Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 19

Ni ibiki biri mu bitabu bitandukanye vya Bibiliya?

IVYANDITSWE VY’IGIHEBURAYO («ISEZERANO RYA KERA»)

PANTATEKI (IBITABU 5):

Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharura, Gusubira mu vyagezwe

Kuva kw’irema gushika kw’ishingwa ry’ihanga rya Isirayeli

IBITABU VYIGANA INKURU ZA KAHISE (IBITABU 12):

Yosuwa, Abacamanza, Rusi

Isirayeli yinjira mu gihugu c’isezerano be n’ivyabaye mu nyuma

1 Samweli na 2 Samweli, 1 Abami na 2 Abami, 1 Ngoma na 2 Ngoma

Inkuru zerekeye ihanga rya Isirayeli gushika Yeruzalemu isanganguwe

Ezira, Nehemiya, Esiteri

Inkuru zerekeye ihanga ry’Abayuda inyuma y’aho baviriye mu bunyagano i Babiloni

IBITABU VY’INDYOSHAMVUGO (IBITABU 5):

Yobu, Zaburi, Imigani, Umusiguzi, Indirimbo ya Salomo

Ivyegeranyo vy’imvugo z’ubukerebutsi be n’indirimbo

IBITABU VY’UBUHANUZI (IBITABU 17):

Yesaya, Yeremiya, Gucura intimba, Ezekiyeli, Daniyeli, Hoseya, Yoweli, Amosi, Obadiya, Yona, Mika, Nahumu, Habakuki, Zefaniya, Hagayi, Zakariya, Malaki

Ibintu vyavuzwe imbere y’igihe vyerekeye abasavyi b’Imana

IVYANDITSWE VY’IKIGIRIKI («ISEZERANO RISHASHA»)

ZA NJILI ZINE (IBITABU 4):

Matayo, Mariko, Luka, Yohani

Inkuru zerekeye ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku bwiwe

IVYAKOZWE N’INTUMWA (IGITABU 1):

Inkuru yerekeye intango y’ishengero rya gikirisu be n’igikorwa c’ubumisiyonari

AMAKETE (IBITABU 21):

Abaroma, 1 Abakorinto na 2 Abakorinto, Abagalatiya, Abanyefeso, Abafilipi, Abakolosayi, 1 Abatesalonika na 2 Abatesalonika

Amakete yandikiwe amashengero ya gikirisu atandukanye

1 Timoteyo na 2 Timoteyo, Tito, Filemoni

Amakete yandikiwe umuntu umwumwe ukwiwe

Abaheburayo, Yakobo, 1 Petero na 2 Petero, 1 Yohani, 2 Yohani na 3 Yohani, Yuda

Ayandi makete yandikiwe abakirisu

IVYAHISHUWE (IGITABU 1):

Ubuhanuzi butandukanye intumwa Yohani yeretswe