Yesaya 42:1-25

  • Umusavyi w’Imana n’igikorwa yashinzwe (1-9)

    • «Yehova ni ryo zina ryanje» (8)

  • Indirimbo nshasha yo gushemeza Yehova (10-17)

  • Isirayeli ni impumyi kandi ntiyumva (18-25)

42  Ehe umusavyi wanje+ nshigikiye! Ng’uyu uwo nitoreye+, uwo nashimye+! Namushizemwo impwemu yanje+.Azozanira amahanga ubutungane+.   Ntazosemerera canke ngo aduze ijwi,kandi ntazokwumvikanisha ijwi ryiwe mw’ibarabara+.   Ntazovuna irenga rijanjaguritse,kandi ntazozimya urutambi ruriko rurafumba umwotsi+. Azozana ubutungane abigiranye ubwizigirwa+.   Ntazoruha canke ngo acike intege, gushika ashizeho ubutungane mw’isi+.Amazinga aguma arindiriye amategeko* atanga.   Ibi ni vyo Imana y’ukuri Yehova ivuze,Umuremyi w’ijuru akaba n’Imana ihambaye iriramvura+,Umwe yarema* isi n’ibiri kuri yo+,Umwe aha impemu abantu bayibako+,agaha n’impwemu abayigendagendako+:   «Jewe Yehova naguhamagaye mu bugororotsi,ndagufata ukuboko. Nzokuzigama, ndagutange ngo ubere abantu isezerano+,ube n’umuco w’amahanga+,   kugira ngo uhumure amaso ahumye+,usohore mu gasho imbohe,usohore mw’ibohero abicaye mu mwiza+.   Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.Nta wundi n’umwe mpa* ubuninahazwa bwanje,canke ngo mpe ishemezo ryanje ibishusho bibajwe+.   Raba, ivya mbere vyarangutse.Ubu ndabamenyesha bishasha. Ndabibabwira imbere y’uko biba+ 10  Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+,mumuririmbire ishemezo kuva ku mpera z’isi+,mwebwe abagendera ku kiyaga n’ibikibamwo vyose,mwebwe mazinga n’abayabamwo+. 11  Ubugaragwa n’ibisagara vyabwo nibiduze ijwi+,n’ibigwati Kedari+ abamwo. Ababa ahantu h’ibitandara nibihe akamo k’umuneze⁠ro.Nibakome akaruru bari kw’isonga ry’imisozi. 12  Nibahe ubuninahazwa Yehova,bamenyeshe ishemezo ryiwe mu mazinga+. 13  Yehova azosohoka nk’umunyenkomezi+. Azovyura umwete wiwe nk’umurwanyi+. Azokwiha akaruru, emwe, azokwiha akaruru k’intambara.Azokwerekana ko asumvya inkomezi abansi biwe+. 14  Imana ivuga iti: «Natekereje igihe kirekire. Nagumye ncereje ndigumya. Kurya kw’umugore ariko aribaruka,nzonihagira, mpezagirike, vyanke ko mpema, vyose icarimwe. 15  Nzotikiza imisozi n’imirambi,numishe ibimera vyaho vyose. Inzuzi nzozihindura amazinga*,numishe ibidengeri vy’amazi vyuzuyeko amarenga+. 16  Abantu b’impumyi nzotuma bagendera mu nzira batazi+,ntume baca mu mayira batamenyereye+. Umwiza nzowuhindura umuco imbere yabo+,ahantu hataringaniye ndahahindure ahantu hashashe+. Ivyo ni vyo nzobakorera, kandi sinzobaheba.» 17  Bazosubizwa inyuma, bamaramare rwose,barya bizigira ibishusho bibajwe,barya babwira ibishusho bikozwe mu cuma* bati: «Ni mwebwe mana zacu+ 18  Nimwumve, yemwe abatumva.Nimwitegereze mubone, yemwe mpumyi+. 19  Ni nde ari impumyi nk’umusavyi wanje?Ni nde afise ingorane yo kutumva nk’intumwa yanje? Ni nde ari impumyi nk’uwo nahaye impera?Ni nde ari impumyi nk’umusavyi wa Yehova+? 20  Ubona ibintu vyinshi mugabo ntiwitegereza. Urugurura amatwi mugabo ntiwumviriza+. 21  Yehova yahimbawe no gushira hejuru amategeko* yiweakayagira ayakomeye, kubera ubugororotsi bwiwe. 22  Mugabo ni ihanga ryasahuwe riramburwa+.Bose bafashwe n’umutego mu binogo, banyegezwa mu mabohero+. Barasahuwe babura uwubatabara+,baramburwa ntihagira uwuvuga ngo: «Garukana!» 23  Muri mwebwe ni nde azokwumva ivyo bintu? Ni nde azotega ugutwi akumviriza ku bwa kazoza? 24  Ni nde yatumye Yakobo yamburwa,agatuma Isirayeli isahurwa? Mbega si Yehova, Umwe twacumurako? Twaranse kugendera mu nzira ziwe,twanka kwumvira amategeko* yiwe+. 25  Ni co gituma yagumye asuka kuri Isirayeli uburake n’ishavu,amuteza n’intambara zikaze+. Vyaramuturiye impande zose mugabo ntiyagira ico yitaho+. Umuriro waramugwiranye mugabo ntiyabishirako umutima+.

Utujambo tw'epfo

Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «yasanza.»
Canke «dusangira.»
Canke «ibihugu vyo ku nkengera y’amazi.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «inyigisho.»
Canke «inyigisho.»