Luka 7:1-50

  • Ukwizera kw’intwazangabo (1-10)

  • Yezu azura umuhungu w’umupfakazi w’i Nayini (11-17)

  • Yezu ahayagiza Yohani Umubatizi (18-30)

  • Yezu anebagura urunganwe rutagira ukwizera (31-35)

  • Umugore w’umucumuzi ababarirwa (36-50)

    • Ikigereranyo c’abantu babiri bari bafise ideni (41-43)

7  Ahejeje kubwira abantu ivyo yashaka kubabwira, aca yinjira i Kaperinawumu.  Ico gihe hari umusuku w’intwazangabo imwe yari aremvye kandi yari mu gupfa+. Iyo ntwazangabo yaramukunda cane.  Iyo ntwazangabo yumvise ivyerekeye Yezu, ica ituma abashingantahe bakeyi b’Abayuda ngo bamusabe aze gukiza uwo musuku wayo.  Baza aho Yezu ari maze baramwinginga bashimitse. Bamubwira bati: «Arabereye ko ubimukorera,  kuko akunda ihanga ryacu kandi ni we yatwubakiye isinagogi.»  Yezu aca ajana na bo. Ariko ashitse hafi y’umuhana, ya ntwazangabo ituma abagenzi kumubwira bati: «Mushinganta, ntiwirirwe urigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje+.  Ni co gituma nabonye ko ntabereye kuza aho uri. Ariko bivuge gusa, umusuku wanje arakira.  Erega na jewe ndafise abo ngamburukira, kandi ndafise n’abasoda ngaba. Iyo mbwiye umwe nti: “Genda!”, aragenda. Mbwiye uwundi nti: “Ingo!”, araza. Kandi iyo mbwiye umushumba wanje nti: “Kora iki!”, aragikora.»  Yezu yumvise ayo majambo arumirwa. Aca arahindukira, abwira isinzi ry’abantu ryariko riramukurikira ati: «Ndabibabwiye, mbere no muri Isirayeli, nta muntu afise ukwizera kungana gutya nari bwabone+ 10  Abari barungitswe n’iyo ntwazangabo basubiye muhira, basanga wa musuku yakize+. 11  Haciye igihe gitoyi, aja mu gisagara citwa Nayini, kandi yari kumwe n’abigishwa biwe n’isinzi rinini ry’abantu. 12  Yegereye irembo ry’igisagara, abona abantu batwaye umuntu yapfuye, akaba ari we mwana wenyene* nyina yari afise+. Vyongeye, yari umupfakazi kandi yari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi bavuye mu gisagara. 13  Umukama amubonye, amutera ikigongwe+, aca amubwira ati: «Reka kurira+ 14  Aca aregera akora ku nderuzo, abayiteruye baca barahagarara. Maze avuga ati: «Musore, ndabikubwiye: Haguruka+ 15  Wa muntu yari yapfuye aca aricara, atangura kuvuga. Yezu aca amuha nyina+. 16  Bose baca batekerwa n’ubwoba, batangura kuninahaza Imana, bavuga bati: «Habonetse umuhanuzi akomeye muri twebwe+», kandi bati: «Imana yitayeho abantu bayo+ 17  Iyo nkuru imwerekeye ica ikwiragira i Yudaya hose no mu karere kose kahakikuje. 18  Abigishwa ba Yohani baraheza biganira Yohani ivyo bintu vyose+. 19  Yohani aca ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma kubaza Umukama bati: «Woba uri umwe twari twiteze+, canke turindire uwundi?» 20  Bashikiriye Yezu, bamubwira bati: «Yohani Umubatizi adutumye tukubaze ngo: “Woba uri umwe twari twiteze, canke turindire uwundi?”» 21  Muri uwo mwanya nyene, aca akiza abantu benshi indwara+, izikomeye n’izidakomeye, yirukana impwemu mbi yongera atuma impumyi nyinshi zisubira kubona. 22  Aca abishura ati: «Genda mubwire Yohani ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi ubu zirabona+, abacumbagira baratambuka, abanyamibembe barahumanurwa, abatumva barumva+, abapfuye barazurwa kandi abakene barabwirwa inkuru nziza+. 23  Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje+ 24  Abo bagabo Yohani yatumye bamaze kugenda, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+? 25  None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu nzizanziza*+? Erega abambara impuzu nzizanziza kandi bibera mu bihinda bari mu nzu z’abami. 26  None vy’ukuri mwagiyeyo kuraba iki? Kuraba umuhanuzi? Emwe ndabibabwiye, mbere araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 27  Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+.” 28  Ndabibabwiye, mu bantu bose babayeho* nta wuruta Yohani. Ariko umuntu mutoyi mu Bwami bw’Imana aramuruta+ 29  (Abantu bose n’abatozakori bavyumvise, baca batangaza ko Imana igororotse, kuko bari babatijwe ibatisimu ya Yohani+. 30  Ariko Abafarizayo n’abahinga b’amategeko baranse impanuro y’Imana ku biberekeye+, kuko batari babatijwe na Yohani.) 31  Yezu abandanya kuvuga ati: «Mbega abantu b’iki gihe* ndabagereranye na bande? Bameze nka bande+? 32  Bameze nk’abana bicaye mw’isoko, basemerera babwirana bati: “Twabavugirije umwironge ariko ntimwatamvye. Twaboroze ariko ntimwarize.” 33  Muri ubwo buryo nyene, Yohani Umubatizi yaje atarya umukate kandi atanywa umuvinyu+, ariko muvuga ngo: “Arimwo idayimoni.” 34  Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, ariko muvuga ngo: “Ng’uyu umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+!” 35  Ariko ubukerebutsi bubonekera ku bikorwa vyabwo vyose*+ 36  Umwe mu Bafarizayo aguma atumira Yezu ngo aze gufungura muhira iwe. Yezu aca yinjira mu nzu iwe, araheza yicara ku meza. 37  Maze umugore yari azwi ko ari umucumuzi muri ico gisagara, amenya ko Yezu yariko arafungura* mu nzu y’uwo Mufarizayo, aca azana agacupa* karimwo amavuta amota neza+. 38  Hanyuma aja inyuma ku birenge vyiwe, atangura kurira. Aza arajobeka ibirenge vya Yezu n’amosozi yiwe, akaza arabihanaguza imishatsi yiwe. Vyongeye, yaza arasomana ikibabarwe ibirenge vya Yezu, kandi akabisukako ya mavuta amota neza. 39  Wa Mufarizayo yamutumira abibonye, aca yibwira ati: «Iyaba uwu muntu ari umuhanuzi vy’ukuri, yari kumenya uwu mugore ariko aramukorako uwo ari we n’ingene ameze, akamenya ko ari umucumuzi+ 40  Ariko Yezu amwishura ati: «Simoni, hari ikintu nshaka kukubwira.» Na we ati: «Mwigisha, mbwira!» 41  Yezu aca avuga ati: «Abantu babiri bari bafitiye ideni umuntu: umwe yari amufitiye idenariyo* 500, uwundi na we 50. 42  Babuze ico bamwishura, bose yaciye abahebera ideni bamufitiye*. None muri abo babiri wumva ari nde azomukunda cane?» 43  Simoni amwishura ati: «Nibaza ko ari uwo yahebeye ideni rinini.» Yezu aca amubwira ati: «Wishuye neza.» 44  Aca arahindukira araba uwo mugore, maze abwira Simoni ati: «Urabona uyu mugore? Igihe ninjira mu nzu yawe, nta mazi wampaye yo kunyoza ibirenge. Ariko uyu mugore yatotesheje ibirenge vyanje amosozi yiwe, aca abihanaguza umushatsi wiwe. 45  Ntiwansomye, ariko kuva ninjiye ng’aha, uyu mugore yagumye asomana ikibabarwe ibirenge vyanje. 46  Ntiwansutse amavuta ku mutwe, ariko uyu mugore yasutse amavuta amota neza ku birenge vyanje. 47  Ku bw’ivyo, ndakubwiye ko ababariwe ibicumuro vyiwe naho ari vyinshi*+, kuko yerekanye urukundo rwinshi. Ariko uwubabariwe bike, yerekana urukundo ruke.» 48  Yezu aca abwira uwo mugore ati: «Ibicumuro vyawe birababariwe+ 49  Abari bicaranye na we ku meza baca batangura kubwirana bati: «Uyu muntu ni nde ku buryo ababarira n’ibicumuro+ 50  Mugabo abwira uwo mugore ati: «Ukwizera kwawe kuragukijije+. Niwigire amahoro.»

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ari we mwana w’ikinege.»
Canke «zoroshe.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu bavyawe n’abagore.»
Canke «iri yaruka», «uru runganwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «icerekana ko ubukerebutsi bugororotse ni abana babwo bose.»
Mu kigiriki havuga ngo «agacupa ka alabasitironi.» Raba Insiguro y’amajambo (Alabasitironi).
Canke «yari yicaye ku meza.»
Canke «yaciye abaharira ata gahigihigi.»
Canke «naho bikomeye.»