Zaburi 41:1-13

  • Isengesho ry’umuntu arwaye

    • Imana irashigikira abari ku musego (3)

    • Guhemukirwa n’umugenzi somambike (9)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 41  Hahiriwe uwitaho umuntu mutoyi+.Yehova azomukiza ku musi w’ivyago.   Yehova azomurinda amuzigamire ubuzima. Azokwitwa umuhirwe mw’isi+.Ntazoreka ngo abansi biwe bamugire uko bashaka+.   Yehova azomushigikira ari ku musego+.Azomuruhurira ari ku gitanda arwariyeko*.   Navuze nti: «Ewe Yehova, ngirira ubuntu+. Nkiza+ kuko ari wewe nacumuyeko+   Ariko abansi banje baguma banyipfuriza ibibi, bakavuga ngo: «Azopfa ryari ngo izina ryiwe rizimangane?»   Hagize uwuza kundaba, avugana uburyarya mu mutima wiwe. Aguma arondera ibintu bibi aja kuvuga.Araheza agasohoka, akabikwiragiza hose.   Abanyanka bose baguma bavugana ubwongoshwe.Baguma bapanga imigambi yo kunkorera ikibi, bakavuga ngo:   «Yafashwe n’ikiza gikaze.Ubu ko camuryamitse, ntazosubira guhaguruka+   Mbere n’umuntu twahora tubana amahoro, uwo nari nizigiye+,uwo twahora dusangira ibifungurwa*, yampindutse*+. 10  Ariko wewe ga Yehova, nungirire ubuntu umpagurutse,kugira ndabasubirize mu nkoko. 11  Iki ni co kizonyereka ko unkunda: Ni uko abansi banje batonyigambako bigina intsinzi+. 12  Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo gutuma unshigikira+.Uzongumiza imbere yawe igihe cose+. 13  Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwegushika ibihe bidahera*+. Amen kandi Amen.

Utujambo tw'epfo

Canke «azohindura igitanda arwariyeko.»
Canke «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «yandugirije igitsintsiri.»
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»