Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 A2

Ibiranga iyi Bibiliya yasubiwemwo

Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yasohowe mu congereza mu 1950 (mu kirundi hari mu 2007), Bibiliya y’isi nshasha yuzuye na yo isohorwa mu 1961 (mu kirundi hari mu 2010). Kuva ico gihe, abasomyi amamiliyoni bavuga indimi zirenga 210 barungukiye kuri iyo Bibiliya ihinduwe mu buryo butarimwo amakosa kandi yoroshe gusoma, yahinduwe ikuwe mu ndimi zo mu ntango.

Ariko mu myaka 50 iheze, indimi zagiye zirahinduka. Komite y’ubu ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha yabonye ko bikenewe yuko ihuza n’ayo mahinduka kugira ngo iyo Bibiliya ikore ku mutima abayisoma. Ni co gituma hari ivyahinduwe muri iyi Bibiliya bijanye n’amajambo be n’uburyo bwo guhindura igisomwa. Ng’izi intumbero zatumye bigirwa:

  • Gukoresha imvugo igezweho kandi itahurika. Nk’akarorero, ijambo «inzu» ryahora rikoreshwa ukwo nyene, aho ribonetse hose. Ariko muri iyi Bibiliya ryahinduwe hisunzwe ibiriko biravugwa. Naho hari aho ryagumye ukwo, henshi hakoreshejwe amajambo yoroshe gutahura, nk’aya: «ikirimba», «umuryango», «abakomoka (kuri naka)», canke «ihanga.» (Itanguriro 12:15; 1 Samweli 2:30; Yeremiya 2:4) Ijambo «itaberenakulo» ni bake barizi. Ni co gituma ryahinduwe ngo «ihema.» (Kuvayo 25:9) Hari n’aho ryahinduwe ngo «ihema ryeranda.» Ijambo «igishingantahe» ryarorohejwe risubirirwa n’«isandugu idasanzwe.» (Kuvayo 16:34) Imvugo «ibihe bitagira urugero» yasubirijwe n’izi mvugo ngo «ibihe bidahera», “ikintu camaho”, «ibihe vyose» canke «kera cane», bivanye n’ibiriko biravugwa.—Itanguriro 3:22; Kuvayo 31:16; Zaburi 90:2; Umusiguzi 1:4; Mika 5:2.

    Mu giheburayo no mu kigiriki vya kera, ijambo «urubuto» rishobora gusobanura urubuto rw’igiterwa, uruvyaro rw’umuntu canke abamukomokako, canke intanga. Kubera ko iryo jambo mu kirundi ridakunda gukoreshwa mu kuvuga abakomoka ku muntu, ryagiye rirahindurwa hisunzwe ibiriko biravugwa. (Itanguriro 1:11; 22:17; 48:4; Matayo 22:24; Yohani 8:37) Ahatari hake, ijambo «uruvyaro» rirakoreshwa mu kuvuga ibijanye na wa muhango Imana yatanga muri Edeni uvugwa mw’Itanguriro 3:15.

    Muri Bibiliya y’isi nshasha y’ikirundi yahahora, imvugo «ibibanza bikirurutse» yarakoreshejwe mu kuvuga ibibanza basengeramwo ibigirwamana. Ariko ivyo bibanza ntivyama biri ku misozi. Wasanga biri no mu myonga, mu migezi, mu mibande, mu bisagara no munsi y’ibiti. Iyo mvugo yoshobora gutahurwa ukutari kwo kubera ko ituma umuntu abona gusa ahantu hakirurutse canke hataramutse. Ni co gituma muri iyi Bibiliya hakoreshejwe imvugo «ibibanza vyo gusengeramwo.»—Gusubira mu vyagezwe 12:2; 1 Abami 14:23; Ezekiyeli 6:3.

  • Gutomora imvugo zimwezimwe zo muri Bibiliya. Hari Bibiliya z’ikirundi zivuga ko Yezu yabambwe (ku musaraba). Mugabo ijambo ry’ikigiriki stauroo ntirisobanura kubamba ku musaraba, ahubwo risobanura kumanika umuntu ku giti canke ku kigiga. Ni co gituma iyi Bibiliya ivuga ko Yezu “yamanitswe ku giti.”—Matayo 20:19; 27:31, 35.

    Imvugo ngo «ubuntu ata wari abukwiriye» muri iyi Bibiliya yahinduwe ngo «ubuntu buhebuje.» Iyo mvugo nshasha ni yo iserura neza iciyumviro kiri mw’ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe mu gisomwa co mu ntango. Iryo jambo rikoreshwa kenshi mu kuvuga ingabire itanganywe umutima mwiza canke gutanga ubigiranye umutima mwiza. Igihe haba hariko havugwa ubuntu buhebuje bw’Imana, iyo mvugo isobanura ingabire Imana itanga ibikunze, ata co yiteze kwishurwa. Iyo mvugo ishimika rero ku mutima mwiza wa nyene gutanga. Ntishimika ku vy’uko nyene guhabwa atabikwiriye.—2 Abakorinto 6:1; Abanyefeso 1:7.

    Ijambo «ifyigo» ryarakoreshejwe igihe hariko havugwa ico gihimba nyene c’umubiri. Ariko mu mirongo ivuga ifyigo ry’ikigereranyo nka Zaburi 7:9; 26:2 n’Ivyahishuwe 2:23, hakoreshejwe amajambo yerekana ico iryo jambo rishaka kuvuga, nk’aya ngo «uko abantu biyumva» canke «ivyiyumviro vyihishije.» Imvugo yo mu rurimi rwo mu ntango ica ishirwa mu kajambo k’epfo.

    Mu kirundi cokimwe no mu giheburayo no mu kigiriki, ijambo «umutima» rishobora gusigura igihimba c’umubiri canke umutima w’ikigereranyo. Ni co gituma ahatari hake ryakoreshejwe mu gisomwa. Mugabo mu mirongo imwimwe, gukoresha iryo jambo vyari gutuma iyo nsobanuro idatomoka. Haciye rero hakoreshwa imvugo itomora iciyumviro. Nk’akarorero, imvugo “kutagira umutima” yahora ikoreshwa mu gitabu c’Imigani, ubu isigaye ivuga ngo “kutagira ubwenge.” Imvugo yo mu rurimi rwo mu ntango yashizwe mu kajambo k’epfo. (Imigani 6:32; 7:7) Ayandi majambo, nk’“ikinure”, «umubiri» n’«ihembe» yagiye arahindurwa muri ubwo buryo nyene, hisunzwe ibiriko biravugwa. (Itanguriro 45:18; Umusiguzi 5:6; Yobu 16:15) Imvugo zimwezimwe muri izo zirasigurwa mu gice citwa «Insiguro y’amajambo yo muri Bibiliya

  • Gutuma igisomwa kirushiriza kworoha gusoma. Muri Bibiliya y’isi nshasha y’ikirundi yahahora, harakoreshwa utujambo duherekeza amavuga twerekana ko irivuga ry’igiheburayo ridondora igikorwa kitararangira canke carangiye. Nk’akarorero, mu kwerekana igikorwa kikibandanya, kenshi hakoreshwa utujambo nka: “gutangura”, «maze», “kubandanya” n’utundi. Irivuga ry’igiheburayo ridondora igikorwa carangiye, usanga kenshi ririmwo ugushimika. Mu kwerekana ukwo gushimika, mu gisomwa c’ikirundi harongewemwo utujambo nk’utu ngo «ata kabuza», “gutegerezwa”, «koko», n’utundi nk’utwo. Ni co gituma utwo tujambo twaboneka incuro nyinshi cane. Mu mirongo imwimwe muri iyi Bibiliya, harakoreshejwe utujambo duherekeza amavuga twerekana ko hariko havugwa igikorwa kibandanya, kubera vyari bikenewe. Utwo tujambo ni nk’utu: “kuguma” canke “kumenyera.” (Itanguriro 3:9; 34:1; Imigani 2:4) Ariko rero, utwo tujambo twarakuwemwo aho iciyumviro co mu rurimi rwo mu ntango gishobora kwumvikana tutarinze gukoreshwa, kugira igisomwa kirushirize kworoha gusoma.

  • Ibintu vyose vyaryohowe mu gisomwa ca Bibiliya vyaryohowe mu buryo bwitondewe hariko n’amasengesho, vyongera bigirwa mu buryo bwerekana ko twubaha cane igikorwa ciza cakozwe na Komite ya mbere yari ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha.

Ibindi biranga iyi Bibiliya yasubiwemwo:

Muri iyi Bibiliya harimwo utujambo tw’epfo. Muri rusangi turi ubwoko butandukanye:

  • «Canke» Utu tujambo tw’epfo twerekana ubundi buryo bwo guhindura igisomwa co mu giheburayo, mu giharameya no mu kigiriki, iciyumviro kikaguma ari ca kindi.—Itanguriro 1:2, akajambo k’epfo ku «mpwemu y’Imana»; Yosuwa 1:8, akajambo k’epfo kw’«ijwi ritoyi.»

  • «Hashobora kandi kuvugwa ngo» Utu tujambo tw’epfo twerekana ubundi buryo bwo guhindura igisomwa butanga iciyumviro gitandukanye, ariko gifise ishingiro.—Itanguriro 21:6, akajambo k’epfo kuri «bazotwenga»; Zakariya 14:21, akajambo k’epfo ku «Munyakanani.»

  • «Mu giheburayo (mu giharameya, mu kigiriki) . . .» Utu tujambo tw’epfo twerekana ukuntu igisomwa co muri izo ndimi zo mu ntango kivuga ijambo ku rindi, canke tukerekana insobanuro y’ishimikiro y’imvugo kanaka yo muri izo ndimi zo mu ntango. —Kuvayo 32:9, akajambo k’epfo ku «ntumva»; Gusubira mu vyagezwe 32:14 akajambo k’epfo ku «mutobe.»

  • Utujambo tw’epfo dutanga insobanuro n’ayandi makuru Utu tujambo tw’epfo dutanga insobanuro y’amazina (Itanguriro 3:17, akajambo k’epfo kuri «Adamu»; Kuvayo 15:23, akajambo k’epfo kuri «Mara»), amakuru ajanye n’ingero (Itanguriro 6:15, akajambo k’epfo ku «ntambwe 30»), amakuru adufasha kumenya uwuriko aravugwa (Kuvayo 36:8, akajambo k’epfo kuri «yabikoze»), amakuru ngirakamaro dusanga mu Nyongera no mu Nsiguro y’amajambo.—Itanguriro 2:4, akajambo k’epfo kuri «Yehova»; Matayo 5:22, akajambo k’epfo kuri «Gehena.»

Mu ntango y’iyi Bibiliya, hari igice kivuga ngo «Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana». Kirimwo urutonde rw’inyigisho z’ishimikiro dusanga muri Bibiliya. Ku mpera y’igisomwa ca Bibiliya haca haza igice kivuga ngo «Urutonde rw’ibitabu vyo muri Bibiliya», hagakurikira ikivuga ngo «Ironderero ry’amajambo yo muri Bibiliya» be n’ikivuga ngo «Insiguro y’amajambo yo muri Bibiliya.» Ico gice c’«Insiguro y’amajambo» kirafasha umusomyi gutahura ico amajambo amwamwe asobanura muri Bibiliya. Inyongera ya A igizwe n’ibice bikurikira: «Ivyo abashira Bibiliya mu zindi ndimi bisunga», « Ibiranga iyi Bibiliya yasubiwemwo», «Ukuntu Bibiliya yadushikiriye», «Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo», «Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki», «Igicapo: Abahanuzi n’abami b’Ubuyuda na Isirayeli», be n’ikivuga ngo «Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isiInyongera ya B irimwo amakarata, ibicapo, n’ayandi makuru ngirakamaro afasha kwiga Bibiliya mu buryo bwimbitse.

Mu ntango y’igitabu cose ca Bibiliya, usanga herekana muri make ibiri mu kigabane kimwekimwe cose n’imirongo bijanye, bigatuma umusomyi abona muri rusangi ibiri mu gitabu cose. Hagati ku rupapuro rwose hari inkingi irimwo ivyanditswe bifitaniye isano n’ivyo muri ico kigabane. Bibiliya y’isi nshasha yahahora yari ifise ivyanditswe vyo mu nkingi. Bimwebimwe muri vyo vyarashizwe muri iyi Bibiliya kubera bihuye cane n’ibiriko biravugwa.