Ivyakozwe n’intumwa 5:1-42

  • Ananiya na Safira (1-11)

  • Intumwa zikora ibitangaza vyinshi (12-16)

  • Bapfungwa maze bakarekurwa (17-21a)

  • Basubira kurengutswa imbere y’Inama nkuru (21b-32)

    • «Kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu» (29)

  • Impanuro ya Gamaliyeli (33-40)

  • Bamenyesha inkuru nziza inzu ku nzu (41, 42)

5  Umugabo yitwa Ananiya n’umugore wiwe Safira bagurisha itongo.  Mugabo Ananiya agumya mu mpisho igice c’ayo yagurishije, n’umugore wiwe akaba yari abizi, araheza azana igice gusa agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa+.  Petero aca amubwira ati: «Ananiya, kubera iki Shetani yatumye wubahuka guhenda+ impwemu nyeranda+, ukagumya mu mpisho igice c’ayo wagurishije itongo?  Igihe utari bwarigurishe, mbega ntiryari rwawe? Umaze kurigurisha na ho, ayo warigurishije ntiwari kuyakoresha uko ushaka? Vyagenze gute ngo wiyumvire ico kintu mu mutima wawe? Ntiwahenze abantu, ahubwo wahenze Imana.»  Ananiya yumvise ayo majambo, aca agwa hasi, arapfa. Maze abavyumvise bose bagira ubwoba bwinshi.  Abasore baca barahaguruka, bamutekera mu bitambara, baja kumuhamba.  Haciye nk’amasaha atatu, umugore wiwe na we araza, atazi ivyabaye.  Petero amubaza ati: «Mbwira, mbega aya ni yo mwagurishije itongo?» Amwishura ati: «Ego, ni ayo.»  Petero aca amubwira ati: «Kubera iki mwumvikanye kugeza impwemu ya Yehova*? Ehe ibirenge vy’abahamvye umugabo wawe biri ku muryango, kandi barakujana.» 10  Ako kanya nyene aca agwa imbere y’ibirenge vyiwe, arapfa. Ba basore binjiye, basanga yapfuye. Baca baramujana, bamuhamba iruhande y’umugabo wiwe. 11  Ishengero ryose n’abumvise ivyo bintu bose baca bagira ubwoba bwinshi. 12  Vyongeye, intumwa zibandanya gukora ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyinshi mu bantu+. Bose baza barahurira mw’ibaraza rya Salomo+. 13  Nta wundi n’umwe yatinyuka kwifatanya na bo, ariko abantu babavuga neza. 14  Kandi abemera Umukama baguma bongerekana, abagabo n’abagore benshi cane+. 15  Barazana abarwaye no mu mabarabara makuru, bakabashira ng’aho ku dutanda no ku nderuzo, kugira ngo Petero ahaciye, n’imiburiburi igitutu ciwe hagire abo gicako+. 16  Vyongeye, amasinzi y’abantu bavuye mu bisagara vyo mu micungararo ya Yeruzalemu baguma baza bazanye abarwaye n’abadurumbanywa n’impwemu mbi*, kandi bose barakira. 17  Mugabo umuherezi mukuru n’abari kumwe na we bose bo mu mugwi w’idini w’Abasadukayo barahaguruka buzuye ishari. 18  Bafata* intumwa maze bazishira mw’ibohero+ rusangi. 19  Ariko mw’ijoro, umumarayika wa Yehova* yugurura imiryango y’iryo bohero+, arabasohora, ababwira ati: 20  «Genda muhagarare mu rusengero, mubandanye kubwira abantu ama⁠jambo yose y’ubuzima* 21  Baca baragamburuka, maze binjira mu rusengero mu mutwenzi, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abari kumwe na we bashitse, baca bakoranya abagize Inama nkuru n’abagize inama y’abashingantahe b’Abisirayeli, batuma kw’ibohero ngo babazanire za ntumwa. 22  Mugabo abapolisi bashitseyo, ntibabasanga mw’ibohero. Baca baragaruka maze bavuga bati: 23  «Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, mugabo twuguruye nta n’umwe twasanzeyo.» 24  Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi ngo bavyumve, barazazanirwa, bibaza ico ivyo bizovamwo. 25  Haca haza umuntu umwe, ababwira ati: «Murazi? Ba bagabo mwashira mw’ibohero bahagaze mu rusengero! Bariko barigisha abantu.» 26  Umukuru w’abarinzi aca ajana n’abapolisi biwe barabazana, mugabo batabagirira nabi, kuko batinya ko abantu bohava babicisha amabuye+. 27  Bamaze kubashikana, babahagarika imbere y’Inama nkuru. Umuherezi mukuru atangura kubasambisha. 28  Avuga ati: «Twarabihanikirije ngo ntimugume mwigisha mwishimikije iryo zina+. Yamara ehe mwujuje Yeruzalemu inyigisho zanyu, kandi mwiyemeje kuturemeka amaraso y’uwo muntu+ 29  Petero n’izindi ntumwa bishura bati: «Dutegerezwa kugamburukira* Imana aho kugamburukira abantu+. 30  Imana ya ba sogokuruza bacu yarazuye Yezu, umwe mwica mumumanitse ku giti+. 31  Imana yaramushize hejuru iburyo bwayo+, aba Imboneza+ n’Umukiza+, kugira Abisirayeli bashobore kwigaya maze bababarirwe ibicumuro+. 32  Turi ivyabona bishingira intahe ivyo bintu+, n’impwemu nyeranda+ ni ukwo, imwe Imana yahaye abayigamburukira* 33  Bavyumvise baca bararaka*, bashaka kubica. 34  Mugabo Umufarizayo yitwa Gamaliyeli+ arahaguruka muri iyo Nama nkuru, ategeka ko basohora abo bantu akanya gatoyi. Yari umwigisha w’amategeko y’Imana*, yubahwa n’abantu bose. 35  Araheza ababwira ati: «Yemwe bagabo b’Abisirayeli, mwiyubare ku vyo mugomba gukorera aba bantu. 36  Nk’akarorero, mu misi iheze haradutse uwitwa Teyuda yavuga ko ari agakomeye, maze abagabo bashika nka 400 biyunga ku kagwi kiwe. Mugabo yarishwe, abamuyoboka bose na bo barashwiragira, barakamangana. 37  Mu nyuma ziwe, haradutse Yuda Umunyagalilaya mu gihe ca rwa rusansuma, yikwegerako abayoboke. Uyo mugabo na we nyene yarapfuye, abamuyoboka bose barashwiragira. 38  Ku bijanye n’ibi bintu rero, ico nobahanura ni uko mworeka kwisuka mu vy’aba bantu. Nimubareke. Nimba uyu mugambi canke iki gikorwa ari ivy’abantu, bizosenyuka. 39  Mugabo nimba ari ivy’Imana, ntimuzoshobora kubisenyura+. Mutaravye neza, hari aho mbere mwosanga muriko murwanya Imana ubwayo+ 40  Nuko bumvira impanuro yiwe, baca barengutsa izo ntumwa, barazishishura*+, bazitegeka kureka kuvuga zishimikije izina rya Yezu, hanyuma barazirekura. 41  Baca bava imbere y’Inama nkuru baragenda, banezerewe+ kubera Imana yabateye iteka ryo guteterezwa ku bw’iryo zina. 42  Kandi imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu+, babandanya kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu ari we Yezu, badatezura+.

Utujambo tw'epfo

Canke «zihumanye.»
Canke «bahagarika.»
Mu kigiriki havuga ngo «y’ubu buzima.»
Irivuga ry’ikigiriki rishobora gusobanura «kugamburuka nk’uko umuntu yogamburukira umutware.»
Irivuga ry’ikigiriki rishobora gusobanura «kugamburuka nk’uko umuntu yogamburukira umutware.»
Canke «bica birabasogota.»
Mu kigiriki havuga ngo «umwigisha w’itegeko.»
Canke «barazikubita.»