Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 1

Imana ni nde?

«Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova, be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose!»

Zaburi 83:18

«Nimumenye ko Yehova ari Imana. Ni we yaturemye kandi turi abiwe.»

Zaburi 100:3

«Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje. Nta wundi n’umwe mpa ubuninahazwa bwanje, canke ngo mpe ishemezo ryanje ibishusho bibajwe.»

Yesaya 42:8

«Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.»

Abaroma 10:13

«Mu bisanzwe, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo Imana ni yo yubatse ibintu vyose.»

Abaheburayo 3:4

«Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri. Zose azihamagara mu mazina yazo. Kubera inkomezi zitagira uko zingana akoresha n’ububasha buteye akoba afise, nta n’imwe muri zo ibura.»

Yesaya 40:26