Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu ca Yesaya

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Umuvyeyi afise abana b’abagarariji (1-9)

    • Yehova aranka ugusenga kwo guheza umwuga (10-17)

    • «Nimuze dutunganye ibibazo» (18-20)

    • Siyoni izosubira kuba igisagara cizigirwa (21-31)

  • 2

    • Umusozi wa Yehova ushirwa hejuru (1-5)

      • Inkota bazozicuramwo amasuka (4)

    • Umusi wa Yehova uzocisha bugufi abibona (6-22)

  • 3

    • Indongozi zo mu Buyuda zizimiza abantu (1-15)

    • Abakobwa b’i Siyoni berura bacirwa urubanza (16-26)

  • 4

    • Abagore indwi ku mugabo umwe (1)

    • Ico Yehova azonagisha kizoba ic’ubuninahazwa (2-6)

  • 5

    • Ururirimbo rw’umuzabibu wa Yehova (1-7)

    • Amagorwa azoshikira umuzabibu wa Yehova (8-24)

    • Ishavu Imana ifitiye abantu bayo (25-30)

  • 6

    • Yesaya yerekwa Yehova mu rusengero rwiwe (1-4)

      • «Umweranda, umweranda, umweranda ni Yehova» (3)

    • Iminwa ya Yesaya ihumanurwa (5-7)

    • Yesaya atumwa (8-10)

      • «Ndi hano ntuma» (8)

    • «Gushika ryari ga Yehova?» (11-13)

  • 7

    • Ubutumwa ku mwami Ahazi (1-9)

      • Sheyari-Yashubu (3)

    • Ikimenyetso ca Emanweli (10-17)

    • Ingaruka z’ubuhemu (18-25)

  • 8

    • Igitero c’Abashuri cimirije (1-8)

      • Maheri-Shalali-Hashi-Bazi (1-4)

    • Ntimutinye, «Imana iri kumwe natwe» (9-17)

    • Yesaya n’abana biwe ni nk’ibimenyetso (18)

    • Nimubaze amategeko aho kubaza amadayimoni (19-22)

  • 9

    • Umuco mwinshi mu karere ka Galilaya (1-7)

      • Havuka «Umutware w’amahoro» (6, 7)

    • Imana izohana Abisirayeli (8-21)

  • 10

    • Imana izohana Abisirayeli (1-4)

    • Ashuri: inkoni y’ishavu ry’Imana (5-11)

    • Imana izohana Ashuri (12-19)

    • Amasigarira ya Yakobo azogaruka (20-27)

    • Imana izocira urubanza Ashuri (28-34)

  • 11

    • Intwaro igororotse y’agashami ka Yese (1-10)

      • Ibingira rizobana n’umwagazi w’intama (6)

      • Ubumenyi bwerekeye Yehova buzokwuzura isi (9)

    • Amasigarira agarukanwa (11-16)

  • 12

    • Indirimbo yo gukenguruka (1-6)

      • «Ya, Yehova, ni inkomezi zanje» (2)

  • 13

    • Urubanza rwaciriwe Babiloni (1-22)

      • Umusi wa Yehova uri hafi (6)

      • Abamedi bazotsinda Babiloni (17)

      • Nta bantu bazosubira kuba i Babiloni (20)

  • 14

    • Abisirayeli bazoba mu gihugu cabo (1, 2)

    • Umwami wa Babiloni acokorwa (3-23)

      • Inyenyeri ikayangana itibuka ivuye mw’ijuru (12)

    • Ukuboko kwa Yehova kuzojanjagura Umwashuri (24-27)

    • Ubutumwa bw’urubanza rwaciriwe Abafilisitiya (28-32)

  • 15

    • Urubanza rwaciriwe Mowabu (1-9)

  • 16

    • Ubundi butumwa bwo gucira urubanza Mowabu (1-14)

  • 17

    • Urubanza rwaciriwe Damasiko (1-11)

    • Yehova azokankamira amahanga (12-14)

  • 18

    • Ubutumwa bwo gucira urubanza Etiyopiya (1-7)

  • 19

    • Urubanza rwaciriwe Misiri (1-15)

    • Abanyamisiri bazomenya Yehova (16-25)

      • Igicaniro ca Yehova mu Misiri (19)

  • 20

    • Ikimenyetso co kuburira Misiri na Etiyopiya (1-6)

  • 21

    • Urubanza rwaciriwe ubugaragwa bumeze nk’ikiyaga (1-10)

      • Uwuguma areretse ku munara w’inderetsi (8)

      • «Babiloni yatemvye!» (9)

    • Urubanza rwaciriwe Duma n’ikiyaya c’ubugaragwa (11-17)

      • «Yewe nderetsi, ijoro rigeze he?» (11)

  • 22

    • Ubutumwa bwerekeye umubande w’ukwerekwa (1-14)

    • Umukuru Shebuna asubirirwa na Eliyakimu (15-25)

      • Urumambo rw’ikigereranyo (23-25)

  • 23

    • Urubanza rwaciriwe Tiro (1-18)

  • 24

    • Yehova agira acuranure igihugu (1-23)

      • Yehova abaye Umwami i Siyoni (23)

  • 25

    • Imihezagiro myinshi abantu b’Imana bazoronka (1-12)

      • Inzimano iteguwe na Yehova y’umuvinyu uryoshe (6)

      • Urupfu ntiruzoba rukiriho (8)

  • 26

    • Ururirimbo rw’ukwizigira Imana n’agakiza itanga (1-21)

      • Ya, Yehova, ni Igitandara c’ibihe bidahera (4)

      • Ababa kw’isi bazokwiga gukora ibigororotse (9)

      • «Abantu bawe bapfuye bazobaho» (19)

      • Mwinjire mu vyumba, mwinyegeze (20)

  • 27

    • Yehova yica Lewiyatani (1)

    • Ururirimbo rwerekeye umuzabibu ugereranya Isirayeli (2-13)

  • 28

    • Ziragowe imborerwa za Efurayimu! (1-6)

    • Abaherezi n’abahanuzi bo mu Buyuda bagenda bicako (7-13)

    • «Isezerano n’urupfu» (14-22)

      • Ibuye rigumya imfuruka rishingwa i Siyoni (16)

      • Igikorwa kidasanzwe ca Yehova (21)

    • Akarorero k’indero nziza Yehova atanga (23-29)

  • 29

    • Aragowe Ariyeli! (1-16)

      • Imana yiyamiriza abayikorera ku karimi gusa (13)

    • Abatumva bazokwumva n’impumyi zibone (17-24)

  • 30

    • Imfashanyo ya Misiri nta co imaze namba (1-7)

    • Abantu baranka kwumviriza abahanuzi (8-14)

    • Inkomezi ziva ku kwizigira (15-17)

    • Yehova azogirira ubuntu abantu biwe (18-26)

      • Yehova, wa Mwigisha Ahambaye (20)

      • «Iyi ni yo nzira» (21)

    • Yehova azoshitsa urubanza kuri Ashuri (27-33)

  • 31

    • Imfashanyo nyayo iva ku Mana, ntiva ku bantu (1-9)

      • Amafarasi yo mu Misiri ni ay’umubiri (3)

  • 32

    • Umwami n’abatware bazoganza mu butungane nyakuri (1-8)

    • Abagore ata co binona bagabishwa (9-14)

    • Imihezagiro izoboneka impwemu niyasukwa (15-20)

  • 33

    • Urubanza Imana izoca n’icizigiro ku bagororotsi (1-24)

      • Yehova ni Umucamanza, ashinga amategeko, ni Umwami (22)

      • Nta wuzovuga ngo: «Ndarwaye» (24)

  • 34

    • Yehova yihora amahanga (1-4)

    • Edomu hazotikizwa (5-17)

  • 35

    • Iparadizo igarukanwa (1-7)

      • Impumyi zizohumuka, amatwi y’abatumva yumve (5)

    • Inzira y’ubweranda y’abacunguwe (8-10)

  • 36

    • Senakeribu atera Ubuyuda (1-3)

    • Rabushake acokora Yehova (4-22)

  • 37

    • Hezekiya atabaza Imana biciye kuri Yesaya (1-7)

    • Senakeribu atera ubwoba ababa i Yeruzalemu (8-13)

    • Isengesho rya Hezekiya (14-20)

    • Yesaya avuga ivyo Imana yamwishuye (21-35)

    • Umumarayika yica Abashuri 185.000 (36-38)

  • 38

    • Hezekiya arwara hanyuma agakira (1-22)

      • Indirimbo yo gukenguruka (10-20)

  • 39

    • Intumwa zaje ziva i Babiloni (1-8)

  • 40

    • Abantu b’Imana bahozwa (1-11)

      • Ijwi mu bugaragwa (3-5)

    • Imana ni yo nkuru (12-31)

      • Amahanga ni nk’ima ry’amazi mu ndobo (15)

      • «Imana iba hejuru y’umuzingi w’isi» (22)

      • Inyenyeri zose azihamagara mu mazina (26)

      • Imana ntiyigera iruha (28)

      • Kwizigira Yehova biratanga inkomezi (29-31)

  • 41

    • Umuntu avuye i burasirazuba azonesha amahanga (1-7)

    • Imana yatoye Isirayeli ngo ibe umusavyi wayo (8-20)

      • «Umugenzi wanje Aburahamu» (8)

    • Izindi mana zisabwa kwiburanira (21-29)

  • 42

    • Umusavyi w’Imana n’igikorwa yashinzwe (1-9)

      • «Yehova ni ryo zina ryanje» (8)

    • Indirimbo nshasha yo gushemeza Yehova (10-17)

    • Isirayeli ni impumyi kandi ntiyumva (18-25)

  • 43

    • Yehova asubira kwegeranya abantu biwe (1-7)

    • Imana zitari zo ziburanishwa (8-13)

      • «Muri ivyabona vyanje» (10,12)

    • Bazokurwa i Babiloni (14-21)

    • «Ingo tuburane» (22-28)

  • 44

    • Imihezagiro abo Imana yatoye bazoronka (1-5)

    • Nta yindi Mana atari Yehova (6-8)

    • Ibigirwamana vyakozwe n’abantu nta co bimaze (9-20)

    • Yehova ni Umucunguzi wa Isirayeli (21-23)

    • Biciye kuri Kuro, ibintu bizosubira mu buryo (24-28)

  • 45

    • Kuro yaratowe ngo afate Babiloni (1-8)

    • Ibumba ntiryorwana n’Umubumvyi (9-13)

    • Ayandi mahanga azokwubaha Isirayeli (14-17)

    • Imana ni iyo kwizigirwa turavye ivyo yaremye n’ivyo yahishuye (18-25)

      • Isi yaremwe kugira ngo ibeko abantu (18)

  • 46

    • Ibigirwamana vy’i Babiloni nta ho bihuriye n’Imana ya Isirayeli (1-13)

      • Yehova aravuga ibizoba (10)

      • Inyoni ihiga, ije iva i burasirazuba (11)

  • 47

    • Ugutemba kwa Babiloni (1-15)

      • Abaragurira ku nyenyeri nta co bamaze (13-15)

  • 48

    • Isirayeli ikosorwa ikongera igatyororwa (1-11)

    • Yehova azohagurukira Babiloni (12-16a)

    • Imana itwigisha ibitugirira akamaro (16b-19)

    • «Nimuve muri Babiloni!» (20-22)

  • 49

    • Ivyo umusavyi wa Yehova azokora (1-12)

      • Umuco w’amahanga (6)

    • Isirayeli ihozwa (13-26)

  • 50

    • Isirayeli yakwegewe n’ibicumuro vyayo (1-3)

    • Umusavyi wa Yehova agamburuka (4-11)

      • Ururimi rw’abigishwa, n’ugutwi kwabo (4)

  • 51

    • Siyoni itunganywa nk’umurima wa Edeni (1-8)

    • Siyoni ihozwa n’Umuremyi wayo akomeye (9-16)

    • Igikombe c’uburake bwa Yehova (17-23)

  • 52

    • Vyuka, ewe Siyoni! (1-12)

      • Ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza birateye igomwe (7)

      • Inderetsi za Siyoni ziha akamo icarimwe (8)

      • Abarerura ibikoresho vya Yehova bategerezwa kudahumana (11)

    • Umusavyi wa Yehova azoninahazwa (13-15)

      • Umuntu afise mu maso hononywe (14)

  • 53

    • Imibabaro y’umusavyi wa Yehova, urupfu rwiwe n’aho yahambwe (1-12)

      • Baramusuzugura, bakamwinuba (3)

      • Yarikoreye indwara zacu n’imibabaro yacu (4)

      • «Nk’intama igiye kubagwa» (7)

      • Yikoreye igicumuro ca benshi (12)

  • 54

    • Siyoni ya ngumba azoronka abana benshi (1-17)

      • Yehova ni umugabo wa Siyoni (5)

      • Abana ba Siyoni bazokwigishwa na Yehova (13)

      • Ibirwanisho vyo kurwanya Siyoni ntibizororanirwa (17)

  • 55

    • Ubutumire bwo kurya no kunywa ku buntu (1-5)

    • Nimurondere Yehova n’ijambo ryiwe ryo kwizigirwa (6-13)

      • Inzira z’Imana ziri hejuru y’iz’abantu (8, 9)

      • Ijambo ry’Imana rizororanirwa ata kabuza (10, 11)

  • 56

    • Abanyamahanga n’inkone bazoronka imihezagiro (1-8)

      • Inzu isengerwamwo na bose (7)

    • Inderetsi zihumye, imbwa z’ibiragi (9-12)

  • 57

    • Umugororotsi n’abantu b’intahemuka barazimangana (1, 2)

    • Ubuhemu bwa Isirayeli bushirwa ahabona (3-13)

    • Uruhoza ku baciye bugufi (14-21)

      • Ababisha bameze nk’ikiyaga gisebagirika (20)

      • Nta mahoro ku babisha (21)

  • 58

    • Ukwisonzesha kw’ukuri n’ukw’ikinyoma (1-12)

    • Kuryoherwa n’isabato (13, 14)

  • 59

    • Ibicumuro vy’Abisirayeli bibatandukanya n’Imana (1-8)

    • Batura ibicumuro (9-15a)

    • Yehova ahaseruka ku bw’abigaya (15b-21)

  • 60

    • Ubuninahazwa bwa Yehova bukayanganira kuri Siyoni (1-22)

      • Nk’inuma zija ku tuzu twazo (8)

      • Inzahabu mu kibanza c’umujumpu (17)

      • Umuntu mutoyi azocika igihumbi (22)

  • 61

    • Yarobanuwe ngo avuge inkuru nziza (1-11)

      • «Umwaka wo gushimwa na Yehova» (2)

      • «Ibiti binini vy’ubugororotsi» (3)

      • Abanyamahanga bazofasha (5)

      • «Abaherezi ba Yehova» (6)

  • 62

    • Izina rishasha rya Siyoni (1-12)

  • 63

    • Yehova yihora amahanga (1-6)

    • Urukundo rudahera Yehova yerekanye kera (7-14)

    • Isengesho ryo kwigaya (15-19)

  • 64

    • Isengesho ryo kwigaya rikibandanya (1-12)

      • Yehova ni «Umubumvyi wacu» (8)

  • 65

    • Urubanza Yehova yaciriye abasenga ibigirwamana (1-16)

      • Imana y’umugisha n’imana igena ibishikira umuntu (11)

      • «Abasavyi banje bazorya» (13)

    • Ijuru rishasha n’isi nshasha (17-25)

      • Bazokwubaka amazu, batere imizabibu (21)

      • Nta wuzoruhira ubusa (23)

  • 66

    • Ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma (1-6)

    • Siyoni n’abahungu biwe (7-17)

    • Abantu begeranywa kugira basengere i Yeruzalemu (18-24)