Ivyakozwe n’intumwa 10:1-48

  • Koruneliyo yerekwa (1-8)

  • Petero yerekwa ibikoko bihumanuwe (9-16)

  • Petero aja kwa Koruneliyo (17-33)

  • Petero abwira inkuru nziza abanyamahanga (34-43)

    • «Imana ntigira nkunzi» (34, 35)

  • Abanyamahanga baronka impwemu maze bakabatizwa (44-48)

10  Ico gihe i Sezariya hari umugabo yitwa Koruneliyo. Yari intwazangabo* mu mugwi witwa ingabo z’Abataliyano*.  Yari umuntu yubaha Imana kandi akayitinya we n’urugo rwiwe rwose. Yarafasha cane aboro, kandi yama atakambira Imana.  Umusi umwe nk’isaha icenda+ ariko arerekwa, yariboneye neza umumarayika w’Imana aza iyo ari, maze amubwira ati: «Koruneliyo!»  Koruneliyo yaciye amuhanga amaso atekewe n’ubwoba, amubaza ati: «Ni iki ga Mukama?» Na we amubwira ati: «Imana yumvise amasengesho yawe+, irabona n’imfashanyo uha aboro kandi iguma ivyibuka.  Nurungike rero abagabo i Yopa baje kuzana umugabo yitwa Simoni ari we Petero.  Uyo mugabo yatse indaro ku muhinguzi w’inshato yitwa Simoni afise inzu iruhande y’ikiyaga.»  Uwo mumarayika yariko avugana na we akimara kugenda, aca ahamagara babiri mu basuku biwe n’umwe mu basoda bamukorera yubaha Imana,  abiganira vyose hanyuma abatuma i Yopa.  Bukeye bari bakibandanya urugendo. Nuko begereje igisagara, Petero aduga hejuru ku nzu* nka sasita, agiye gusenga. 10  Mugabo arasonza cane, ashaka kurya. Bakiriko barategura ibifungurwa, amera nk’uwurota+ 11  maze abona ijuru ryuguruye, abona n’ikintu kimeze nk’igihuzu kinini c’ilino* cururukirizwa kw’isi gifashwe ku mitwe yaco ine. 12  Carimwo ubwoko bwose bw’ibikoko vy’amaguru ane, n’ivyikwega hasi n’inyoni zo mu kirere. 13  Maze yumva ijwi rimubwira riti: «Haguruka Petero, ubage urye!» 14  Ariko Petero yishura ati: «Oya Mukama! Erega sindigera ndya ikintu na kimwe canduye canke gihumanye+ 15  Nya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: «Ibintu Imana yahumanuye ntusubire kuvyita ivyanduye.» 16  Ivyo biba ubugira gatatu, ca kintu* gica kiraduzwa mw’ijuru. 17  Petero yari akizazaniwe, yibaza insobanuro y’ivyo yeretswe. Muri uwo mwanya nyene, ba bagabo Koruneliyo yari yarungitse bari babajije aho Simoni aba, bakaba bari bahagaze ng’aho kw’irembo+. 18  Nuko barahamagara, babaza ko Simoni ari we yitwa kandi Petero yoba yatse indaro ng’aho. 19  Petero akiriko arazirikana ivyo yeretswe, impwemu+ imubwira iti: «Hari abagabo batatu bariko barakurondera. 20  Va hasi rero wururuke, ujane na bo. Ntugire amakenga, kuko ari jewe nabatumye.» 21  Petero aca arururuka aja iyo ba bagabo bari, ababwira ati: «Uwo murondera ni jewe. Mugenzwa n’amaki?» 22  Bamwishura bati: «Twatumwe n’intwazangabo yitwa Koruneliyo+, umugabo w’umugororotsi atinya Imana kandi avugwa neza n’ihanga ryose ry’Abayuda. Imana yamubwiye biciye ku mumarayika mweranda ngo agutumeko uze iwe, yumve ivyo umubwira.» 23  Nuko abaha ikaze mu nzu, abaha n’indaro. Bukeye, aca arahaguruka ajana na bo, ari kumwe na bamwe mu bavukanyi b’i Yopa. 24  Ku musi ukurikira, ashika i Sezariya. Koruneliyo na we yari abiteze, akaba yari yakoranije incuti n’abagenzi somambike. 25  Petero yinjiye, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe aramwunamira. 26  Mugabo Petero aramuhagurutsa, amubwira ati: «Haguruka. Na jewe ndi umuntu asanzwe+ 27  Akiriko arayaga na we, arinjira asanga abantu benshi bakoranye. 28  Ababwira ati: «Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amugendere+. Ariko Imana yanyeretse ko ata muntu n’umwe nkwiye kwita “uwanduye” canke “uwuhumanye+.” 29  Ni co gituma igihe mwantumako naje ata guhigimanga. Ndabasavye rero mumbwire igituma mwantumyeko.» 30  Maze Koruneliyo amubwira ati: «Haraciye imisi ine, nariko ndasenga mu nzu iwanje. Hari nk’aya mango, nk’isaha icenda, nza mbona umuntu yambaye impuzu zakaka ahagaze imbere yanje. 31  Ambwira ati: “Koruneliyo, Imana yumvise isengesho ryawe, yibuka n’imfashanyo uha aboro. 32  Tumako rero i Yopa Simoni yitwa kandi Petero. Uyo mugabo yatse indaro ku muhinguzi w’inshato yitwa Simoni, iruhande y’ikiyaga+.” 33  Naciye rero ngutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. Ubu rero twese turi imbere y’Imana kugira twumve ibintu vyose Yehova* yagutegetse kuvuga.» 34  Petero aca atangura kuvuga, agira ati: «Ubu ndatahuye neza ko Imana itagira nkunzi+, 35  mugabo ko yemera umuntu wese ayitinya agakora ibigororotse, naho yoba ava mw’ihanga irihe+. 36  Yarungikiye ijambo ryayo Abisirayeli kugira bamenyeshwe inkuru nziza y’amahoro+ biciye kuri Yezu Kristu, kandi uwo Yezu ni we Mukama wa bose+. 37  Murazi inkuru yavugwa i Yudaya hose, ikaba yahereye i Galilaya+ inyuma y’ibatisimu Yohani yamamaza: 38  inkuru yerekeye Yezu w’i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje* impwemu nyeranda+ n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abantu bose bahahazwa na Shetani*+, kuko Imana yari kumwe na we+. 39  Turi ivyabona bishingira intahe ibintu vyose yakoze mu gihugu c’Abayuda n’i Yeruzalemu. Ariko baramwishe bamumanitse ku giti. 40  Imana yaramuzuye ku musi ugira gatatu+, ituma yiyereka* abantu. 41  Ntiyiyeretse abantu bose, ahubwo yiyeretse ivyabona Imana yagenye imbere y’igihe, ni ukuvuga twebwe abasangiye na we bakongera bakanywera hamwe amaze kuzuka mu bapfuye+. 42  Kandi yadutegetse kubwira abantu inkuru nziza no gushinga intahe bimwe bishitse*+ yuko ari we Imana yagenye ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye+. 43  Abahanuzi bose barashinga intahe+ yuko uwizera Yezu wese ababarirwa ibicumuro biciye kw’izina ryiwe+ 44  Petero akiriko aravuga ivyo bintu, impwemu nyeranda ica iza ku bantu bose bariko barumviriza iryo jambo+. 45  Abizera* bagenyerewe bari bazananye na Petero barumirwa, kuko ingabire ya gusa y’impwemu nyeranda yariko irasukwa no ku banyamahanga. 46  Emwe, barabumvise bavuga mu ndimi z’inyamahanga bongera bashimagiza Imana+. Maze Petero avuga ati: 47  «Hari uwobuza ko aba babatizwa mu mazi+ kandi baronse impwemu nyeranda nk’uko natwe twayironse?» 48  Aca ategeka ko babatizwa mw’izina rya Yezu Kristu+. Maze bamusaba kugumana na bo imisi mikeyi.

Utujambo tw'epfo

Canke «intwazangabo igaba abasoda 100.»
Wari umugwi w’ingabo z’Abaroma ugizwe n’abasoda 600.
Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
Canke «ca kintu bashiramwo ibintu.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu kigiriki havuga ngo «na wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «abonekera.»
Canke «binogangije.»
Canke «abizigirwa.»