Abaheburayo 4:1-16

  • Akaga ko kutinjira mu karuhuko k’Imana (1-10)

  • Twinjire mu karuhuko k’Imana (11-13)

    • Ijambo ry’Imana ni rizima (12)

  • Yezu ni umuherezi mukuru akomeye (14-16)

4  Ko rero hakiriho umuhango wo kwinjira mu karuhuko kayo, tube maso* kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe aboneka ko atabereye uwo muhango+.  Kuko na twebwe twamenyeshejwe inkuru nziza+ cokimwe na bo. Mugabo ijambo bumvise nta co ryabamariye, kubera ko batagize ukwizera cokimwe n’abumvirije.  Twebwe abizeye turinjira koko muri nya karuhuko. Ku bijanye n’ako karuhuko yavuze iti: «Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+”», naho ibikorwa vyayo vyarangiye kuva isi ishingwa+.  Kuko ahantu hamwe yavuze ivy’umusi ugira indwi iti: «Maze ku musi ugira indwi, Imana iruhuka ibikorwa vyayo vyose+  Ng’aha na ho yongera kuvuga ngo: «Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+  Ko rero bigishoboka ko hagira abinjira muri ako karuhuko, kandi abo inkuru nziza yamenyeshejwe ubwa mbere bakaba batakinjiyemwo kubera ukugambarara+,  haciye igihe kirekire Imana yarongeye gushinga umusi kanaka mu kuvuga muri zaburi ya Dawidi ngo: «Uyu musi.» Nk’uko vyamaze kuvugwa, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima+  Kuko iyo Yosuwa+ abinjiza ahantu h’akaruhuko, Imana ntiba yaravuze mu nyuma ivy’uwundi musi.  Haracasigaye rero akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana+. 10  Kuko umuntu yinjiye mu karuhuko k’Imana aba na we nyene aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’uko Imana yaruhutse ivyayo+. 11  Dukore uko dushoboye kwose rero ngo twinjire muri ako karuhuko, kugira ntihagire n’umwe akurikira iyo ngendo* yo kugambarara+. 12  Kuko ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ububasha+. Rirakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose ikarishe impande zompi*+ kandi ririnjira gushika aho ritandukanya ubuzima n’impwemu*, rigatandukanya ingingo n’umusokoro. Rirashobora no gusuzuma* ivyiyumviro n’imigambi vy’umutima. 13  Kandi nta kiremwa na kimwe gihishijwe imbere yayo+. Ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro imbere y’uwuzotubaza ivyo twakoze+. 14  Ko rero dufise umuherezi mukuru akomeye yinjiye mw’ijuru, ari we Yezu Umwana w’Imana+, tugume tuvuga ku mugaragaro ko tumwizera+. 15  Kuko umuherezi mukuru dufise atari umuherezi adashobora gutahura ubugoyagoye bwacu*+. Ahubwo dufise umuherezi mukuru yagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo akaba atagira igicumuro+. 16  Twegere rero intebe y’ubuntu buhebuje* bw’Imana dufise umwidegemvyo wo kuvuga+, kugira tugirirwe imbabazi turonke n’imfashanyo ku gihe kibereye biciye ku buntu bwayo buhebuje.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «dutinye.»
Canke «ako karorero.»
Canke «y’ubugi bubiri.»
Canke «gutahura.»
Canke «kubabarana natwe mu bugoyagoye bwacu.»