Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

B1

Ubutumwa bwo muri Bibiliya

Yehova Imana arafise uburenganzira bwo gutegeka. Uburyo ategeka ni bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Umugambi afitiye isi n’abantu uzoranguka.

Inyuma ya 4026 M.K.

«Ya nzoka» iravyura amakenga ku burenganzira Yehova afise bwo gutegeka n’ingene ategeka. Yehova aca asezerana ko azoshiraho «uruvyaro» canke «urubuto» ruzofyonyora iyo nzoka ari yo Shetani. (Itanguriro 3:1-5, 15, akajambo k’epfo) Ariko rero Yehova arareka hagaca igihe abantu bitegeka bayobowe na Shetani.

Mu 1943 M.K.

Yehova arabwira Aburahamu yuko «uruvyaro» rwasezeranywe ari we ruzokomokako.—Itanguriro 22:18.

Inyuma ya 1070 M.K.

Yehova arakura amazinda umwami Dawidi hanyuma umuhungu wiwe Salomo yuko «uruvyaro» rwasezeranywe ruzova mu muryango wabo.—2 Samweli 7:12, 16; 1 Abami 9:3-5; Yesaya 9:6, 7.

Mu 29 N.K.

Yehova aratomora ko Yezu ari we «ruvyaro» rwasezeranywe, akaba ari we samuragwa w’ingoma ya Dawidi.—Abagalatiya 3:16; Luka 1:31-33; 3:21, 22.

Mu 33 N.K.

Ya nzoka ari yo Shetani irakomeretsa rwa «ruvyaro» mu kwicisha Yezu. Yehova arazura Yezu maze akaja kuba mw’ijuru hanyuma akemera agaciro k’ubuzima bwiwe butagira agasembwa. Aho yari ashizeho umushinge wo kubabarirwa ibicumuro no kuronsa ubuzima budahera abakomoka kuri Adamu.—Itanguriro 3:15; Ivyakozwe 2:32-36; 1 Abakorinto 15:21, 22.

Nko mu 1914 N.K.

Yezu arakororera kw’isi ya nzoka ari yo Shetani, ikagumizwa mu micungararo y’isi kumara igihe gito.—Ivyahishuwe 12:7-9, 12.

Muri kazoza

Yezu arashira mw’ibohero Shetani imyaka 1.000 maze akamuzimanganya, akaba ari nk’aho amufyonyoye umutwe. Umugambi Yehova yari afitiye isi n’abantu uraranguka, izina ryiwe rigakurwako iceyi kandi bikagaragara ko ategeka neza gusumba abandi bose.—Ivyahishuwe 20:1-3, 10; 21:3, 4.