Ivyakozwe n’intumwa 24:1-27

  • Pawulo yagirizwa (1-9)

  • Pawulo yiburanira imbere ya Felisi (10-21)

  • Urubanza rwiwe rurindirizwa imyaka ibiri (22-27)

24  Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya+ amanukana n’abashingantahe bakeyi hamwe n’umuntu azi kuvugira imbere y’abantu* yitwa Teritulo, hanyuma bitwarira Pawulo kuri buramatari+.  Teritulo ahawe ijambo, atangura kwagiriza Pawulo, avuga ati: «Kubera ko dufise amahoro menshi biciye kuri wewe, kandi hakaba hariko haraba amahinduka muri iri hanga bivuye ku bukerebutsi bwawe,  twipfuza kwama dukenguruka cane ivyo bintu ahantu hose no mu bihe vyose, nyakwubahwa Felisi.  Mugabo ntiriwe ndarandira, ndakwinginze utwihanganire, utwumvirize gatoyi.  Twasanze uyu mugabo ari ikiza*+. Atera imigumuko+ mu Bayuda bose kw’isi yose, kandi ari mu bayoboye akagwi k’idini k’Abanyanazareti+.  Yaranagerageje guhumanya urusengero, duca turamufata+. 7 * ——  Niwamusambisha, uraza kwibonera ko ivyo bintu vyose tumwagiriza ari vyo.»  Abayuda na bo nyene bajamwo bamwagiriza, bemeza ko ivyo ari ukuri. 10  Buramatari aca agirira ikimenyetso Pawulo ngo avuge, maze Pawulo yishura ati: «Kubera nzi neza ko umaze imyaka myinshi uri umucamanza w’iri hanga, ndahimbawe no kuba ngira niregurire imbere yawe+. 11  Nta misi irenze 12 irahaca kuva nduze gusenga i Yeruzalemu+, kandi ivyo urashobora kuvyitohoreza. 12  Ntibansanze mu rusengero ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe canke ntuma abantu bashengerera, haba mu masinagogi canke mu gisagara hose. 13  Ntibashobora no kwemeza imbere yawe ivyo bariko baranyagiriza. 14  Ariko ico nkwemereye coco ni iki: ndiko nkorera Imana ya ba sogokuruza banje+ igikorwa ceranda nkurikije uburyo bwo gusenga bo bita akagwi k’idini, kuko nemera ibintu vyose vyanditswe mu mategeko no mu bitabu vy’abahanuzi+. 15  Kandi ndizigiye cokimwe n’aba bantu nyene, yuko Imana igiye kuzura+ abagororotsi n’abatari abagororotsi+. 16  Ni co gituma nihatira kugumana ijwi ryo mu mutima ryiza* imbere y’Imana n’abantu+. 17  Inyuma y’imyaka itari mike rero, naragarutse nzaniye abo mw’ihanga ryanje imfashanyo y’aboro+, nje no gutanga amashikanwa. 18  Igihe nari muri ivyo bikorwa, bansanze mu rusengero nihumanuye nk’uko bisabwa+. Mugabo nta sinzi twari kumwe kandi nta ruhagarara nariko ndateza. Ariko hari Abayuda bamwe bo mu ntara ya Aziya 19  bari bakwiye kuba bari ng’aha imbere yawe bakanyagiriza, nimba vy’ukuri hari ico bafise bandega+. 20  Canke na ho, abari ng’aha nibavuge ikibi bambonyeko igihe nari mpagaze imbere y’Inama nkuru, 21  uretse ko navuze n’ijwi rirenga mpagaze hagati yabo nti: “Uyu musi ndiko ncirwa urubanza imbere yanyu kubera izuka ry’abapfuye+.”» 22  Ariko kubera ko Felisi yari azi neza ivy’iyo nzira y’Umukama+, aca abaha irindi sango, avuga ati: «Nzofata ingingo kuri ico kibazo canyu komanda Liziyasi niyamanuka ino.» 23  Hanyuma ategeka intwazangabo yuko Pawulo yoguma apfunzwe mugabo agatezurirwa gatoyi, be n’uko abagenzi biwe bokwemererwa kumufasha mu vyo akenera. 24  Haciye imisi mikeyi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi. Aca atumako Pawulo maze yumviriza ivyo avuga ku bijanye n’ukwemera Kristu Yezu+. 25  Mugabo Pawulo atanguye kuvuga ibijanye n’ubugororotsi n’ukwigumya be n’igihe Imana izocira imanza abantu+, Felisi aca agira ubwoba maze avuga ati: «Nube uragenda. Nzosubira kugutumako ninaronka umwanya.» 26  Ico gihe cose yari yizigiye ko Pawulo amuha amahera. Ni co gituma yaguma amutumako kenshi ngo bayage. 27  Haheze imyaka ibiri, Felisi aca asubirirwa na Porukiyo Fesito. Mugabo kubera ko Felisi yipfuza gushimwa n’Abayuda+, aca asiga Pawulo apfunzwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «hamwe n’umushingwamanza.»
Canke «umugumutsi», «icago.»
Canke «ritanyagiriza ikibi.»