Abakorinto ba mbere 11:1-34

  • «Munyigane» (1)

  • Ubukuru no kwitwikira umutwe (2-16)

  • Guhimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (17-34)

11  Munyigane nk’uko nanje nigana Kristu+.  Ndabakeza rero kubera ko munzirikana muri vyose kandi mukaguma mukurikiza ivyo nabashikirije, kurya nyene nabibashikirije.  Mugabo nshaka ko mumenya yuko uwugaba* umugabo wese ari Kristu+, uwugaba* umugore ni umugabo+, uwugaba* Kristu na we ni Imana+.  Umugabo wese asenga canke avuga ubuhanuzi yitwikiriye umutwe aba amaramaje uwumugaba*.  Mugabo umugore wese asenga canke avuga ubuhanuzi+ adatwikiriye umutwe, aba amaramaje uwumugaba* kuko ata ho yoba ataniye n’umugore afise umutwe umoye.  Umugore atitwikiriye, namweshe umushatsi. Mugabo nimba ari agaterasoni ku mugore kwimosha canke kwiharanguza, niyitwikire.  Umugabo ntakwiye kwitwikira umutwe kubera ari ishusho y’Imana+ n’ubuninahazwa bwayo, mugabo umugore ni ubuninahazwa bw’umugabo.  Kuko umugabo atavuye mu mugore, ahubwo umugore ni we yavuye mu mugabo+.  Vyongeye, umugabo ntiyaremwe kubera umugore, ahubwo umugore yaremwe kubera umugabo+. 10  Ni co gituma umugore abwirizwa kuba afise ku mutwe ikimenyetso c’uko agamburuka ubukuru, kubera abamarayika+. 11  Vyongeye, mu bigishwa b’Umukama, nta mugore abaho hatariho umugabo kandi nta mugabo abaho hatariho umugore. 12  Kuko, nk’uko umugore ava mu mugabo+, ni ko n’umugabo abaho biciye ku mugore, mugabo ibintu vyose biva ku Mana+. 13  Nimuruce namwe ubwanyu: mbega birabereye ko umugore asenga Imana atitwikiriye? 14  Mbega muravye uko turemwe, ntibibigisha yuko iyo umugabo afise umushatsi muremure biba biteye isoni, 15  mugabo ko iyo umugore afise umushatsi muremure, bimutera iteka? Umushatsi yawuhawe mu kibanza c’ikintu yitwikira mu mutwe. 16  Ariko nimba hari uwushaka gushigikira uwundi mugenzo kanaka, nta wundi dufise, n’amashengero y’Imana ni ukwo. 17  Mugabo mu kubaha aya mabwirizwa sindabakeza, kuko iyo mukoraniye hamwe ata vyiza bibazanira, ahubwo bibagirira nabi. 18  Ubwa mbere hoho, amatwi ansumira ngo iyo mukoraniye hamwe mw’ishengero muricamwo ibice, kandi ku rugero kanaka ivyo ndavyemera. 19  Kuko hatazobura kubaho utugwi muri mwebwe+, kugira abemerwa n’Imana bibonekeze. 20  Igihe mukoraniye hamwe, mu vy’ukuri si ukugira murye imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba+. 21  Kuko hageze ko muzirya, umwe wese abanza kurya imfungurwa zo ku mugoroba ziwe bwite, ku buryo umwe aba ashonje mugabo uwundi aborewe. 22  Mbega nta mazu yo kuriramwo no kunyweramwo mufise? Canke murasuzugura ishengero ry’Imana mukamaramaza abatagira ikintu na kimwe? Mbega ndababwire iki? Ndabakeze? Muri ivyo sindabakeza. 23  Kuko ico nahawe n’Umukama ari co nanje nabahereje: mw’ijoro+ Umukama Yezu yagira agurishwemwo*, yatoye umukate 24  hanyuma amaze gukenguruka arawumanyagura, avuga ati: «Uyu mukate ugereranya umubiri wanje+ utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+ 25  Bahejeje kwihereza imfungurwa*, abigenza gutyo nyene no ku gikombe+. Avuga ati: «Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha+ rizokwemezwa n’amaraso yanje+. Muragume mugira ibi igihe cose muzokinywako, mu kunyibuka+ 26  Kuko igihe cose muriye uyu mukate mukanywa no kuri iki gikombe, muguma mutangaza urupfu rw’Umukama, gushika aje. 27  Uwo wese rero arya ku mukate canke anywa ku gikombe c’Umukama mu buryo butabereye, azoba acumuye ku mubiri n’amaraso vy’Umukama. 28  Umuntu wese nabanze arabe ko abereye amaze kwisuzuma neza+, abe ari ho abona kurya ku mukate no kunywa ku gikombe. 29  Kuko uwurya akongera akanywa kandi adatahura insobanuro y’umubiri, aba ariye kandi anyoye urubanza rumutsinda. 30  Ni co gituma benshi muri mwebwe bagoyagoya, bakarwara, n’abatari bake bakaba basinziriye mu rupfu*+. 31  Mugabo twisuzumye neza, ntitwocirwa urubanza. 32  Ariko iyo duciriwe urubanza, tuba dutojwe indero na Yehova*+, kugira ntidutsindirwe hamwe n’isi+. 33  Nuko rero bavukanyi, iyo mukoraniye hamwe ngo murye izo mfungurwa, nimube murindirana. 34  Nimba hari uwushonje, nafungure muhira iwe, kugira ngo iyo mukoraniye hamwe ntimucirwe urubanza+. Mugabo ibisigaye nzobitunganya ninashika hiyo.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe wiwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe wiwe.»
Canke «ahemukirwe.»
Canke «imfungurwa zo ku mugoroba.»
Biboneka ko ari urupfu rwo mu vy’impwemu.