Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

A5

Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki

Abahinga mu vya Bibiliya baremeza ko izina ry’uruharo ry’Imana riboneka incuro hafi 7.000 mu gisomwa co mu ntango c’Ivyanditswe vy’igiheburayo, rikaba ryandikwa mu ndome zine z’igiheburayo (יהוה). Ariko rero, benshi bavuga ko ritaboneka mu gisomwa co mu ntango c’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Ni co gituma Bibiliya nyinshi zo muri iki gihe zidakoresha izina Yehova mu co bamwe bita Isezerano rishasha. Abahinduzi benshi bakoresha izina «Umukama» canke «Uhoraho» aho gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana, n’igihe bashira mu rundi rurimi amajambo yakuwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo abonekamwo za ndome zine.

Bibiliya y’isi nshasha si ko ibigenza. Irakoresha izina Yehova incuro 237 mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Abahinduzi bafashe iyo ngingo bisunze impamvu zibiri zihambaye: (1) Ivyandikano vy’iminwe vy’ikigiriki dufise muri iki gihe si ivyanditswe mu ntango. Menshi mu makopi ibihumbi ariho ubu yimuwe n’imiburiburi inyuma y’ibinjana bibiri ibisomwa vyo mu ntango vyanditswe. (2) Ico gihe, abimura ivyo vyandiko baza barasubiriza za ndome zine n’izina Kyʹri·os (ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo «Umukama») canke na ho bakimura bafatiye ku makopi yamaze gukurwamwo izo ndome.

Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha yasanze hariho ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko za ndome zine zaboneka mu vyandikano vy’iminwe vyo mu ntango vy’ikigiriki. Yashitse kuri ico ciyumviro yisunze ibimenyamenya bikurikira:

  • Amakopi y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yakoreshwa mu gihe ca Yezu n’intumwa ziwe yari yuzuyemwo za ndome zine. Kera hariho abantu batemera ico ciyumviro. Ariko ubu nta wukibiharira kubera yuko hariho amakopi y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yo mu kinjana ca mbere yubuwe hafi y’i Qumran.

  • Mu gihe ca Yezu n’intumwa ziwe, za ndome zine zaraboneka no muri Bibiliya z’ikigiriki z’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Mu binjana n’ibindi, abahinga mu vya Bibiliya biyumvira yuko za ndome zine zitaboneka mu vyandikano vy’iminwe vya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante igizwe n’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Mu nyuma, hagati mu kinjana ca 20, abahinga barabonye bimwebimwe mu bihimba vya kera cane vy’iyo Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante yo mu gihe ca Yezu. Ivyo bihimba birimwo izina ry’uruharo ry’Imana mu ndome z’igiheburayo. Mu gihe ca Yezu rero amakopi y’Ivyanditswe ari mu kigiriki yarimwo izina ry’Imana. Ariko rero, mu kinjana ca kane inyuma ya Kristu, ivyandikano nyamukuru birimwo igisomwa ca ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante, nka Codex Vaticanus na Codex Sinaiticus, ntivyarimwo izina ry’Imana guhera mu gitabu c’Itanguriro gushika muri Malaki (kandi ryarahoramwo mu vyandikano vya kera). Ntibitangaje rero kubona ibisomwa vyazigamwe kuva muri ico gihe bitarimwo izina ry’Imana mu gihimba ca Bibiliya c’Ivyanditswe vy’ikigiriki, ico bamwe bita Isezerano rishasha.

    Yezu yavuze atomora ati: «Naje mw’izina rya Data.» Yavuze kandi adaca ku ruhande yuko ivyo yakora yabikora mw’“izina rya Se.”

  • Ivyanditswe vy’ikigiriki birerekana ko Yezu yakoresha kenshi izina ry’Imana kandi akarimenyesha abandi. (Yohani 17:6, 11, 12, 26) Yezu yavuze atomora ati: «Naje mw’izina rya Data.» Yavuze kandi adaca ku ruhande yuko ivyo yakora yabikora mw’“izina rya Se.”—Yohani 5:43; 10:25.

  • Kubera ko Ivyanditswe vy’ikigiriki ari igihimba cahumetswe ciyongera ku Vyanditswe vyeranda vy’igiheburayo, ukwo kuzimangana bukwi na bukwi kw’izina rya Yehova muri ico gisomwa ntikwoba kwumvikana. Amaja hagati y’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu, umwigishwa Yakobo yabwiye abakurambere b’i Yeruzalemu ati: «Simeyoni yatwiganiye neza ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo umugwi w’abantu witirirwa izina ryayo.» (Ivyakozwe 15:14) Yakobo ntiyari kuvuga ayo majambo iyaba mu kinjana ca mbere ata n’umwe yari azi izina ry’Imana canke ngo arikoreshe.

  • Izina ry’Imana riraboneka mu mpfunyapfunyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Mu Vyahishuwe 19:1, 3, 4, 6, (utujambo tw’epfo) izina ry’Imana ririmwo mw’ijambo «haleluya.» Iryo jambo rikuwe mu mvugo y’igiheburayo isigura ijambo ku rindi ngo «shemeza Ya.» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina Yehova. Amazina menshi ari mu Vyanditswe vy’ikigiriki yarimwo izina ry’Imana. Nkako, hari ibitabu vy’abahinga vyerekana ko izina Yezu risobanura ngo «Yehova arakiza.»

  • Ivyandikano vyo mu ntango vy’Abayuda birerekana ko abakirisu b’Abayuda bakoresha izina ry’Imana mu vyo bandika. Hari icegeranyo citwa Tosefta cagize ico kivuze ku bijanye n’ivyandikano vy’abakirisu vyaturirwa kw’isabato. Ico cegeranyo kigizwe n’amategeko yatangwa ku munwa yashizwe mu nyandiko, kikaba carangiye kwandikwa nko mu 300 inyuma ya Kristu. Kivuga giti: «Ibitabu vy’abanditsi b’Injili be n’ibitabu vy’abitwa minim [bikaba vyiyumvirwa ko bari abakirisu b’Abayuda] biraturirwa. Bituririrwa aho babisanze, bigaturiranwa n’aho hose vyanditswemwo izina ry’Imana.» Ico cegeranyo nyene kirasubiramwo amajambo yavuzwe n’umurabi yitwa Yosé Umunyagalilaya yabayeho mu ntango z’ikinjana ca kabiri inyuma ya Kristu. Yavuze ko mu yindi misi yo mw’iyinga «umuntu yashobora kubifata [ni ukuvuga ivyandikano vy’abakirisu] akabikuramwo agace kanditseko izina ry’Imana akakabika ahandi, ibisigaye akabiturira.»

  • Abahinga bamwebamwe mu vya Bibiliya baremera yuko izina ry’Imana rishobora kuba ryaraboneka mu majambo yo mu Vyanditswe y’ikigiriki yakuwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya (The Anchor Bible Dictionary) munsi y’agatwe kavuga ngo «Za ndome zine mw’Isezerano rishasha», ivuga iti: «Hariho ibimenyamenya vyerekana ko za ndome zine zigize izina ry’Imana ari ryo Yahweh, zaboneka mu majambo amwamwe canke mbere yose yo mw’Isezerano rya kera yasubiwemwo mw’Isezerano rishasha igihe ryariko rirandikwa ari bwo bwa mbere.» Umuhinga George Howard avuga ati: «Kubera yuko za ndome zine zari zikiboneka mu makopi ya Bibiliya yo mu kigiriki [Septante], kandi akaba ari yo idini ryo mu ntango ryakoresha, birumvikana ko abanditse Isezerano rishasha bakoresha za ndome zine mu gisomwa ca Bibiliya, igihe baba bariko barasubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe.»

  • Abahinduzi ba Bibiliya bakomeye barakoresheje izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Bamwe muri abo bahinduzi babigize imbere cane y’uko Bibiliya y’isi nshasha iboneka. Ng’aba bamwebamwe muri bo hamwe n’amabibiliya basohoye: A Literal Translation of the New Testament . . . From the Text of the Vatican Manuscript, yahinduwe na Herman Heinfetter (1863); The Emphatic Diaglott, yahinduwe na Benjamin Wilson (1864); The Epistles of Paul in Modern English, yahinduwe na George Barker Stevens (1898); St. Paul’s Epistle to the Romans, yahinduwe na W. G. Rutherford (1900); The New Testament Letters, yahinduwe na J.W.C. Wand, musenyeri w’i Londres (1946). Vyongeye, mu ntango z’ikinjana ca 20 umuhinduzi yitwa Pablo Besson, yarakoresheje izina «Jehová» muri Luka 2:15 no muri Yuda 14 muri Bibiliya yashize mu gisupanyoli, kandi utujambo tw’epfo turenga 100 two muri iyo Bibiliya turerekana ibibanza izina ry’Imana rishobora gukoreshwamwo. Imyaka myinshi imbere y’uko izo Bibiliya ziboneka, Bibiliya zirimwo Ivyanditswe vy’ikigiriki vyashizwe mu giheburayo zo guhera mu kinjana ca 16 zarakoresha za ndome zine ahantu henshi. Mu kidagi honyene, n’imiburiburi Bibiliya 11 zirakoresha izina «Yehova» (canke izina rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo «Yahweh») mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Hari n’izindi zine zongerako iryo zina mu tuzitizo inyuma y’ijambo «Umukama.» Bibiliya zo mu kidagi zirenga 70 zirakoresha izina ry’Imana mu tujambo tw’epfo canke mu nsobanuro.

    Izina ry’Imana mu Vyakozwe 2:34 muri Bibiliya The Emphatic Diaglott, yahinduwe na Benjamin Wilson (1864)

  • Bibiliya zo mu ndimi zirenga 100 zirimwo izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Indimi nyinshi zo muri Afrika, Amerika (z’imvukira), Aziya, i Buraya no mu mazinga ya Pasifike zirakoresha cane izina ry’Imana. (Raba urutonde ruri ku  rupapuro rwa 1998 na 1999.) Abahinduye izo Bibiliya bahisemwo gukoresha izina ry’Imana kubera impamvu zisa n’izo twamaze kuvuga. Zimwezimwe muri izo Bibiliya z’Ivyanditswe vy’ikigiriki si iza kera cane. Twovuga nka Bibiliya yo mu kinyarotuma (1999) ikoresha izina «Jihova» incuro 51 mu mirongo 48, na Bibiliya yo mu kibataki (toba) muri Endoneziya (1989) ikoresha izina «Jahowa» incuro 110.

    Izina ry’Imana muri Mariko 12:29, 30 muri Bibiliya yo mu rurimi rumwe rwo muri Hawayi

Emwe, hariho impamvu zumvikana zo gusubiza izina ry’Imana Yehova mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Ivyo ni vyo nyene abahinduye Bibiliya y’isi nshasha bakoze. Barubaha cane izina ry’Imana kandi baririnda gukura ikintu na kimwe caboneka mu gisomwa c’intango.—Ivyahishuwe 22:18, 19.