Luka 6:1-49

  • Yezu «arafise ububasha kw’isabato» (1-5)

  • Akiza umugabo afise ukuboko kumugaye (6-11)

  • Za ntumwa 12 (12-16)

  • Yezu yigisha kandi agakiza abantu (17-19)

  • Abahiriwe n’abagowe abo ari bo (20-26)

  • «Nimukunde abansi banyu» (27-36)

  • «Nimureke guca urubanza» (37-42)

  • Igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco (43-45)

  • Inzu yubatswe neza be n’iyitagira umushinge (46-49)

6  Umusi umwe, Yezu yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, hanyuma abigishwa biwe baha* amahundo y’intete+, bayavungurira mu ntoke maze barayarya+.  Bamwe mu Bafarizayo babibonye, baca bavuga bati: «Kubera iki muriko mukora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato+  Yezu aca abishura ati: «Mbega ntimwigeze musoma ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza+?  Yarinjiye mu nzu y’Imana maze bamuha imikate y’ishikanwa*, arayirya yongera ahako n’abo bari kumwe, kandi ata muntu n’umwe yari yemerewe kuyirya kiretse abaherezi+  Yongerako ati: «Umwana w’umuntu arafise ububasha kw’isabato*+  Ku wundi musi w’isabato+, yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho mw’isinagogi hariyo umugabo afise ukuboko kw’ukuryo kumugaye*+.  Abanditsi n’Abafarizayo bariko bihweza Yezu bitonze ngo barabe ko akiza kw’isabato, kugira baronke ico bamwagiriza.  Ariko Yezu yari azi ivyo bariko bariyumvira+. Maze abwira uwo mugabo afise ukuboko kumugaye ati: «Haguruka uhagarare hagati.» Aca arahaguruka, ahagarara ng’aho.  Maze Yezu ababwira ati: «Reka ndababaze: Mbega kw’isabato vyoba vyemewe gukora igikorwa ciza canke kibi, gukiza umuntu canke kumwica+ 10  Amaze kweraguza abaraba bose, aca abwira uwo mugabo ati: «Ramvura ukuboko kwawe.» Aca arakuramvura, guca kurakira. 11  Baca bararungura n’ishavu, batangura kuvugana kugira barabe uko bogira Yezu. 12  Umusi umwe yaraduze ku musozi gusenga+, amara ijoro ryose ariko arasenga Imana+. 13  Bukeye, ahamagara abigishwa biwe maze atoramwo 12, ari na bo kandi yise intumwa+. 14  Na bo ni aba: Simoni ari na we yise Petero, mwenewabo Andereya, Yakobo, Yohani, Filipo+, Barutelemi, 15  Matayo, Toma+, Yakobo mwene Alufayo, Simoni ari we batazira «Umunyamwete», 16  Yuda mwene Yakobo hamwe na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye aba umuhemu. 17  Aca amanukana na bo, ahagarara ahantu haringaniye. Ng’aho hariho abigishwa biwe benshi hamwe n’isinzi ry’abantu bavuye i Yudaya hose, i Yeruzalemu no mu karere k’i Tiro n’i Sidoni kari ku nkengera y’ikiyaga, kugira bamwumvirize no kugira abakize indwara. 18  Mbere n’abantu basinzikajwe n’impwemu mbi* yarabakiza. 19  Kandi abo bantu bose baguma barondera kumukorako, kuko ububasha bwamuvamwo+ bukabakiza bose. 20  Hanyuma yunamura amaso araba abigishwa biwe, maze avuga ati: «Murahiriwe mwebwe abakene, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu+. 21  Murahiriwe mwebwe mushonje ubu, kuko muzohazwa+. Murahiriwe mwebwe muriko murarira ubu, kuko muzotwenga+. 22  Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse+ bakabakumira+, bakabatuka kandi bagacafuza izina ryanyu* kubera Umwana w’umuntu. 23  Muze munezerwe kuri uwo musi, mutambe mutarike kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru. Ivyo nyene ni vyo ba sekuruza babo bahora bagirira abahanuzi+. 24  Ariko muragowe mwebwe abatunzi+, kuko mumaze kuronka uruhoza rwanyu rwose+. 25  Muragowe mwebwe muhaze ubu, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe muriko muratwenga ubu, kuko muzogandara kandi mukarira+. 26  Muzoba mugowe igihe abantu bose bazoba babavuga neza+, kuko ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma. 27  Ariko mwebwe muriko muranyumviriza ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu, kugirira neza ababanka+, 28  guhezagira ababavuma no gusengera ababatuka+. 29  Uwugukubise kw’itama rimwe uratega n’irindi akubiteko, kandi uwugutwaye umutamana* ntumwime n’ikanzu*+. 30  Ntiwime uwugusavye+, kandi uwukunyaze ivyawe ntumusabe ngo abigusubize. 31  Vyongeye, ivyo mushaka ko abandi babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira+. 32  Nimwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi barakunda ababakunda+. 33  Kandi nimwakorera iciza ababakorera iciza, muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi bagira nk’ivyo nyene. 34  Vyongeye, nimwaha ingurane* abo mwiteze ko bazobasubiza, muzoshimwa iki+? Erega n’abacumuzi baragurana abacumuzi biteze ko bazobasubiza ivyo babaguranye vyose. 35  Ahubwo mubandanye gukunda abansi banyu, gukora iciza no kugurana abandi ata co mwiteze gusubizwa+. Impembo yanyu rero izoba nini, kandi muzoba abana ba Musumbavyose, kuko agirira neza intashima n’ababisha+. 36  Mubandanye kuba abanyembabazi, nk’uko na So wanyu ari umunyembabazi+. 37  Vyongeye, nimureke guca urubanza, ni ho namwe mutazocirwa urubanza+. Nimureke gutsindisha abandi mu rubanza, kugira namwe ntimuzotsindishwe. Mugume mubabarira* abandi, namwe muzobabarirwa*+. 38  Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu mpuzu* zanyu ingero yuzuye, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako.» 39  Abaha ikindi kigereranyo ati: «Mbega impumyi yoshobora kuyobora iyindi mpumyi? None zose ntizoca zigwa mu cobo+? 40  Umunyeshure* ntaruta umwigisha wiwe, ariko umuntu wese yigishijwe neza azoba nk’umwigisha wiwe. 41  Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ariko nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe+? 42  Wobwira gute mwenewanyu ngo: “Mwenewacu, tega ngutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, kandi na wewe nyene utabona ikigiga kiri mu jisho ryawe? Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure ikigiga kiri mu jisho ryawe, uzoheza ubone neza ingene utosora akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu. 43  Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi*, kandi igiti kibi* ntigishobora kwama ivyamwa vyiza+. 44  Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco+. Nk’akarorero, abantu ntibashobora kwaha insukoni ku mahwa, kandi ntibashobora kwaha inzabibu ku gisaka c’amahwa. 45  Umuntu mwiza asohora ibintu vyiza mw’itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, ariko umuntu mubi asohora ibintu bibi mw’itunga ryiwe ribi. Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga+. 46  Kubera iki none mumpamagara ngo: “Mukama! Mukama!”, ariko ntimukore ivyo mvuga+? 47  Reka ndababwire ingene umuntu wese aza iwanje, akumviriza amajambo yanje kandi akayashira mu ngiro, aba ameze+: 48  Ameze nk’umugabo mu kwubaka inzu yimvye gushika kure kugira ashinge umushinge ku gitandara. Igihe isegenya rero ryatera, uruzi rwarisutse kuri iyo nzu, ariko ntirwashoboye kuyinyiganyiza kubera yari yubatswe neza+. 49  Ariko umuntu wese yumva amajambo yanje mugabo ntayashire mu ngiro+, ameze nk’umuntu yubatse inzu kw’ivu gusa, ntayihe umushinge. Uruzi rwarayisutseko, ica irabomoka ubwo nyene, emwe irasenyuka yose.»

Utujambo tw'epfo

Canke «bamyoza.»
Canke «ni Umukama w’isabato.»
Canke «kunyunyutse.»
Canke «n’impwemu zihumanye.»
Canke «bakabiyamiriza ngo muri babi.»
Canke «impuzu yo hejuru.»
Canke «n’impuzu yo munsi.»
Ni ukuvuga guha ingurane umuntu utiteze inyungu.
Canke «murekura.»
Canke «muzorekurwa.»
Canke «mu mikunjo y’impuzu.» Mu kigiriki havuga ngo «mu bikondorero.»
Canke «umwigishwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «biboze.»
Mu kigiriki havuga ngo «kiboze.»