Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

A4

Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo

Izina ry’Imana mu ndome z’igiheburayo ca kera zakoreshwa imbere y’uko Abisirayeli bajanwa mu bunyagano i Babiloni

Izina ry’Imana mu ndome z’igiheburayo zakoreshwa Abisirayeli bamaze kuva mu bunyagano

Izina ry’Imana riboneka incuro hafi 7.000 mu Vyanditswe vy’igiheburayo, rikaba ryandikwa mu ndome zine z’igiheburayo, ari zo z’izi יהוה. Muri iyi Bibiliya zihindurwa ngo «Yehova.» Ni ryo zina riboneka incuro nyinshi gusumba ayandi muri Bibiliya. Naho mu kuvuga Imana abanditsi ba Bibiliya bakoresha amazina menshi y’icubahiro n’ayandi yo kuyidondora, nka «Mushoboravyose», «Musumbavyose» n’«Umukama», izo ndome zine ni zo zonyene zerekana izina ry’uruharo bakoresha mu kudondora Imana.

Yehova Imana ubwiwe yatumye abanditsi ba Bibiliya bakoresha izina ryiwe. Nk’akarorero, yarahumekeye umuhanuzi Yoweli kwandika ati: «Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.» (Yoweli 2:32) Imana kandi yaratumye umwanditsi umwe w’amazaburi yandika ati: «Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova, be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose!» (Zaburi 83:18) Nkako, izina ry’Imana riraboneka incuro nka 700 muri Zaburi honyene, kikaba ari igitabu kirimwo amajambo ndyoshamvugo abasavyi b’Imana baza bararirimba bongera basubiramwo. Kubera iki none izina ry’Imana ritaboneka muri Bibiliya nyinshi? Ni kubera iki Bibiliya y’isi nshasha ikoresha inyaturo «Yehova»? Vyongeye, izina ry’Imana ari ryo Yehova risobanura iki?

Uduhimba tw’igitabu ca Zaburi mu muzingo watowe ku kiyaga c’Umunyu. Ni uwo mu kiringo co kuva mu mwaka wa 1-50 inyuma ya Kristu. Ico gisomwa kiri mu ndome z’igiheburayo zakoreshwa Abisirayeli bamaze kuva i Babiloni. Mugabo za ndome zine zigize izina ry’Imana zanditswe hakoreshejwe iza kera.

Ni kubera iki iryo zina ritaboneka muri Bibiliya nyinshi? Hari impamvu zitandukanye. Bamwe bavuga yuko Imana Mushoboravyose idakeneye izina yisangije ryo kuyidondora. Abandi bisa n’uko bakurikije umugenzo w’Abayuda wo kwirinda gukoresha iryo zina, kumbure batinya ko bohava barihumanya. Abandi na bo babona ko ari vyiza gukoresha amazina y’icubahiro, nk’«Umukama», «Uhoraho» canke «Imana», ngo kubera yuko ata n’umwe azi neza ukuntu izina ry’Imana ryaturwa. Ariko rero, ivyo vyiyumviro ntibigira ishingiro kubera imvo zikurikira:

  • Abavuga ko Imana Mushoboravyose idakeneye izina yisangije barirengagiza ibimenyamenya vyemeza ko amakopi ya kera y’Ijambo ryayo arimwo izina ry’uruharo ry’Imana, ushizemwo n’ayazigamwe kuva imbere y’igihe ca Kristu. Nk’uko twamaze kubivuga, Imana yatumye izina ryayo ryandikwa mw’Ijambo ryayo nk’incuro 7.000. Biragaragara rero ko yipfuza ko tumenya izina ryayo kandi tukarikoresha.

  • Abahinduzi badakoresha iryo zina kubera gukurikiza umugenzo w’Abayuda hari ikintu gihambaye bibagira. Naho abimuzi bamwebamwe b’Abayuda banka kwatura iryo zina, ntibarikuye mu makopi yabo ya Bibiliya. Imizingo ya kera yatowe i Qumran hafi y’ikiyaga c’Umunyu irimwo izina ry’Imana ahatari hake. Abahinduzi ba Bibiliya bamwebamwe, kugira berekane ko izina ry’Imana ryaboneka mu gisomwa co mu ntango, mu kibanza caryo bahashira izina «UMUKAMA» canke «UHORAHO» mu ndome nkuru. Ariko ikibazo kiguma ari ca kindi: kubera iki abo bahinduzi bihaye uburenganzira bwo gusubiriza izina ry’Imana canke kurikura muri Bibiliya kandi bemanga yuko riboneka muri Bibiliya incuro ibihumbi? Bovuga ko ari nde yabahaye ubwo burenganzira? Inyishu ni bo boyitanga.

  • Abavuga ko izina ry’Imana ridakwiye gukoreshwa kubera ata wuzi neza ingene ryaturwa, ntibatinya na gato gukoresha izina Yezu. Ariko rero, abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere batura izina ryiwe mu buryo butandukanye cane n’ingene abakirisu benshi baryatura muri iki gihe. Birashoboka cane ko abakirisu b’Abayuda batura izina Yezu ngo Ye·shuʹa‛, izina Kristu na ryo bakaryatura ngo Ma·shiʹach, ni ukuvuga «Mesiya.» Abakirisu bavuga ikigiriki bamwita ngo I·e·ssousʹ Khri·stosʹ, abavuga ikilatini na bo bakamwita Ieʹsus Chriʹstus. Abanditsi ba Bibiliya baranditse iryo zina mu kigiriki bahumekewe n’Imana, ivyo bikaba vyerekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakoresha inyaturo yari imenyerewe mu rurimi rwabo, kandi birumvikana. Muri ubwo buryo nyene, Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha ibona ko vyumvikana gukoresha inyaturo «Yehova», naho ukwo atari ko ryaturwa neza na neza mu giheburayo ca kera.

Ni kubera iki iyi Bibiliya ikoresha inyaturo «Yehova»? Mu kirundi, za ndome zine z’igiheburayo zigize izina ry’Imana (יהוה) zandikwa mu ndome z’indagi YHWH. Cokimwe n’ayandi majambo yo mu giheburayo ca kera, mu kwandika iryo zina ntibashiramwo indome zivuga. Igihe igiheburayo ca kera cari kigikoreshwa, umusomyi ntivyamugora kumenya indome zivuga akwiye gushiramwo.

Haciye nk’imyaka 1.000 Ivyanditswe vy’igiheburayo birangiye kwandikwa, incabwenge z’Abayuda zarashizeho uburyo bwo kwatura bugizwe n’utumenyetso dufasha kumenya indome zivuga umuntu yokoresha mu gusoma igiheburayo. Ariko rero ico gihe, Abayuda benshi bari bafise ivyiyumviro vy’ibintazi vy’uko ari bibi kuvuga izina ry’uruharo ry’Imana. Ni co gituma baca barisubiriza ayandi mazina. Biboneka rero ko igihe baba bariko barimura za ndome zine z’indagi zigize izina ry’Imana, baca bazongerako indome zivuga z’ayo mazina barisubiriza. Ku bw’ivyo, ivyandikano vy’iminwe birimwo utwo tumenyetso twerekana indome zivuga ntibifasha kumenya ukuntu iryo zina ryaturwa kera mu giheburayo. Bamwe biyumvira ko iryo zina ryoba ryaturwa ngo «Yahweh», abandi na bo bagatanga ivyiyumviro bitandukanye. Umuzingo watowe ku kiyaga c’Umunyu urimwo igice c’igitabu c’Abalewi mu kigiriki werekana ko izina ry’Imana ryaturwa ngo Iao. Uretse iyo nyaturo, abanditsi ba kera b’Abagiriki berekana ko rishobora kandi kwaturwa ngo Iae, I·a·beʹ canke I·a·ou·eʹ. Ariko rero, nta wokwemeza inyaturo y’ukuri iyo ari yo. Ntituzi ingene abasavyi b’Imana ba kera batura iryo zina mu giheburayo. (Itanguriro 13:4; Kuvayo 3:15) Ico tuzi ni uko Imana yakoresha izina ryayo kenshi iriko irashikiriza ubutumwa abasavyi bayo, na bo bakarikoresha mu kuyitura, kandi ko batitinya kurikoresha bariko baraganira n’abandi.—Kuvayo 6:2; 1 Abami 8:23; Zaburi 99:9.

Ni kubera iki none iyi Bibiliya ikoresha inyaturo «Yehova»? Ni kubera yuko iyo nyaturo y’izina ry’Imana imaze igihe kirekire ikoreshwa mu ndimi nyinshi, harimwo n’ikirundi.

Izina ry’Imana mw’Itanguriro 15:2 muri Bibiliya William Tyndale yasohoye mu 1530, yari igizwe na vya bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya

Izina ry’uruharo ry’Imana ryakoreshejwe ari bwo bwa mbere muri Bibiliya y’icongereza William Tyndale yasohoye mu 1530, yari igizwe na vya bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya. Yakoresheje inyaturo «Iehouah.» Mu kirundi, Bibiliya Yera iramaze igihe kirekire ikoresha inyaturo «Yehova.» Ni co gituma n’iyi Bibiliya ikoresha iyo nyaturo nyene. Ku bijanye n’izina ry’Imana, umuhinga yitwa A. F. Kirkpatrick yavuze ati: «Igihambaye vy’ukuri si ukumenya neza ingene ryaturwa. Igihambaye ni ukwemera ko ari izina ry’uruharo aho kurifata nk’izina ry’icubahiro nk’“Umukama.”»

Za ndome zine YHWH: «atuma biba»

Irivuga HWH: «kuba»

Izina Yehova risobanura iki? Mu giheburayo izina Yehova rivuye mu rivuga risobanura «kuba.» Abahinga batari bake babona ko iryo rivuga ry’igiheburayo riri mu mero yerekana igikorwa co gutuma ikintu kiba ukunaka. Ku bw’ivyo, Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha itahura ko izina ry’Imana risobanura ngo «atuma biba.» Abahinga ntibahuza kuri ico kintu. Ni co gituma ata wokwemeza ijana kw’ijana ko iyo nsobanuro ari yo yo. Ariko rero iyo nsobanuro irahuye neza n’ico Yehova ari: ni Umuremyi w’ibintu vyose akaba n’Imana ishitsa imigambi yayo. Yatumye habaho ibintu biboneka be n’ibiremwa biciye ubwenge. Vyongeye, uko ibihe birengana, aratuma ivyo agomba be n’umugambi wiwe biranguka.

Ku bw’ivyo, insobanuro y’izina Yehova ntigarukira gusa ku rivuga bifitaniye isano dusanga muri Kuvayo 3:14, ahagira hati: «Nzoba ico nshatse kuba» canke «Nzocika ico nzocika.» Mu bisanzwe, ayo majambo ntaserura insobanuro yuzuye y’izina ry’Imana. Ahubwo yerekana umuce umwe w’ukuntu Imana imeze: iracika igikenewe cose kugira ishitse umugambi wayo. Naho rero izina Yehova ryoba ririmwo iyo nsobanuro, ntirigarukira gusa ku co we ubwiwe ahitamwo kuba. Risobanura kandi ko atuma ivyo yaremye canke ibindi bintu biba ukwo ashatse kwose kugira umugambi wiwe uranguke.