Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 11

Bigenda gute iyo umuntu apfuye?

«Impwemu yiwe iramuvamwo, akisubirira mw’ivu. Uwo musi nyene ivyiyumviro vyiwe bigahera.»

Zaburi 146:4

«Abazima ba[ra]zi ko bazopfa, ariko abapfuye nta na kimwe bazi . . . Igikorwa cose uronse ugikorane inkomezi zawe zose, kuko ata gikorwa canke umugambi canke ubumenyi canke ubwenge biri mu kuzimu, aho uriko uraja.»

Umusiguzi 9:5, 10

«[Yezu] yongerako ati: “Lazaro umugenzi wacu arasinziriye, ariko ndagiyeyo kumukangura.” Mugabo Yezu yariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe, ariko bo biyumviriye ko yariko avuga itiro risanzwe. Yezu aca arabatomorera ati: “Lazaro yapfuye.”»

Yohani 11:11, 13, 14