Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 6

Ni ibiki Bibiliya yari yaravuze ku bijanye na Mesiya?

UBUHANUZI

«Wewe ga Betelehemu Efurata, . . . iwawe hazova uwuzombera umutware muri Isirayeli.»

Mika 5:2

UKUNTU BWARANGUTSE

«Yezu amaze kuvukira i Betelehemu muri Yudaya mu gihe c’umwami Herodi, hari abantu baragurisha inyenyeri baje i Yeruzalemu bavuye mu buseruko.»

Matayo 2:1

UBUHANUZI

«Bagabura impuzu zanje, bagapfindira ivyambarwa vyanje.»

Zaburi 22:18

UKUNTU BWARANGUTSE

«Abasoda bamaze kumanika Yezu, batora impuzu ziwe bazigaburamwo kune . . . Mugabo [ikanzu yiwe] nta mubariro yagira, kuko yari ijishwe kuva hejuru gushika hasi. Maze babwirana bati: “Ntituyitabure, ahubwo reka tugire ubupfindo kugira tumenye uwuyitwara.”»

Yohani 19:23, 24

UBUHANUZI

«Azigama amagufa yiwe yose, nta na rimwe muri yo bavunye.»

Zaburi 34:20

UKUNTU BWARANGUTSE

«Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gupfa, ntibaba rero bakimuvuna amaguru.»

Yohani 19:33

UBUHANUZI

«Yaracumiswe azira ibicumuro vyacu.»

Yesaya 53:5

UKUNTU BWARANGUTSE

«Umwe muri abo basoda aca amucumita icumu mu rubavu, ubwo nyene haca havayo amaraso n’amazi.»

Yohani 19:34

UBUHANUZI

«Bampemba ibiceri 30 vy’ifeza.»

Zakariya 11:12, 13

UKUNTU BWARANGUTSE

«Umwe muri bamwe cumi na babiri, ari we Yuda Isikariyoti, aca aja ku bakuru b’abaherezi, ababwira ati: “Mumpa iki ngo ndamubahe?” Bumvikana kumuha ibiceri 30 vy’ifeza.»

Matayo 26:14, 15; 27:5