Yesaya 45:1-25

  • Kuro yaratowe ngo afate Babiloni (1-8)

  • Ibumba ntiryorwana n’Umubumvyi (9-13)

  • Ayandi mahanga azokwubaha Isirayeli (14-17)

  • Imana ni iyo kwizigirwa turavye ivyo yaremye n’ivyo yahishuye (18-25)

    • Isi yaremwe kugira ngo ibeko abantu (18)

45  Ibi ni vyo jewe Yehova mbwiye Kuro+, uwo natoye*,uwo mfashe ukuboko kw’ukuryo+ngo ntume amahanga amuyobokera+,kugira ngo nake ibirwanisho* abami,kugira ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri,kugira amarembo ntazokwugarwe:   «Nzogendera imbere yawe+,ndinganize udusozi. Nzomenagura imiryango y’umujumpu,mvunagure ivyugazo vy’icuma+.   Nzoguha amatungo ari mu mwiza,n’amatungo anyegejwe mu bibanza vyihishije+,kugira ngo umenye yuko ndi Yehova,Imana ya Isirayeli, Umwe aguhamagaye mw’izina ryawe+.   Ndaguhamagaye mw’izinakubera umusavyi wanje Yakobo no kubera Isirayeli uwo natoye. Ndaguhaye izina ry’icubahiro naho utari unzi.   Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho. Nta yindi Mana atari jewe+. Nzogukomeza* naho utari unzi,   kugira ngo kuva iyo izuba riserukira gushika iyo rirengera*,abantu bamenyeyuko ata wundi ariho atari jewe+. Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho+.   Ni jewe ndema umuco+ n’umwiza+,nkazana amahoro+ n’ivyago+.Jewe Yehova, ni jewe nkora ivyo vyose.   Wa juru we, gwisha imvura ivuye iyo hejuru+.Ibicu nibisuke ubugororotsi. Isi niyuguruke yame ubukiriro,muri uwo mwanya nyene itume n’ubugororotsi bunaga+. Jewe Yehova, ni jewe nabiremye.»   Aragowe uwurwana* n’Uwamuremye*kandi ari urujo gusaruri hasi mu zindi njo! Mbega ibumba ryobwira Umubumvyi* ngo: «Uriko ukora iki+ Canke ikintu wakoze covuga ngo: «Nta maboko agira*»? 10  Aragowe uwubwira se ati: «Wamvyariye iki?», akabwira nyina ati: «Kubera iki wanyibarutse* 11  Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+ akaba n’Umubumvyi wiwe, avuze ati: «Mwompaririza ku bijanye n’ibigira bibe,mukampa amategeko ku bijanye n’abana banje+ canke ivyo nakoze n’amaboko yanje? 12  Nararemye* isi+, ndema n’umuntu ayibako+. Nakoresheje amaboko yanje nsanza ijuru+,kandi ingabo zaryo zose ndaziha amategeko+ 13  «Narahagurukije umuntu mu bugororotsi+,kandi nzogorora inzira ziwe zose. Ni we azokwubaka igisagara canje+,akarekura abantu banje bari mu bunyagano+ ata co arihishije kandi ata giturire asavye+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 14  Yehova avuze ati: «Inyungu* ya Misiri, ibidandazwa* vya Etiyopiya n’abantu barebare b’Abasabeya,bazoza iwawe babe abawe. Bazogendera inyuma yawe baboheshejwe iminyororo. Bazoza bakwunamire+, bakubwire n’icubahiro bati: “Vy’ukuri Imana iri kumwe nawe+,kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana iriho.”» 15  Vy’ukuri uri Imana yihisha,ewe Mana ya Isirayeli, wewe Mukiza+. 16  Bose bazomaramara bacishwe bugufi.Abakora ibigirwamana bose bazogenda bateterewe+. 17  Mugabo mwebwe Abisirayeli, muzokizwa na Yehova ibihe vyose+. Ntimuzomaramara canke ngo muteterwe ibihe vyose+. 18  Kuko Yehova, Umuremyi w’ijuru+, we Mana y’ukuri,we yabumvye isi akayirema* akayikomeza+, ntayiremere ubusa*mugabo akayirema ngo ibeko abantu+,avuze ati: «Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho. 19  Sinavugiye mu kibanza cihishije+, mu gihugu c’umwiza.Sinabwiye uruvyaro* rwa Yakobo nti:“Nimundonderere ubusa.” Ndi Yehova, umwe avuga ibigororotse, akamenyesha ibitunganye+. 20  Nimukoranire hamwe muze. Nimwegere mwese mwebwe abacitse kw’icumu mukava mu mahanga+. Abagenda bikoreye ibishusho vy’ibibazano nta na kimwe bazi,kandi basenga imana idashobora kubakiza+. 21  Nimutange ivyiyumviro vyanyu, mushikirize imburano zanyu. Nimuje hamwe muje inama. Ibi ni nde yabivuze kuva keraakabimenyekanisha kuva kera na rindi? None si jewe Yehova? Nta yindi Mana atari jewe.Ndi Imana igororotse kandi ikiza+, nta yindi iriho atari jewe+. 22  Nimungarukeko mukizwe+, mwese abo ku mpera z’isi,kubera ari jewe Mana kandi akaba ata yindi iriho+. 23  Narirahiye ubwanje.Iri jambo ryavuye mu kanwa kanje ni iry’ukurikandi rizoranguka*+: amavi yose azompfukamira,ururimi rwose ruzorahira ko ruzonyobokera+. 24  Bazovuga bati: “Ni ukuri, kwa Yehova ni ho hari ubugororotsi nyakuri n’inkomezi. Abamushavurira cane bose bazoza imbere yiwe bamaramara. 25  Uruvyaro* rwose rwa Isirayeli ruzobona ko rutihenze+ mu gukorera Yehovakandi ruzomwiratira.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «nkenyurure mu mafyinga.»
Canke «uwo narobanuje amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «nzogukenyeza neza.»
Canke «kuva mu buseruko gushika mu burengero.»
Canke «uwuharira.»
Mu giheburayo havuga ngo «Uwamuhinguye.»
Canke «Uwaritunganije.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «canke ibumba ryovuga riti: “Ivyo wakoze ntibigira aho gufata”?»
Canke «icaguteye ububabare bwo kwibaruka ni igiki?»
Mu giheburayo havuga ngo «narakoze.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abakozi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abadandaza.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntayireme ngo ibeko ubusa.»
Mu giheburayo havuga ngo «akayihingura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntirizosubira inyuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»