Ivyakozwe n’intumwa 4:1-37

  • Petero na Yohani bafatwa (1-4)

    • Igitigiri c’abagabo bizeye kigera ku 5.000 (4)

  • Petero na Yohani barengutswa imbere y’Inama nkuru (5-22)

    • «Ntidushobora kureka kuvuga» (20)

  • Basenga basaba ubutinyutsi (23-31)

  • Abigishwa basangira ivyo batunze (32-37)

4  Igihe rero abo babiri bariko baravugana n’abantu, haza abaherezi, umukuru w’abarinzi b’urusengero n’Abasadukayo+.  Bari bashavujwe n’uko izo ntumwa zariko zirigisha abantu zongera zibamenyesha ku mugaragaro yuko Yezu yazutse mu bapfuye*+.  Baca barabafata* babaraza mu gasho+, kuko bwari bumaze kugoroba.  Ariko benshi mu bari bumvirije ivyo bavuze barizera, igitigiri c’abagabo bizeye gishika nko ku 5.000+.  Bukeye, abatware babo, abashingantahe n’abanditsi bakoranira i Yeruzalemu.  Bari kumwe na Anasi+ umukuru w’abaherezi, Kayifa+, Yohani, Alegizandere n’incuti zose z’umukuru w’abaherezi.  Bahagarika Petero na Yohani hagati yabo, bababaza bati: «Ivyo mwabikoze mwishimikije ububasha nyabaki canke izina rya nde?»  Maze Petero yuzuye impwemu nyeranda+, ababwira ati: «Yemwe batware namwe bashingantahe,  nimba uno musi turiko turasambishwa kubera ikintu ciza cakorewe umuntu amugaye+, mukaba mwipfuza kumenya uwatumye uwu muntu akira, 10  nimumenye mwese n’abantu bose bo muri Isirayeli, yuko uyu muntu ahagaze hano imbere yanyu akomeye kubera izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti+, uwo mwamanitse ku giti+ mugabo Imana ikamuzura mu bapfuye+. Vyashobotse biciye kuri we. 11  Uyo Yezu ni we “buye mwebwe abubatsi mwakengereye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+.” 12  Ikigeretseko, nta wundi ubukiriro bubonekeramwo, kuko munsi y’ijuru ata rindi zina+ abantu bahawe dutegerezwa gukirizwamwo+ 13  Babonye ingene Petero na Yohani batarya umunwa*, bakabona n’uko ari abantu batize* kandi basanzwe+, baratangara. Baca batahura yuko bahoze bagendana na Yezu+. 14  Baravye uwo muntu yari yakijijwe ahagararanye na bo+, babura ico basubizayo+. 15  Baca babategeka ngo bave mu ngoro y’Inama nkuru, batangura kubazanya bati: 16  «Mbega aba bantu tubagire gute+? Mu vy’ukuri habaye igitangaza c’akataraboneka biciye kuri bo cabonywe n’ababa i Yeruzalemu bose+, kandi ntidushobora kubihakana. 17  Kugira ntibibandanye gukwiragira mu bantu, reka tubatere ubwoba maze tubihanize ntihagire umuntu basubira kubwira ikintu na kimwe bishimikije iryo zina+ 18  Baca barabahamagara, babategeka kutagira ikintu na kimwe bavuga canke bigisha bishimikije izina rya Yezu. 19  Mugabo Petero na Yohani babishura bati: «Nimba ari vyiza imbere y’Imana kubumvira aho kwumvira Imana, nimuruce namwe. 20  Ariko twebwe ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye n’ivyo twumvise+ 21  Nuko basubira kubatera ubwoba, maze barabarekura kubera bataronse imvo n’imwe yo kubahana no kubera batinya abantu+, kuko bose bariko baraninahaza Imana kubera ivyari vyabaye. 22  Nkako, uwo muntu yakijijwe ku gitangaro* yari afise imyaka irenga 40. 23  Bamaze kurekurwa, baca baja kuraba bagenzi babo, babiganira ibintu vyose abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bari bababwiye. 24  Aho bavyumviye, bose baca bashira ijwi hejuru babwira Imana bahuje inama bati: «Mukama Segaba, ni wewe waremye* ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo+. 25  Kandi ni wewe watumye umusavyi wawe sogokuruza wacu Dawidi+ avuga biciye ku mpwemu nyeranda ati: “Kubera iki amahanga yagiye mu ruhagarara, n’imigwi y’abantu ikiyumvira* ibitagira akamaro? 26  Abami b’isi bahagurutse, n’abatware bakoranira hamwe kugira barwanye Yehova* n’uwo yarobanuye*+.” 27  Mu vy’ukuri, Herodi na Ponsiyo Pilato+ bari kumwe n’abantu bo mu mahanga be n’imigwi y’abantu b’Abisirayeli, barakoraniye hamwe muri iki gisagara ngo barwanye Yezu umusavyi wawe mweranda warobanuye+, 28  kugira bashitse ivyo washinze imbere y’igihe biciye ku bubasha* bwawe n’ivyo ugomba*+. 29  None rero Yehova*, raba iterabwoba ryabo, ufashe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose, 30  ubandanye no kuramvura ukuboko kwawe kugira ukize no kugira habe ibimenyetso n’ibitangaza+, biciye mw’izina ry’umusavyi wawe mweranda Yezu+ 31  Bamaze gutakamba*, ahantu bari bakoraniye haranyiganyiga, maze bose uko bangana buzuzwa impwemu nyeranda+, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi+. 32  Vyongeye, abantu isinzi bizeye bari bahuje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari rwiwe, ahubwo bari basangiye vyose+. 33  Intumwa zibandanya gushinga intahe ku vyerekeye izuka ry’Umukama Yezu+ bimwe bikomeye cane, kandi bose Imana yaguma ibagirira ubuntu buhebuje* bwinshi cane. 34  Nta n’umwe muri bo yari mu mukeno+, kuko abari bafise amatongo canke amazu bose babigurisha maze bakazana ivyavuye mu vyo bagurishije 35  bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa+. Intumwa zaca zibigabanganya, umwe wese akaronka ivyo akeneye+. 36  Umulewi avuka i Shipure yitwa Yozefu, umwe intumwa zatazira Barunaba+ (bisobanura ngo «umwana w’uruhoza») na we nyene 37  yari afise itongo. Nuko ararigurisha hanyuma azana amahera ayashira imbere y’ibirenge vy’intumwa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ivy’ukuzuka mu bapfuye kwa Yezu.»
Canke «barabahagarika.»
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe w’imfuruka.»
Canke «bavugana ubutinyutsi.»
Ntibisigura ko batari bazi gusoma no kwandika, ahubwo bisigura ko batize amashure y’Abarabi.
Canke «yakorewe ikimenyetso agakira.»
Mu kigiriki havuga ngo «wahinguye.»
Canke «ikazirikana.»
Canke «na Kristu wiwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu kigiriki havuga ngo «ku kuboko.»
Canke «n’ingingo washinze.»
Canke «gusenga bakobeje.»