Zaburi 83:1-18

  • Gutabaza Imana igihe uhanganye n’abansi

    • «Ewe Mana, ntugume wihoreye» (1)

    • Abansi bameze nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga (13)

    • Izina ry’Imana ni Yehova (18)

Ni indirimbo. Ni zaburi ya Asafu+. 83  Ewe Mana, ntugume wihoreye+.Ntugume winumiye canke ngo ubirabishe amaso gusa Mana!   Ehe raba abansi bawe bahumaganye+.Abakwanka ubwishime bwabamaze*.   Bapanga mu mpisho imigambi yo kugirira nabi abantu bawe,bakaja inama yo kugirira nabi abo wikundira*.   Bavuga bati: «Ingo duhonye ihanga ryabo ryose+,kugira izina rya Isirayeli ntirisubire kwibukwa.»   Bapangira hamwe umugambi*,bagapfundika isezerano ryo kukurwanya+.   Na bo ni aba: Abanyedomu, Abishimayeli, Abanyamowabu+, Abahaguri+,   Abagebali, Abamoni+, Abamaleki,Abafilisitiya+ hamwe n’ababa i Tiro+.   Abashuri+ na bo nyene barabiyunzeko.Barashigikiye* abakomoka kuri Loti*+. (Sela*)   Nubakorere nk’ivyo wakoreye Midiyani+,nk’ivyo wakoreye Sisera na Yabini ku mugezi* wa Kishoni+. 10  Bahoneye i Eni-Dori+,bacika intabire y’isi. 11  Abanyacubahiro babo nubagire nka Orebu na Zebu+,abaganwa* babo na bo nka Zeba na Zalumuna+, 12  kuko bavuze bati: «Nimuze twigarurire igihugu Imana ibamwo.» 13  Ewe Mana yanje, nubagire nk’ivyatsi vy’ibitovu biguruwe n’umuyaga+,nk’ibishakara bitwawe n’umuyaga. 14  Nka kurya umuriro uturira ikibira,nka kurya nyene urubeya rutongora imisozi+, 15  nubakurikirane n’igihuhusi cawe+,ubatere ubwoba n’umuyaga wawe ukomeye+! 16  Nutume buzura ibimaramare*,kugira barondere izina ryawe, ewe Yehova! 17  Nibamaramare, batekerwe n’ubwoba ibihe vyose.Ese borya ivyatsi bagahona! 18  Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+!

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «badugije umutwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «abo unyegeza.»
Mu giheburayo havuga ngo «baja inama bafise umutima umwe.»
Ni ukuvuga Abanyamowabu n’Abamoni.
Mu giheburayo havuga ngo «babereye ukuboko.»
Canke «ku mwonga.»
Canke «abatware.»
Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso habo huzura ibimaramare.»