izina ry’Imana rizoninahazwa ibihe vyose (19)

Ni zaburi yerekeye Salomo. 72  Ewe Mana, niwigishe umwami guca imanzakandi uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+.   Naburanire abantu bawe yisunze ubugororotsi,aburanire abantu batobato yisunze ubutungane+.   Ese imisozi yozanira abantu amahoro,imitumba na yo ikabazanira ubugororotsi.   Naburanire* abantu batobato,akize abana b’abakene,mugabo afyonyore abahahaza abandi+.   Bazogutinya igihe cose izuba rizoba rikiriho,n’igihe cose ukwezi kuzoba kukiriho,uko urunganwe* rugenda rurakurikirana+.   Azomera nk’imvura igwa ku vyatsi batemye,nk’imvura nyinshi ivomera isi+.   Ku ngoma yiwe, abagororotsi bazosagamba*+,kandi amahoro azosasagara+ gushika ukwezi kutakiriho.   Abatwarwa biwe bazova* ku kiyaga gushika ku kindi,no kuva kuri rwa ruzi runini* gushika ku mpera z’isi+.   Ababa mu bugaragwa bazokwunama imbere yiwe,kandi abansi biwe bazorigata umukungugu+. 10  Abami b’i Tarushishi n’ab’amazinga bazomuriha ikori*+, abami ba Sheba n’aba Seba bamuhe ingabire+. 11  Abami bose bazokwunama imbere yiwe,kandi amahanga yose azomukorera. 12  Azorokora umukene atabaza,arokore umuntu mutomuto n’uwutagira gitabara. 13  Azogirira impuhwe abantu batobato n’abakene,kandi azorokora ubuzima bw’abakene. 14  Azobakiza agahahazo n’ibintu vy’ububisha,kandi amaraso yabo azoba ay’agaciro kuri we. 15  Niyirambire kandi ahabwe inzahabu y’i Sheba+. Ese abantu bokwama bamusengera,bakamuhezagira ibihe vyose. 16  Hazobaho ibifungurwa vyinshi kw’isi+,habe umusesekara kw’isonga ry’imisozi. Imirima y’umwami izokwimbuka cane nk’iy’i Libani+,kandi ababa mu bisagara bazogwira nk’ivyatsi vyo kw’isi+. 17  Ese izina ryiwe ryokwamaho ibihe vyose+,rikaramba igihe cose izuba rizoba rikiriho! Ese abantu bohezagirwa* biciye kuri we+,kandi amahanga yose akamwita umuhirwe! 18  Hahezagirwe Yehova Imana, Imana ya Isirayeli+,we wenyene akora ibikorwa vy’agatangaza+. 19  Izina ryiwe rihambaye nirininahazwe ibihe vyose+,kandi ubuninahazwa bwiwe bwuzure isi yose+. Amen kandi Amen. 20  Amasengesho ya Dawidi mwene Yese agarukiye aha+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «nacire urubanza.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «bazonaga.»
Canke «azotwara kuva.»
Ni uruzi Efurate.
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Canke «bokwironsa umuhezagiro.»