Abakorinto ba mbere 5:1-13

  • Umuntu yakoze ubusambanyi (1-5)

  • Akambiro gakeyi kambira igikandu cose (6-8)

  • Gukura umubisha mw’ishengero (9-13)

5  Mu vy’ukuri muri mwebwe haravugwa ubusambanyi*+ butanavugwa mu mahanga, kubona hari umuntu yatwaye* mukase+.  Aho rero muravyishimiye? Nagira mwari mukwiye kubabara cane+, mugakura muri mwebwe uwakoze ico kintu+?  Naho tutari kumwe imbonankubone, mu mpwemu turi kumwe, kandi ndamaze gucira urubanza uwakoze ivyo nk’aho noba ndi hiyo vy’ukuri.  Ko muzi yuko turi kumwe mu mpwemu kandi nkaba mfise ububasha nahawe n’Umukama Yezu, nimwakoranira hamwe mw’izina ry’Umukama wacu Yezu,  muze muhe Shetani+ uwo muntu kugira umubiri utikizwe, maze impwemu izokizwe ku musi w’Umukama+.  Ukwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuko akambiro gakeyi kambira* igikandu cose+?  Nimukureho umwambiro ushaje kugira mube igikandu gishasha, kubera ko musanzwe mutarimwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu we mwagazi w’intama wacu wa Pasika+ yatanzwe nk’ikimazi+.  Nuko rero duhimbaze uwo musi mukuru*+, tudakoresheje umwambiro ushaje canke umwambiro w’ububi n’ububisha, ahubwo dukoresheje imikate itambiye, itarimwo uburyarya kandi y’ukuri.  Mw’ikete nabandikiye, nabasavye kureka kwifatanya n’abasambanyi*. 10  Sinashaka kuvuga kutifatanya na gato n’abasambanyi* bo muri iyi si+ canke abanyamunoho canke abambuzi canke abasenga ibigirwamana. Ahandiho mwotegerezwa kuva mw’isi+. 11  Ariko ubu ndabandikiye ngo mureke kwifatanya+ n’uwo wese yitwa umuvukanyi mugabo akaba ari umusambanyi* canke umunyamunoho+ canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa+ canke umwambuzi+. No gusangira ntimugasangire. 12  Kubera iki nocira urubanza abo hanze y’ishengero? Mbega si mwebwe mucira urubanza ab’indani, 13  Imana na yo ikarucira abo hanze+? «Nimukure uwo mubisha muri mwebwe+

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «afise.»
Canke «kavyimbisha.»
Ni umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro.
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).