Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 9

Ni kubera iki abantu bashikirwa n’ingorane?

«Abanyaruka si bo bama batsinda ihiganwa, abafise inguvu si bo bama batsinda intambara, inkerebutsi si zo zama zironka ibifungurwa, abanyabwenge si bo bama baronka ubutunzi, kandi abafise ubumenyi si bo bama baroranirwa, kuko ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka bibashikira bose.»

Umusiguzi 9:11

«Igicumuro . . . carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye.»

Abaroma 5:12

«Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani.»

1 Yohani 3:8

«Isi yose iganzwa na wa mubisha.»

1 Yohani 5:19