Itanguriro 3:1-24

  • Ingene igicumuro catanguye (1-13)

    • Ikinyoma ca mbere (4, 5)

  • Yehova acira urubanza abagarariji (14-24)

    • Ubuhanuzi bujanye n’uruvyaro rwa wa mugore (15)

    • Birukanwa muri Edeni (23, 24)

3  Inzoka+ ni yo yarusha amayeri* ibindi bikoko vyose vyo mw’ishamba Yehova Imana yari yararemye. Nuko ibaza wa mugore iti: «Imana yoba yaravuze vy’ukuri yuko mudakwiye kurya ivyamwa vy’igiti na kimwe co muri iri tongo+  Umugore yishura iyo nzoka ati: «Turashobora kurya ivyamwa vy’ibiti vyo muri iri tongo+.  Mugabo ivyamwa vy’igiti kiri hagati mw’itongo+ ni vyo Imana yatubujije. Yatubwiye iti: “Ntimuze mubiryeko, ntimuze munabikoreko, ahandiho muzopfa.”»  Iyo nzoka ica ibwira uwo mugore iti: «Oya ntimuzopfa+.  Imana irazi ko umusi nyene mwabiriyeko, amaso yanyu azoca yuguruka mukamera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi+  Uwo mugore aca abona ko ivyamwa vy’ico giti biryoshe kandi bibereye ijisho. Emwe, abona ko ico giti cari giteye igomwe. Nuko yamura ivyamwa vyaco ararya+. Mu nyuma, abonanye n’umugabo wiwe, aramuhako na we nyene ararya+.  Amaso yabo aca aruguruka, batahura ko bari gusa. Baca bashona amababi y’umusukoni, bayakoramwo uduhuzu bakenyera mu mafyinga+.  Mu nyuma, bumva ijwi rya Yehova Imana ariko atembera muri iryo tongo nko ku mugoroba*. Uwo mugabo n’umugore wiwe baca binyegeza Yehova Imana mu biti vyo muri iryo tongo.  Yehova Imana aguma ahamagara uwo mugabo, avuga ati: «Uri hehe?» 10  Vyakabaye kera, yishura ati: «Numvise ijwi ryawe mw’itongo nca ngira ubwoba kuko nari gusa. Naciye ninyegeza.» 11  Na we amubaza ati: «Ni nde yakubwiye ko wari gusa+? Ubwo ntiwariye ku vyamwa vya ca giti nakubuza+ 12  Uwo mugabo yishura ati: «Wa mugore wampa ni we yampaye ku vyamwa vyaco, nanje ndarya.» 13  Yehova Imana aca abwira uwo mugore ati: «Ivyo wakoze ni ibiki?» Umugore na we yishura ati: «Inzoka yampenze, nanje ndarya+ 14  Yehova Imana aca abwira iyo nzoka+ ati: «Ko wakoze ivyo, uravumwe mu bikoko vyose vy’ibitungano no mu bikoko vyose vyo mw’ishamba. Uzogenda urakwega inda hasi, kandi uzorya umukungugu ubuzima bwawe bwose. 15  Nzoshira urwanko*+ hagati yawe+ na wa mugore+ no hagati y’uruvyaro* rwawe+ n’uruvyaro rwiwe+. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora* umutwe+, nawe uzorukomeretsa* ku gitsintsiri+ 16  Aca abwira uwo mugore ati: «Nzokwongereza cane ububabare ugira igihe wibungenze, kandi uzovyara urinze kubabara. Uzokwipfuza cane umugabo wawe, kandi na we azokuganza.» 17  Abwira Adamu* na we ati: «Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vy’igiti nari nagutegetse+ nti: “Ntuze ubiryeko”, isi iravumwe kubera wewe+. Uzorya ibiva muri yo ubanje kuruha*, ubuzima bwawe bwose+. 18  Izokumerera amahwa n’ibitovu, kandi uzorya ibiterwa vyo mw’ishamba. 19  Uzoronka ivyo urya* ubanje kubira icuya gushika usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wakuwemwo+. Uri umukungugu kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+ 20  Inyuma y’ivyo, Adamu yita umugore wiwe Eva*, kuko yobaye nyina w’abantu* bose+. 21  Maze Yehova Imana akorera Adamu n’umugore wiwe impuzu ndende z’urushato, kugira bazambare+. 22  Yehova Imana avuga ati: «Ehe wa muntu yabaye nk’umwe muri twebwe ku bijanye no kumenya iciza n’ikibi+. Ubu rero, kugira ntahave yamura n’ivyamwa vy’igiti c’ubuzima+ akabirya maze akabaho ibihe bidahera . . .» 23  Yehova Imana aca aramwirukana mw’itongo rya Edeni+ kugira aje kurima ivu yari yarakuwemwo+. 24  Nuko yirukana uwo muntu maze ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi*+ hamwe n’inkota yaka umuriro iguma izunguruka, kugira arinde inzira ija kuri ca giti c’ubuzima.

Utujambo tw'epfo

Canke «yarusha ubwenge», «yiyubara.»
Canke «nko mu gihe akayaga gatangura guhuhuta.»
Canke «uzorufyonyora.»
Canke «ruzogukomeretsa.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «inyankane.»
Iryo zina risobanura ngo «umuntu yakuwe mw’ivu», «umuntu.»
Canke «ubanje kubabara.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Iryo zina risobanura ngo «muzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «abazima.»