Imigani 25:1-28

  • Kugumya ibanga (9)

  • Amajambo acaguwe neza (11)

  • Kutinjirira abandi mu buzima (17)

  • Kurunda amakara ku mutwe w’umwansi (21, 22)

  • Agakuru keza kameze nk’amazi apfutse (25)

25  N’iyi nyene ni imigani ya Salomo+, yimuwe* n’abantu ba Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda:   Ubuninahazwa bw’Imana ni ukugumiza ikintu ari ibanga+,ubuninahazwa bw’abami na bwo ni ugusuzuma ikintu bitonze.   Kurya ijuru rigera hejuru cane, n’ubwimbike bw’isi bugashika kure cane,ni ko n’ivyiyumviro* vy’umwami ata wobitahura.   Kura imicafu mw’ifeza,na yo izoheza ibe iyityoroye neza+.   Kura umubisha imbere y’umwamimaze intebe yiwe y’ubwami izohangama mu bugororotsi+.   Ntiwitere iteka imbere y’umwami+,kandi ntiwishire hamwe n’abahambaye+,   kuko yopfuma akubwira ati: «Ingo hano», hako akumaramaza imbere y’abanyacubahiro+.   Ntushingishe urubanza gihutihuti.None wokora iki hamwe mugenzawe yokumaramaza+?   Genda mubiyage na mugenzawe+,ariko ntuhishure ivyo wabwiwe mw’ibanga*+, 10  kugira ngo uwukwumviriza ntakumaramazecanke ngo usange wakwiragije amajambo mabi* udashobora kugarura. 11  Ijambo rivuzwe ku gihe kibereye+rimeze nk’amapome y’inzahabu ari mu dusharizo tw’ifeza. 12  Ku muntu yakira neza impanuro+, umuhanuzi mwizaameze nk’ihereni ry’inzahabu n’agasharizo k’inzahabu nzizanziza. 13  Kurya kw’akabeho k’urubura* mu gihe c’iyimbura,ni ko n’intumwa yizigirwa imeze ku wayitumye,kuko iruhurira shebuja+. 14  Umuntu yiratira ingabire atigeze atanga*+ameze nk’ibicu n’umuyaga bitarimwo imvura. 15  Ukwihangana kurashobora kugondoza umuntu afise ububasha*,kandi amajambo y’ubwitonzi arashobora kumena igufa+. 16  Niwaronka ubuki, urarya ubwo ukeneye gusa,kuko niwarya bwinshi uzobudahwa+. 17  Ntiwamize ikirenge cawe mu nzu ya mugenzawe,kugira ntuhave umurambira maze akakwanka. 18  Uwagiriza ibinyoma mugenziwe+ameze nk’ubuhiri* n’inkota be n’umwampi usongoye. 19  Kwizigira umuntu atari umwizigirwa* mu gihe c’amagorwabimeze nko guhekenya n’iryinyo rivunitse canke gutambuka n’ikirenge kimugaye. 20  Kuririmbira umuntu atuntuye ku mutima+,ni nko kwambura impuzu mu gihe c’imbehocanke gusuka inkarihe ku munyu witwa alikali*. 21  Nimba umwansi wawe ashonje, numuhe ico arya.Nimba anyotewe, numuhe amazi yo kunywa+, 22  kuko uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe*+,kandi Yehova azogushimira. 23  Umuyaga wo mu buraruko uzana imvura,ururimi ruvuga urusaku na rwo rukazana ishavu+. 24  Wopfuma wibera mu mfuruka y’igisenge c’inzu,hako ubana mu nzu imwe n’umugore w’amahane*+. 25  Agakuru keza kavuye mu gihugu ca kurekameze nk’amazi apfutse ku muntu arushe+. 26  Umugororotsi yemera kwoshwa* n’umubishaameze nk’iriba ryuzuye urwondo be n’isoko ricafuye. 27  Si vyiza kurya ubuki bwinshi cane+,kandi si vyiza kwironderera ubuninahazwa+. 28  Umuntu adashobora gucungera ishavu ryiwe+ameze nk’igisagara babomoye kigasigara kitagira uruhome.

Utujambo tw'epfo

Canke «yegeranijwe.»
Canke «umutima.»
Canke «ntuhishure amabanga y’abandi.»
Canke «urusaku rubabaza.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «ingabire y’ikinyoma.»
Canke «kugondoza umukomanda.»
Canke «ubuhiri bw’intambara.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umuntu w’umuhemu.»
Ni ibintu bimeze nk’umunyu bakoresha mu kumesa no mu kwoza ibintu.
Ni ukuvuga gutuma uwo muntu yoroha nk’aho woba ushongesheje ishavu ryiwe.
Canke «aguma atorana amahinyu.»
Canke «yemera kwumvikana.» Mu giheburayo havuga ngo «agenda aradandabagirana imbere.»