Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akajambo k’intango

Bibilliya irimwo ubutumwa Imana yandikiye umwe wese muri twebwe. Turakwiye kuyiga kugira ngo tumenye uwayandikishije. (Yohani 17:3; 2 Timoteyo 3:​16) Muri yo, Yehova Imana aratumenyesha umugambi afitiye abantu be n’isi.​—Itanguriro 3:​15; Ivyahishuwe 21:​3, 4.

Nta kindi gitabu na kimwe gifise akamaro kanini mu buzima bw’abantu nka Bibiliya. Ico gitabu kiraturemesha kugaragaza kamere za Yehova nk’urukundo, imbabazi n’impuhwe. Kiratanga icizigiro, kigafasha abantu kwihangana no mu bihe bigoye cane. Kirabandanya gushira ahabona ibintu vyo muri iyi si binyuranye n’ivyo Imana igomba bigororotse.​—Zaburi 119:105; Abaheburayo 4:​12; 1 Yohani 2:​15-​17.

Naho mu ntango Bibiliya yanditswe mu giheburayo, mu giharameya no mu kigiriki, yarahinduwe mu ndimi zirenga 3.000 yaba yose canke igice. Muri kahise k’abantu, ni co gitabu cashoboye guhindurwa no gukwiragizwa kuruta ibindi. Kandi ivyo ntibitangaje, kuko Bibiliya yari yaravuze iti: «Iyi nkuru nziza y’Ubwami [ubutumwa nyamukuru buri muri Bibiliya] izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose, maze iherezo rizoca riza.»​—Matayo 24:14.

Kubera dutahura yuko ubutumwa buri muri Bibiliya buhambaye, twarayisubiyemwo tubigiranye icubahiro kigera kure. Turatahura ko ari ibanga ridasanzwe gushikiriza ubwo butumwa mu buryo butarimwo amakosa. Iyi Bibiliya yasubiwemwo hisunzwe ama Bibiliya y’isi nshasha yasohotse imbere yayo, iya mbere ikaba yasohotse mu congereza mu 1950. Yamara rero, indimi zagiye zirahinduka cane muri iyi myaka 50 iheze. Ivyo vyatumye abagize Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha batanguza igikorwa co kuyiryohora kugira irushirize gutahurika. Intumbero yacu yamye ari iyo gusohora igisomwa gihuye n’igisomwa co mu ntango, ariko kandi cumvikana kandi coroshe gusoma. Ibiganiro biri mu Nyongera bivuga ngo «Ivyo abashira Bibiliya mu zindi ndimi bisunga», «Ibiranga iyi Bibiliya yasubiwemwo», be na «Ukuntu Bibiliya yadushikiriye» birerekana bimwebimwe mu vyagiye biraryohorwa muri iyi Bibiliya.

Abo bose bakunda Yehova kandi bamusenga baripfuza kuronka Ijambo ry’Imana ritagira amakosa kandi ryumvikana. (1 Timoteyo 2:4) Ku bw’ivyo, twarasohoye Bibiliya yasubiwemwo mu congereza mu ntumbero yo kuyihindura no mu zindi ndimi nyinshi zishoboka. Musomyi dukunda, wewe wihatira kurondera Imana, dusenga dusaba ko iyi Bibiliya yogufasha kuyironka vy’ukuri.​—Ivyakozwe 17:27.

Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha

Myandagaro 2013

Bibiliya y’isi nshasha ya mbere yo mu kirundi yasohowe mu 2010. Iyi Bibiliya yasubiwemwo hisunzwe iyo mu congereza yasohowe mu 2013. Irimwo ibintu vyose biboneka muri iyo yo mu congereza.