Zaburi 103:1-22

  • «Ngira nshemeze Yehova»

    • Imana ishira kure ibicumuro vyacu (12)

    • Imana ifise imbabazi nk’iz’umuvyeyi (13)

    • Imana iribuka ko turi umukungugu (14)

    • Intebe y’ubwami ya Yehova n’ubwami bwiwe (19)

    • Abamarayika barashitsa ijambo ry’Imana (20)

Ni zaburi ya Dawidi. 103  Ngira nshemeze Yehova.Ngira nshemeze izina ryiwe ryeranda n’umutima wanje wose.   Ngira nshemeze Yehova.Ese ntopfa nibagiye ivyo yankoreye vyose+!   Aguharira amakosa yawe yose+,akagukiza indwara zawe zose+.   Akura ubuzima bwawe mu cobo*+,akakwambika urugori rw’ubuntu* n’imbabazi+.   Aguhunda ivyiza+ ubuzima bwawe bwose,ku buryo inkomezi zawe ziguma ziyubura nk’iz’inkona+.   Yehova akora ibigororotse+ n’ibitunganyeku bw’abo bose bacinyizwa+.   Yamenyesheje inzira ziwe Musa+,amenyesha ibikorwa vyiwe bene Isirayeli+.   Yehova ni Imana y’imbabazi n’impuhwe*+,iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+.   Ntaguma atorana amahinyu+,kandi ntabika inzika ibihe vyose+. 10  Ntadukorera ibihuye n’ibicumuro vyacu+,kandi ntatwishura ibikwiranye n’amakosa yacu+. 11  Nk’uko ijuru riri kure cane y’isi,ni ko n’urukundo* akunda abamutinya ari rwinshi+. 12  Nk’uko ubuseruko buri kure cane y’uburengero,ni ko ashira kure cane amakosa yacu+. 13  Nk’uko umuvyeyi agirira imbabazi abana biwe,ni ko Yehova agirira imbabazi abamutinya+. 14  Kuko azi neza ingene turemwe+,aribuka ko turi umukungugu+. 15  Imisi y’umuntu imeze nk’iy’ivyatsi bitoto+.Ashurika nk’ishurwe ryo mw’ishamba+. 16  Iyo umuyaga uriciyeko rica rikamangana,rikamera nk’aho ritigeze ribaho*. 17  Ariko urukundo* rwa Yehova rwamaho ibihe vyose*kuri abo bose bamutinya+,kandi ubugororotsi bwiwe bwamaho ku babakomokako+, 18  ku bubahiriza isezerano ryiwe+no ku bitwararika kugamburuka ivyagezwe vyiwe. 19  Yehova yarashimangiye intebe yiwe y’ubwami mw’ijuru+,kandi ubwami bwiwe buganza ibintu vyose+. 20  Shemeza Yehova, yemwe bamarayika biwe mwese+ mukomeye cane,mwebwe mugamburuka ijwi ryiwe, mugashitsa ijambo ryiwe+. 21  Shemeza Yehova, yemwe ngabo ziwe mwese+,mwebwe abasuku biwe mukora ukugomba kwiwe+. 22  Shemeza Yehova, yemwe biremwa vyiwe mwese,mumushemeze ahantu hose aganza. Reka nshemeze Yehova n’umutima wanje wose!

Utujambo tw'epfo

Canke «mu mva.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «ahantu haryo ntihasubira kurimenya.»
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»