Kuvayo 6:1-30

  • Imana yongera kubasezeranira ko izobarokora (1-13)

    • Ntibari bazi insobanuro yuzuye y’izina rya Yehova (2, 3)

  • Amamuko ya Musa na Aroni (14-27)

  • Musa asabwa gusubira kwa Farawo (28-30)

6  Nuko Yehova abwira Musa ati: «Ubu rero ugira ubone ico nzokorera Farawo+. Ukuboko kwanje gukomeye kuzotuma abarekura. Emwe, ukuboko kwanje gukomeye kuzotuma abirukana mu gihugu ciwe+  Imana yongera kubwira Musa iti: «Ndi Yehova.  Igihe niyereka Aburahamu, Izahaki na Yakobo, narabahishuriye ko ndi Imana Mushoboravyose+, ariko sinabahishuriye insobanuro yuzuye y’izina ryanje Yehova+.  Naragiraniye kandi isezerano na bo ry’uko nzobaha igihugu ca Kanani babayemwo ari abanyamahanga+.  Ubu rero numvise ukuniha kw’Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, nca nibuka isezerano ryanje+.  Bwira rero Abisirayeli uti: “Ndi Yehova. Nzobakiza ibikorwa biruhisha Abanyamisiri babakoresha, kandi nzobakura mu buja bwabo+. Nzobarokora nkoresheje ukuboko kwanje kw’ububasha* n’ibihano bikomeye+.  Muzoba abantu banje nanje mbe Imana yanyu+. Muzomenya vy’ukuri ko jewe Yehova Imana yanyu ari jewe ndiko ndabakura mu bikorwa biruhisha Abanyamisiri babakoresha.  Nzobajana mu gihugu narahiye* ko nzoha Aburahamu, Izahaki na Yakobo, kandi nzokibaha kibe rwanyu+. Ndi Yehova+.”»  Mu nyuma, Musa ashikiriza ubwo butumwa Abisirayeli, ariko ntibamwumviriza, kubera bari bacitse intege no kubera bari barembejwe n’ubuja+. 10  Maze Yehova abwira Musa ati: 11  «Genda kwa Farawo umwami wa Misiri, umubwire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.» 12  Ariko Musa yishura Yehova ati: «Raba n’Abisirayeli banse kunyumviriza+! None Farawo yonyumviriza gute n’ingene ntazi kuvuga neza+ 13  Mugabo Yehova asubiriramwo Musa na Aroni ivyo bategerezwa kubwira Abisirayeli na Farawo umwami wa Misiri, kugira bakure Abisirayeli mu Misiri. 14  Aba ni bo bari abakuru b’imiryango yabo: abahungu ba Rubeni imfura ya Isirayeli+ bari Hanoki, Palu, Hesironi na Karumi+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Rubeni. 15  Abahungu ba Simeyoni bari Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Shawuli uwo yavyaranye n’Umunyakananikazi+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Simeyoni. 16  Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi+ hisunzwe imiryango bakomokamwo: Gerushoni, Kohati na Merari+. Lewi yabayeho imyaka 137. 17  Abahungu ba Gerushoni hisunzwe imiryango yabo bari Libuni na Shimeyi+. 18  Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+. Kohati yabayeho imyaka 133. 19  Abahungu ba Merari bari Mahili na Mushi. Iyo ni yo miryango y’Abalewi hisunzwe ukuntu ikurikirana+. 20  Amuramu arongora Yokebedi+ mushiki wa se wiwe, araheza avyara Aroni na Musa+. Amuramu yabayeho imyaka 137. 21  Abahungu ba Izihari bari Kora+, Nefegi na Zikiri. 22  Abahungu ba Uziyeli bari Mishayeli, Elizafani+ na Sitiri. 23  Aroni arongora Elisheba umukobwa wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni+. Araheza avyara Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari+. 24  Abahungu ba Kora bari Asiri, Elikana na Abiyasafu+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Kora+. 25  Eleyazari+, umuhungu wa Aroni, arongora umwe mu bakobwa ba Putiyeli, araheza avyara Finehasi+. Abo ni bo bakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango* w’Abalewi hisunzwe ukuntu ikurikirana+. 26  Aroni na Musa bavuzwe ng’aha ni bo Yehova yabwiye ati: «Nimukure Abisirayeli mu Misiri bari mu migwi*+ 27  Ni bo babwiye Farawo umwami wa Misiri ngo arekure Abisirayeli bave mu Misiri+. 28  Umusi Yehova yavugana na Musa mu Misiri, 29  Yehova yamubwiye ati: «Ndi Yehova. Bwira Farawo umwami wa Misiri ibintu vyose ndiko ndakubwira.» 30  Ariko Musa yishura Yehova ati: «Ehe sinzi kuvuga neza! None Farawo azonyumviriza gute+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Mu giheburayo havuga ngo «narahiye ndugije ukuboko.»
Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe ingabo zabo.»